Ubutumwa Bwiza bw'Ubwami - Ikanguro n'Ubugorozi

Ubutumwa Bwiza bw'Ubwami - Ikanguro n'Ubugorozi Menya Ubutumwa Bwiza bw'Ubwami

14/06/2025

Mention spéciale à mes nouveaux(elles) super fans ! Muhanuzi Omer King

Icigwa:
07/09/2024

Icigwa:

« IBIRANGA ANTIKRISTO » (Ubukristo)1️⃣  INTANGAMARARA>👉 (1YOHANA 2:18-22)👉 Ubu turi mu gihe c'iherezo kuko Antikristo ya...
06/05/2023

« IBIRANGA ANTIKRISTO » (Ubukristo)

1️⃣ INTANGAMARARA

>
👉 (1YOHANA 2:18-22)

👉 Ubu turi mu gihe c'iherezo kuko Antikristo yaraje.

👉 Ba Antikristo benshi baramaze guseruka ariko ntibarahishuka.

👉 Antikristo ni uwo wese ahakana ko Yesu atari Kristo canke yigisha ibinyoma.

👉 Antikristo avanga ukuri n'ibinyoma mu vyo yigisha vyose.

⭕ Ico mwomenya, n'uko Antikristo aracakorera mw'ibanga, ntarahishurwa ! Ariko abagize ubwenge bo baramaze kumumenya !!!!😃😃😃

2️⃣ IBIRANGA ANTIKRISTO 👇👇👇

1) Aganziriza hamwe n'ama Leta z'isi.

2) Yaratsinze yongera arahonya aba Oestrogoth, aba Vandal n'Aba Herules, ingoma yiwe iraheza irakomera cane.

3) Kubera amayeri yiwe, uburyarya n'ubwiyorobetsi bwiwe bituma ama politike n'Ama Leta yose yo kw'isi amuyoboka kandi akamwubaha cane.

4) Arakora ibitangaza vyinshi vy'ibinyoma yitwaje Bibiliya.

5) Afise ubutegetsi buruta ubw'abami kubera intebe yicayeko yayihawe na Satani.

6) Afise imvugo yoroshe ihindagurika ariko irimwo kwiyorobeka.

7) Intwaro yiwe n'ukuganza kwiwe azovyakwa imbere y'uko umuhero uza.

8) Afise Amazina yo gutyoza, gutuka Imana no kuyirogotako.

9) Afise urwanko mu mutima wiwe rumutuma ahama abantu b'Imana akabatikiza.

10) Yarwanije Ivyagezwe vy'Imana bimwe bimwe aranabihindura.

11) Yarwanije abera imyaka 1260.

12) Yashinze Ivyagezwe bidakiza uwuvyizeye.

13) Afise inyigisho wogira ngo ni ukuri ariko ari ibinyoma gusa.

14) Inyigisho ziwe ziboreza nka vino y'umubira, yarazisomeje yongera arazinywesha amahanga yose none araborewe.

15) Arazi kunyegeza uburyarya bwiwe mu mvugo no mu nyambaro.

16) Yiteguriye gushinga ikiruhuko kimwe mu ndwi ku baba kw'isi yose ; abazovyanka bamwe bazokwicwa abandi bapfungwe abandi bahabwe ibikoko vyo mw'ishamba abandi bangazwe !!!

>

Bari Bene so b'Abavugabutumwa bwiza bw'ikanguro n'ubugorozi.
Mufise ico mubaza, canke mwipfuza kudushikiriza ivyiyumviro vyanyu;

Mwotwandikira kuri Email yacu :
.com

« Tunabahaye ikaze aho dusengera kugira muze dusangirire hamwe umugisha w' Imana, Turuhuka (Samedi) , duteranira hano i mu kigo ca Héritage kiri epfo y' isoko kwa Siyoni iruhande ya CENI isaha dutangurirako amateraniro ni saha zibiri ni minota mirongo itatu (8h30) N' akanya keza Imana itwigishirizamwo ibikiza imibiri n' imitima yacu. Mwese murahawe ikaze mw' ishengero ry' Imana bur' igihe twishimira kubana namwe. Imana nyene amaho irusheho kubagirira neza ! »

