23/05/2026
💰Imiriyaridi 572, 05 BIF, nico gihengeri kiri mu mafaranga Reta itegekanya gukoresha mu mwaka w'2026-2027
📃 Biri mw'itangazo riteweko umukono n'umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n'umuvugizi wayo, Jérôme Niyonzima, rishira ahabona icegeranyo c'inama nshikiranganji yakoranye itariki 22 Rusama 2026, irongowe na prezida Evariste Ndayishimiye. Ni inama yize integuro y'itegeko rigenga amafaranga Reta y'Uburundi izokoresha mu mwaka w'2026-2027.
Ng'ibi bikuru bikuru twomenya kuri iyo nteguro :
👉🏾 Imiriyaridi 6901, 3 BIF, niyo mafaranga Reta y'Uburundi itegekanya kuzokoresha mu mwaka w'2026-2027, mu gihe mu mwaka uriko urahera yahora ku miriyaridi 5 351, 4 BIF, ni ukuvuga ko yiyongereye ibice 29% ;
👉🏾 Amafaranga azokwinjira mu kigega ca Reta ni imiriyaridi 6 333, 4 BIF, mu gihe mu mwaka w'amafaranga uriko urarangira yari imiriyaridi 5 015, 6. Yiyongereye ibice 26, 2% ;
👉🏾 Amafaranga ataboneka aho azova (igihengeri) mu mwaka w'2026-2027, ni imiriyaridi 572, 05.
✍🏾 Iyo nteguro y'itegeko yaremejwe n'inama nshikiranganji, ariko yasavye ibi bikwirikira :
1️⃣ Mu ntumbero yo kwegereza ubutegetsi abanyagihugu, intara zihabwe amafaranga zikoresha (frais de fonctionnement), mu gishingo co kuyagumiza mu bushikiranganji ;
2️⃣ Gutwara igisata c'abakozi n'akazi mu ntara ;
3️⃣ Gusanura inyubakwa za Reta zihari, imbere yo kwiyumvira kwubaka izindi ;
4️⃣ Gushariza ibibanza vya Reta biri mu bisagara ;
5️⃣ Mu kugura ibintu ni ukwishikira aho bihingurirwa, kugira amafaranga akoreshwa agabanuke ;
6️⃣ Gutsimbataza ingingo zitera intege abinjiza mu gihugu imiduga ikoresha umuyagankuba, mbere hashingwe n'ikiringo ntarengwa co kwinjiza imiduga inywa igitoro ;
7️⃣ Gushira itagisi rinini ku nzoga zambiye zinjira mu gihugu, kuko zikoreshwa mu guhingura ibinyobwa bikaze, mu ntumbero yo kugabanya umurindi w'abavyihereza ;
8️⃣ Guheraheza ibikorwa vyo gusanura ibibuga vyo muri "Campus" Kamenge, hagirwe ikigo c'urwaruka (centre de la jeunesse Burundaise) ;
9️⃣ Gushiraho imikenyuro mishasha ituma amahera yinjira mu kigega ca Reta yiyongera ;
1️⃣0️⃣ Gutsimbataza ingendo nziza yo gukoresha amafaranga ya Reta (discipline budgétaire) ;
1️⃣1️⃣ Gutangura intambwe zo kuriha ibirarane Uburundi bufise mw'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko, EAC.
Amashusho : Ntare Rushatsi House