Aubry Junior Ministries

Aubry Junior Ministries I'm a Preacher Of the Word
I'm a Pastor

My Family is "Spirit Of Heaven Ministries"

Permanently closed.
ShalomUku kwezi kwa kane kuzobabera kwiza mw'Izina rya Yesu Kristo.Murarinzwe kandi murazigamwe,amahoro y'Uhoraho aze ya...
03/04/2024

Shalom

Uku kwezi kwa kane kuzobabera kwiza mw'Izina rya Yesu Kristo.

Murarinzwe kandi murazigamwe,amahoro y'Uhoraho aze yamane namwe.

Shalom ShalomUku niko gahunda ya Tournés Yama Groupe Biblique iteguwe mu karere ka Carama.Wiga kuri iryo shure canke uhe...
25/01/2024

Shalom Shalom

Uku niko gahunda ya Tournés Yama Groupe Biblique iteguwe mu karere ka Carama.

Wiga kuri iryo shure canke uhegereye tegekanya kubana natwe.

Stay Blessed

Happy Birthday to me😂IMANA Yabaye iyo Kwizerwa.
15/01/2024

Happy Birthday to me😂
IMANA Yabaye iyo Kwizerwa.

Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk'uko yabigomvye bikayihimbara:Abanyefeso 1:5
18/12/2023

Kuko yagabiye kera ko duheshwa na Yesu Kristo gucika abana bayo kubgayo, nk'uko yabigomvye bikayihimbara:
Abanyefeso 1:5

Amahoro cane.Reka ndabasangize iyi nkuru!Umunsi umwe nagiye Gusengera ahantu, aho hantu hari ishamba rinini kandi ririmw...
12/12/2023

Amahoro cane.

Reka ndabasangize iyi nkuru!

Umunsi umwe nagiye Gusengera ahantu, aho hantu hari ishamba rinini kandi ririmwo ivyatsi vyinshi binini(birebire)...Uri hagati muri iryo shamba ntiwashobora kuboneka kubera ivyo vyatsi.

Narasenze umwanya utari muto hama mpejeje nca numva agatiro karaje nca ndasinzira...Muri uwo mwanya nyene nkiryama hari aba Maman babiri umwe yarahetse umwana bariko baca muri iryo shamba baza babona ikintu kiryamye hasi baca basubira inyuma biruka kubera ubwoba.

Begeye kure yahondi numva amajwi y'abantu bariko bavuga ngo irya n'inzoka abandi ngo oya n'umurozi...
Nca ndavyuka mbona abantu birutse nanje ndahamagara baranka guhagarara.

Icantanganje nikihe?
Uyo mu Maman yarahetse umwana habuze gato arekurire umwana wiwe hasi kubera ubwoba.

Naciye nandika hasi nti:"Bose bompeba,Bose bonta ariko IMANA Izohorana nanje ibihe vyose".

Mukundwa IMANA Irikumwe nawe.

Amahoro cane Bakundwa,Iyi message ndayanditse ku bwantu.Part 1: kuba Déterminer (Kwiyemeza).Maze imyaka 7 nakiriye Yesu ...
13/10/2023

Amahoro cane Bakundwa,
Iyi message ndayanditse ku bwantu.

Part 1: kuba Déterminer (Kwiyemeza).

Maze imyaka 7 nakiriye Yesu hama kandi maze imyaka 3 mu muhamagaro rero ndafise bike muvyo maze kwiga kuvyerekeye kuba déterminer.

Kuba Déterminer n'ikintu kigoye kandi cane kuruta nuko wovyibaza...nanje ubwanje simfise ukuntu nogutahuza uburemerezi bwavyo.

Kuba Déterminer bishobora bake,ndasubiramwo kandi "bishobora bake",Benshi barabitangura ariko babivamwo kare.

Ijambo ry'Imana rivuga ngo ni benshi batowe ariko abatoranijwe ni bake.Matayo 22:14.