Canke mutwakure kuri :
+257 69 274 426
+250 78 4379977
+257 79 951 614
+257 69 966 787
+257 75 725 323
+257 71 885 386
+257 75 212 763

« AKAMARO K'UMWEMBE «Mangifera indica» Santé (Kwitungira amagara mazima)1️⃣  INTANGAMARARA5️⃣ GUSOZERA ICIGWA
06/05/2023

« AKAMARO K'UMWEMBE «Mangifera indica» Santé (Kwitungira amagara mazima)

1️⃣ INTANGAMARARA



5️⃣ GUSOZERA ICIGWA

27/03/2023

« IGIKOKO CA MBERE MU BIKOKO BIBIRI YOHANA YERETSWE » (Ubuhanuzi)

1️⃣ INTANGAMARARA

✳️ Ijambo : "IGIKOKO" mu buhanuzi risigura "UBWAMI BUNINI KANDI BUHAMBAYE". Benshi, bivanye n'inyigisho bigishijwe, bazi ko IGIKOKO ari UMUNTU. Ariko ivyo si vyo na gato. Soma witonze: Daniyeli 7:17, IGIKOKO kivuga UBWAMI BUNINI.

✳️ Twifashisha Gitabo c'Ivyahishuriwe YOHANA, Ikigabane ca 13 kuva ku murongo wa mbere, havugwamwo IGIKOKO ca mbere n'ibikiranga vyose.

✳️ > 👉(DANIYELI 12:4)

2️⃣ IBIRANGA ICO GIKOKO CA MBERE 👇👇👇

(IVYAHISHURIWE YOHANA 13:1-10)

▪️ IGIKOKO CIBURUKA KIVA MU KIYAGA 👇👇👇

👉 Igikoko: UBWAMI BUNINI (Daniyeli 7:17; 23)

👉 Ikiyaga: N'ABANTU BENSHI (Ivyahishuriwe Yohana 17:15)

👁️ Ubwami bwatowe bushimwa n'amakungu kugira buganze.

👉 Amahembe cumi: IBIHUGU 10 VYAGANZIRIZA HAMWE N'UBWO BWAMI BUNINI 👇👇👇

1)👉UBUFARANSA

2)👉UBUTALIYANO

3)👉UBUSUPANYORO

4)👉UBUPOROTIGARI

5)👉UBUDAGI

6)👉UBUSWISE

7)👉UBWONGEREZA

8)👉UBUVANDARI

9)👉UBU OESTROGOTI

10)👉UBUHERURE

▪️ Ubwo BWAMI BUNINI ni ROMA ifatanye n' UBUDAGI
===> SAINT EMPIRE ROMAIN-GERMANIQUE

👉 Imitwe indwi: IMISOZI INDWI ROMA YUBATSEKO 👇👇👇

1)👉VIMINAL

2)👉ESQUILIN

3)👉AVENTIN

4)👉CAELIUS

5)👉PALATIN

6)👉QUIRINAL

7)👉CAPITOLE: Aha niho hubatse igisagara ca VATIKANI: 44Hectares

Imitwe indwi: Soma (Ivyahishuriwe Yohana 17:9)

👉 Imigara cumi: N'INGANJI Y'ABAMI B'IVYO BIHUGU CUMI

👉 Amazina y'amarogotano: N'AMAZINA ABO BAMI BIYITA ARIKO ARI AY'IMANA

Akarorero: Révérend, Musenyeri, Bishop, Lord, Papa, Data Yera( Patiri), Père Blanc etc...

👉 IGIKOKO CASA N'INGWE: N'UBWAMI BW'UBUGIRIKI: GUSA N'INGWE N'UKWIYOROBEKA

👉 AMAJANJA YACO AMEZE NK'AY'IDUBU: UBWAMI BW'ABAPERESI N'ABAMEDI: BWARI BUFISE INGENDO Y'UBUGIZI BWA NABI CANE.

