25/12/2024
Shalom,
Tuganire kandi gato:
Ubundi Usomye Bible neza, Umukiza ntiyavutse 25/12, k*ko bible ivuga (Luka 2:8-20) ngo igihe umumalayika yazana inkuru nziza kubungere ko umukiza Yavutse, abungera ngo barara mugahinga baraririye imik*ku yabo, bisugurako mugihe co muci niho honyene abungere barara mugahinga k*ko baja kurondera ahakiboneka ubwatsi, mumvura haba hari ubwatsi kandi ntiwonarara hanze mugahinga imvura yo kwica, any way, reka twemeranye ko gusa yavutse, k*ko nico nashaka kuvugako, ako kandi karagaciyemwo🤗. Abantu benshi ushizemwo nabakozi b'Imana bamwe bamwe Noel barayihaye iforoma y'ubwana nkaho umenga numusi mukuru wabana, 🤭yayayay, ibirero sivyo birakwiye no guhinduka mu mashengero, si akana Yesu kavutse🙆♀️, izo ndirimbo sizo nagato, bible ivuga ngo (Luka 2:11), umukiza niwe yaravutse ngo niwe Yesu Kristo, muyandi majambo hari havutse, umwami, itsinzi,...ahandi bible ivuga ngo duhawe umujana, umwami wamahoro, Imana y'ubushobozi, Data wa twese, igitangaza...Yes (Yesaya 9:6). Ivuka rya Yesu, turyigishe neza kuva kubana bamenye ko havutse AGAKIZA mubantu, reka kubereka ishusho yuwo musi itariyo, rondera uwundi musi muwite uwabana, ariko Christmas reka tuyigishe uko iri umwana akure azi ivyo arimwo, mu migani havuga ngo toza indero umwana akwiye kwamana azorinda asaza atarayivamwo (imigani 22:6). Aba batugora kubwira inzira ya Yesu uyumusi nuko batavyigishijwe bakiri bato. Ariko reka tugerageza aho uherere naho mperere tubwire abantu ko Christo ari UMWAMI n' AGAKIZA niwe nzira y'ukuri n'ubugingo. Isosi nisawa gose ku Noel😁, ariko kandi raba kuwo mubanyi wawe atahura ivyivuga ry'Imana mubantu
Noel Nziza kuri mwese!!!
You are blessed