Paroisse Sainte Thérèse de Calcutta de Ruziba

Paroisse Sainte Thérèse de Calcutta de Ruziba Iri mu minwe y'abapatiri b'inyigisho rukristu

Paroisse Ruziba yavutse kw'igenekerezo rya 1 Myandangaro 2017, ishinzwe n'umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Musenyeri Evariste NGOYAGOYE, Iraheza iragizwa umweranda Mama Tereza w'i Calcutta.

Barungitswe mu butumwa kugira Kristu amenyekane.Muri paruwase Ruziba kuri uyu w'Imana wa 09/08/2026 Jean Claude Sibomana...
10/08/2026

Barungitswe mu butumwa kugira Kristu amenyekane.

Muri paruwase Ruziba kuri uyu w'Imana wa 09/08/2026 Jean Claude Sibomana umupatiri mushasha twagabanye na Patiri Pierre Ndayisaba yari ahamaze imyaka 2 ubu agiye kurangurira ubutumwa mu gihugu c'ubufaransa nibo barungitse mu butumwa bwo kumenyesha inkuru nziza abaserukira ama fraternités y'urwaruka bitwaje igitabo c'ijambo ry'imana n'umusaraba kugira Kristu abandanye kumenyekana.

Umugirwa wo gusezera no kwakira aba Patiri.Patiri Pierre Ndayisaba w'i buryo yaramaze imyaka 2 arangurira ubutumwa muri ...
10/08/2026

Umugirwa wo gusezera no kwakira aba Patiri.
Patiri Pierre Ndayisaba w'i buryo yaramaze imyaka 2 arangurira ubutumwa muri Paroisse Ruziba agiye kubandaniriza ubutumwa bwiwe mu gihugu c'Ubufaransa akaba asubiriwe na Patiri Jean Claude Sibomana ari i bubamfu mu mugirwa wo gusezera Patiri Pierre no kwakira Patiri Jean Claude wabaye ejo k'umunsi w'Imana igenekerezo rya 09 Myandagaro hakaba hari hatumiwe abihebeye Imana n'abaserukira aba Kristu ba Paroisse Ruziba bahurikiye mu NAMA NTUNGANYA BUTUMWA BW'IYO PAROISSE.

09/08/2026

Inkuka ya misa y'idominika ya 19 umwaka A

02/08/2026

Inkuka ya misa y'idominika ya 18 mu mwaka A

26/07/2026

Inkuka ya misa y'idominika ya 17 mu mwaka A

Patiri Charles BITARIHO  yarashinguranywe iteka kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 23 Mukakaro 2026, i Roma mu gihugu c'u...
24/07/2026

Patiri Charles BITARIHO yarashinguranywe iteka kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 23 Mukakaro 2026, i Roma mu gihugu c'ubutaliyano ahasanzwe hashingurwa abasaserdoti b'inyigisho rukristu ( Pères Doctrinaires).

Uyo mugirwa watangujwe vun'inkuka ya misa yaherejwe mu gasengero kari i Pontecorvo irongowe n'Umukuru w'umuryango w'aba Patiri b'inyigisho rukristu, Patiri Sergio La pegna akaba yarikumwe n'abandi basaserdoti batandukanye cane cane abagize umuryango w'aba Patiri b'inyigisho rukristu baje bava mu mihingo itandukanye y'isi.

Nabo abari mu Burundi aho twovuga nk'umuryango wa Patiri Charles uri kumwe n'umuryango w' aba Patiri b'inyigisho rukristu bari mu Burundi, incuti n'abagenzi biwe, bifatanije n'abandi bari i Roma aho bPatiri Charles yarangurira ubutumwa, mu kumusabira mu nkuka ya misa yaherejwe mu gasengero k'umubano w'aba vPatiri b'inyigisho rukristu bari mu KININDO i Bujumbura, ibirori bikaba vyari birongowe na Patiri aserukira Umukuru w'umuryango mu Burundi na Tanzanie, Patiri Fidèle NTUNZWENIMANA, kakaba kabaye n'akaryo ko kugira umugirwa wo gukaraba .

N'aho Patiri Charles BITARIHO azwi cane muri paruwase Ruziba yahoze arangurira ubutumwa acatirwa, yavukiye ku mutumba Rwambere, komine Gisuru, intara ya RUYIGI ( Buhumuza uyu musi) igenekerezo rya 9/08/1972, amashure y'intango ayiga i Rwihaniza hamwe na Kavumwe, ayandi mashure yisumbuye igice cayo ayabandaniriza mu butaliyano.

Patiri Charles BITARIHO yinjiye mu muryango w'aba Patiri b'inyigisho rukristu kw'igenekerezo rya 15/07/1996, hanyuma atangura Noviciat kw'igenekerezo rya 29/09/2000. Aca agira indagano za mbere inyuma y'umwaka, araheza agira indagano za burundu kw'igenekerezo rya 24/09/2005. Charles BITARIHO yatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti ku 1 Ntwarante 2008 i Roma. Yararanguriye ubutumwa i Burundi mu KININDO no mu Ruziba kuva muri 2008 gushika 2014. Aca arungikwa mu butumwa mu gihugu c'ubufaransa France (Cavaillon) kuva 2014 gushika 2020 hanyuma kuva muri 2020 gushika uyu musi, yari mu gihugu c'ubutaliyano i Roma _ Pontecorvo.

Patiri Charles yaramaze imyaka 18 mw'ibanga. Akaba yitavye Imana afise imyaka y'amavuka 54.

Emmanuel Harimenshi mu mubano w'abapatiri b'inyigisho rukristu kubwa CPCOM.

23/07/2026

Inkuka ya misa yo gusabira Patiri Charles BITARIHO

23/07/2026

Dukurikirane ubuzima bwa Patiri Charles BITARIHO, umusaserdoti mu muryango w'aba Patiri b'inyigisho rukristu ( Pères Doctrinaires)

22/07/2026
Patiri Charles BITARIHO yahora mu muryango w'aba Patiri b'inyigisho rukristu ( Pères Doctrinaires) yitavye Imana kuri uy...
21/07/2026

Patiri Charles BITARIHO yahora mu muryango w'aba Patiri b'inyigisho rukristu ( Pères Doctrinaires) yitavye Imana kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 21/07/ 2026. Biturutse ku ngwara. Yahora arangurira mu gihugu c'ubutaliyano ahitwa i Pontecorvo.

Yariyatiwe mw'ibanga ry'ubusaserdoti muri Myandagaro 2008.

Imana imwakire mu bwami bwayo!

Address

RN 3, Ruziba, Kanyosha, Mugere
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Paroisse Sainte Thérèse de Calcutta de Ruziba posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Paroisse Sainte Thérèse de Calcutta de Ruziba:

Shortcuts

Share