👉 AKANWA KACO NGO KASA N'AK'INTAMBWE: UBWAMI BW'IBABULONI: N'AMATEGEKO ADAHINDUKA KANDI Y'ITERABWOBA UBWO BWAMI BUFISE.

👉 IGISATO GIHA UBUBASHA NO KUJA KU NGOMA N'UBUTWARE CA GIKOKO: SATANI NIWE AHA UBUTWARE N'UBUDAHANGARWA ROMA NKIRISTU: Umwami atwara ubwo bwami avuga irya nyuma kandi atwarira ku mategeko atandukanye n'ay'Imana Rurema.

Akarorero: Uwo Mwami yicaye mu murwa mukuru wa Satani yashinze Dimanche ariko Imana yoyo yashinze ISABATO.

3️⃣ IVY'UGUKOMEREKA URUGUMA RWICA 👇👇👇

▪️ Kuva mu mwaka wa 538, Ubupapa bwahawe inganji n'icubahiro cinshi; ico gihe bwari buhejeje gutsinda no gukomvomvora aba Antipas bose bo mu bwami butatu bwiyamirije umuzo n'ivyipfuzo vy'Ubupapa.

▪️ Kuva ico gihe; n'ukuvuga kuva mu mwaka wa 538 gushika 1798, cabaye igihe kibi co kwicwa ku bahakana Izo nyigisho mbi z'ibinyoma za Roma, na yo ica itangura kubica ikuzako gushika haheze IMYAKA 1260.

▪️ Muri 1798, mu gihugu c'Ubufaransa, ku ntwaro y'Umwami w'Abami Napoléon BONAPARTE, habaye ubwicanyi bukorewe Abaporoti mu gisagara citwa Saint-Balthélemy. Napoléon biramubabaza cane aca atuma umugabisha w'ingabo ziwe Yitwa: Général Berthier, uwo ntiyigera atsindwa ku rugamba, amutuma gufata uwatumye haba ubwo bubisha: Papa Piyo VI, bamutwara aboshe baja kumupfungira mu gisagara citwa: Valence mu Bufaransa, uyo agwa mw'ibohero.

4️⃣ URUGUMA RWICA RURAKIRA 👇👇👇

▪️ Mu mwaka wa 1929, uwatwara UBUTALIYANO, Benitho MUSOLINI, umugenzi wa Hi**er ADOLF wo mu BUDAGI, yipfuza kuronka intara ya Latrani yarimwo ubutunzi bwinshi, aho ni ho Papa Piyo XI yari aba afise ingabo zirwana: CROISADES. MUSOLINI aca asinyiranira amasezerano y'amahoro inyuma y'intambara z'urutavanako. Iyo ntara arayihabwa. Ayo masezerano y'amahoro bayise: PAX ROMANA, Papa aba araronse icubahiro yari yaratakaje, ingoma yiwe isumba iya MUSOLINI mbere asumba n'Abandi bami bose bo kw'isi.

▪️ Isi yose ikurikira ico gikoko bagitangarira, batazira ico gisato bagisenga kuko cahaye ico gikoko ububasha bwaco; batazira na Kino gikoko bagisenga: BICIYE MU MADINI YOSE Y'ISI, ABANTU BOSE BAKURIKIZA URUTONDE RWASHINZWE N'ISHENGERO KATOLIKA Y'I ROMA ; NA RYO INYIGISHO ZARYO ZIRANYURANYE CANE N'IZO MURI BIBILIYA.

Akarorero: UMUSI W'IKORANIRO IMANA YASHINZE KO ARI ISEZERANO RY'INTAHAVA NI: ISABATO

ROMA NA YO ISHINGA UMUSI W'IKORANIRO KO ARI DIMANCHE (DOMINIKA)

▪️ Ico Gikoko Gihabwa akanwa kavuga ibihambaye n'ivyo kurogota ku Mana, guhabwa n'ubushobozi bwo gushishikara amezi 42: Ubupapa bugira Ijambo rya nyuma kandi bushishikara kwiyita Amazina y'Imana. Bwongera bumara IMYAKA 1260 bwica Abaporoti bukuzako atawubibuza.