Ubu aho ngeze nogerageza gusigura ico bita kuba Déterminer mu gikorwa c'Imana.

-Baranciye intege kenshi gashoboka ariko sinabivamwo

-Narabuze abantu nita Abizigirwa kuri jewe ariko sinabivamwo

Ni vyinshiii canee vy'agaciro nabuze ndarira,ndababara ariko sinabivamwo.

Nshaka ku kwigishako:

1.Kuvuga indimi zitamenyekana siko kuba Déterminer

2.Gusenga minsi yose siko kuba Déterminer

Oyaaaaaaah kuba Déterminer n'ikintu kiri hejuru yivyo cane.

Uripfuzako mbandanya?

Mutegerezwa Gusenga.
07/10/2023

Mutegerezwa Gusenga.

Ndaha agaciro buri mutima wose umenetse🙇Ndaha agaciro buri ryosozi ryose rikorotse😭ivyo ndabiha agaciro mu buryo bwose b...
27/09/2023

Ndaha agaciro buri mutima wose umenetse🙇Ndaha agaciro buri ryosozi ryose rikorotse😭ivyo ndabiha agaciro mu buryo bwose bushoboka🙇kuko ivyo nanje birashikira🙇Mana Yanje nanubu Ndacakunyotewe.

Barapfukama🧎‍♂️,Bararyama hasi🙇...Nanje sinzi ukuntu baba bariko bariyumva😭ariko ico nyene gituma baryama hasi nanje kirabintuma😭Ego ndaryama hasi🙇Mana Yanje Uracafise guhitamwo jewe.

Muri Commentaire uti:"Uracafise guhitamwo jewe".

DISTANCE IS NOT A BARRIERMukundwa iki gikorwa ndagikora gake ariko iyo ndinze ndagikora haba hariho umuntu agira atabarw...
23/09/2023

DISTANCE IS NOT A BARRIER

Mukundwa iki gikorwa ndagikora gake ariko iyo ndinze ndagikora haba hariho umuntu agira atabarwe[Yishurwe] bishoboka ko ari wewe.

Ni ku munsi w'ejo isaha zitatu z'ijoro[21h00] nzoba ntanguye kw'igisha ijambo kandi nongere Nsengere umuntu wese aho aherereye hose.

Mukundwa aho uri hose uzokwishurwa mw'izina rya YESU wewe nabawe bose.

Tegura Téléphone yawe canke Ordinateur yawe kandi wongere wiyegereze ico ushaka ko nzogusengera canke uwo nzosengera.

Iri Sengesho numvise no ribahereza."MANA Yanje ibi ntibiri mu vyo nkekeranya🙇Ukubaho kwanje kose ni wewe😭nta nguvu mfise...
21/09/2023

Iri Sengesho numvise no ribahereza.

"MANA Yanje ibi ntibiri mu vyo nkekeranya🙇Ukubaho kwanje kose ni wewe😭nta nguvu mfise zo guhagarika aya marira mfise ariko MANA Yanje mpoza imbere yawe igihe cose🥹ubugombe bwanje ni wewe kandi MANA ivyo Urabizi neza😭nimba hariho uwo uriko urarondera wo kugukorera mu buryo wipfuza ndi hano wese nibinyerekeye vyose😭MANAAA hitamwooo Jeweee.

For the Lord taketh pleasure in his people:he will beautify the meek with salvation.Psaume 149:4
16/09/2023

For the Lord taketh pleasure in his people:he will beautify the meek with salvation.
Psaume 149:4

Kimwe mu bintu ntigera nibagira nuko "Ndi Umuhungu Wumunyamahirwe"
10/09/2023

Kimwe mu bintu ntigera nibagira nuko "Ndi Umuhungu Wumunyamahirwe"

Address

Kibenga
Bujumbura

Telephone

+25762296026

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Aubry Junior Ministries posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share