▪️ Giteranura akanwa kaco kirogota ku Mana, kirogota no kw' izina ryayo, no kw' ihema ryayo, no ku baba mw' ijuru. Gihabwa kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabwa gutwara imiryango yose n'amoko yose n'indimi zose n'amahanga yose. Kand' ababa kw 'isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c'ubugingo c'Umwagazi w'Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw'isi. Namba har' umuntu ari n'ugutwi ni yumve. Namb' umuntu yagerewe gufatwa mpiri azofatwa mpiri; namb' umuntu yicisha inkota akwiye kuzokwicishwa inkota. Aho ni ho ukwihangana kw'abera guserukira bo n'ukwizera kwabo: Ubupapa burinamura bwiha icubahiro c'Imana, bwiha kubabarira ivyaha mu gutegeka abantu kuvuga ivyaha vyabo babibwira abantu nkabo, ivyo bita :UKWIREGA

▪️ Abantu bose kw'isi, umuntu wese ataramenya Ubutumwa Bwiza bw'Ubwami azokwemera Izo nyigisho z'ikinyoma.

▪️ Ubu Butumwa bwigisha abantu ko mukugira bashike mw'ijuru ko bazobanza guca mu makuba bagasabwa kwihangana no kubandanya bizera, bakazohanagurwa amosozi barize bariko baratotezwa.

5️⃣ GUSOZERA ICIGWA 👇👇👇

>👉(UMUSIGUZI 3:15)

>👉(UMUSIGUZI 1:9)

▪️ Ubuhanuzi bwabaye kera, buzosubira kugaruka. Imana iduhe kwiga UBUHANUZI kandi itwigishe kugumya ico twakiriye , mw'izina rya Yesu Kristo Amen 🙏🙏🙏

🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷
Matayo 24:14

« UMUHERO W'ISI » (Ubukristo)> 👉 2 Petero 3:10✴ Abantu benshi baratahura ko isi n'ijuru bifise uwabiremye kandi ko azoku...
18/03/2023

« UMUHERO W'ISI » (Ubukristo)

> 👉 2 Petero 3:10

✴ Abantu benshi baratahura ko isi n'ijuru bifise uwabiremye kandi ko azokuraho vyose agashirajo bishasha. Ikurwaho rya vyose nico bita UMUHERO W'ISI.

✴ Ariko kandi hariho umugabane w'abantu batemera ko hazoba umuhero w'isi. Bo bavuga ko umuntu apfuye aba ari umuhero. Ivy'izuka ntaco bavyibazako nta n'urubanza batahurako ruzoba. Aba barihenda cane.

« KUBA MU BWAMI BW'IMANA KW'ISI » (Ubukristo)1️⃣ INTANGAMARARA▪️ "UBWAMI" n'igihugu gitwarwa n'Umwami, uwo Mwami akaba a...
17/03/2023

« KUBA MU BWAMI BW'IMANA KW'ISI » (Ubukristo)

1️⃣ INTANGAMARARA

▪️ "UBWAMI" n'igihugu gitwarwa n'Umwami, uwo Mwami akaba ari we afise ububasha bwose ku bo atwara.

▪️ "Ubwami bw'Imana" na bwo n'ihanga ry'abantu baba kw'isi, abo bantu bakaba bumvira Imana biciye mu kwumvira Ivyanditswe Vyera n'ibishingira intahe Yesu Kristo. Ibwirizwa Shingiro ry'ubwo bwami ni Amabwirizwa 10 y'Imana. (10 Commandements)

2️⃣ N' UBWAMI BW'URUKUNDO

▪️ "Urukundo" ruva ku Mana mu ndimi z'amahanga n'urwo bita (AGAPE) n'ingabire iruta izindi ngabire zose. Iyo twinjiye mu bwami bw'Imana dutegetezwa kugira urwo rukundo.

👉 (YAKOBO 3:17-18)

4️⃣ N' UBWAMI BW'UKUGOROROKA

>
👉 (MIKA 6:8)

> 👉 (YESAYA 26:7)

5️⃣ N' UBWAMI BURIMWO AGAKIZA

>
👉 (YESAYA 52:7)

6️⃣ N' UBWAMI BURIMWO ABANTU BAHINDUTSE VYUKURI

>
Bari Bene so b'Abavugabutumwa bwiza bw'ikanguro n'ubugorozi.
Mufise ico mubaza, canke mwipfuza kudushikiriza ivyiyumviro vyanyu;

Mwotwandikira kuri Email yacu :
.com

« Tunabahaye ikaze aho dusengera kugira muze dusangirire hamwe umugisha w' Imana, Turuhuka (Samedi) , duteranira hano i mu kigo ca Héritage kiri epfo y' isoko kwa Siyoni iruhande ya CENI isaha dutangurirako amateraniro ni saha zibiri ni minota mirongo itatu (8h30) N' akanya keza Imana itwigishirizamwo ibikiza imibiri n' imitima yacu. Mwese murahawe ikaze mw' ishengero ry' Imana bur' igihe twishimira kubana namwe. Imana nyene amaho irusheho kubagirira neza ! »

Canke mutwakure kuri :
+257 69 274 426
+250 78 4379977
+257 79 951 614
+257 69 966 787
+257 75 725 323
+257 71 885 386
+257 75 212 763

« INTUMBERO Y'ISHENGERO RY'IMANA MW'ISI » (Ubukristo)0️⃣  INTANGAMARARA▪️ Ishengero ry'Imana n'ihuriro ry'abantu bafise ...
17/03/2023

« INTUMBERO Y'ISHENGERO RY'IMANA MW'ISI » (Ubukristo)

0️⃣ INTANGAMARARA

▪️ Ishengero ry'Imana n'ihuriro ry'abantu bafise intumbero y'ukumenyekanisha Imana mu batarayimenya no kubigisha ukuri abari mu buzimire bw'amadini y'uzuzuye iyi si.


👉 (YESAYA 52:7)

3️⃣ GUSHIRA MU BIKORWA IVYO TWIZERA

> 👉(YAKOBO 1:22)

4️⃣ GUFASHA ABATISHOBOYE

> 👉 (YAKOBO 1:27)

5️⃣ KUBWIRA ABANTU UBUTUMWA BWIZA BW'UBWAMI N' ABANYAVYAHA KUBEREKA AHO BAKIRIRA:

▪️ Yesu Kristo umugororotsi ni we Soko y'Ubutumwa Bwiza, ni na we iyo twakoze ivyaha ni we tubwira.

> 👉 (ZABURI 128:1-3)

> 👉 (YESAYA 58:12)

7️⃣ KUVURA ABARWAYE INDWARA Z'IMIBIRI N'IMITIMA KU BUNTU

▪️ Ishengero ry'Imana ryama ryitwararika cane gukora ryigana uwarihagurukije kandi akarituma. Abatari bake baraza kwivuza indwara zananiranye kandi bakazikira.

> 👉 (MATAYO 10:7-8)

✳️ Ng'ivyo bikurubikuru biri mu ntumbero y'Ishengero ry'Imana mw'isi.

8️⃣ GUSOZERA ICIGWA

▪️ Ishengero ry'Imana mw'isi rirahambaye cane, twese rero duharanire kurondera kuryinjiramwo kuko ari ryo rizodushikana mw'ijuru, mw'izina rya Yesu Kristo, Amen !!!

🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷🔷▪️🔷▪️🔷▪️🔷

Matayo 24:14

Address

Q. Industriel Rue:Nyankoni
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Ubutumwa Bwiza bw'Ubwami - Ikanguro n'Ubugorozi posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Ubutumwa Bwiza bw'Ubwami - Ikanguro n'Ubugorozi:

Share

Category