Yves Jospin Irakoze

Yves Jospin Irakoze Yves Jospin Irakoze – Official Gospel Ministry
Dedicated to preaching the Good News of Jesus Christ through teaching, prophecy, healing, and deliverance.

Our mission is to empower, inspire, and transform lives through the Word of God

20/05/2026

I have Grace

“Umuheburayo, Umuyuda, Umwisirayeli: Ukuri kw’iri jambo kwarazimiye canke kwarahinduwe?”Uyu musi, hari urusobe rw’ivyiyu...
20/03/2026

“Umuheburayo, Umuyuda, Umwisirayeli: Ukuri kw’iri jambo kwarazimiye canke kwarahinduwe?”

Uyu musi, hari urusobe rw’ivyiyumviro ku ngingo y’ijambo “Umuheburayo, Umuyuda na canecane Umwisirayeli”.

Muri Palestina hari akarere kakebwe kitwa Israel kandi ako karere kabamwo abantu bitwa Abayuda. Ibi biri mu bwenge bwacu hafi ya twese.
Urudubi kuri iyi nkuru ruza gukomera cane ku vyiyumviro vya vuba bivugako ababa muri Israel atari abayuda ba nyabo ahubwo ari abazungu bikebeye karya karere ngo babone uko bagenzura Uburasirazuba.
Hari n’abashika kure bakavuga ko ahubwo na hariya si muri Israel, Israel iri ino muri Afrika, mbere hari n’abadomako ko Israël y’ukuri iri mu Burundi.

Reka mvuge incamake y’uko navyegeranije muri ubu buryo bukurikira:

1. Inkomoko y’umwirabure

Bavuga ko:
Umuntu wa mbere, Adamu, yari umuntu w’umwirabure (bashingiye ku kuba umuntu yaremwe mw'“ivu ry’isi” bavuga ko rifise ibara ryijimye).Mwibukeko abana ba Nowa bagabanye isi ni:
Shemu → abakomotse muri Isirayeli
Hamu → Abanyafrika
Yafeti → abazungu.
Ariko mu gusigura kwabo, bavuga ko Abisirayeli nyakuri bari hafi cane n’Abanyafrika (bafise isura yirabura).

2. Abisirayeli ba kera bari abirabure.

Bavuga ko abantu bo muri Bibiliya nka:
Aburahamu,
Mose na
Yesu Kristo
bose bari abirabure.
Bashingiye ku mirongo imwe ya Bibiliya bavuga ko:
“imishatsi imeze nk’iy’ubwoya”
“uruhu rwirabura”
ivyo bakabifata nk’ibimenyetso vy’uko bari abirabure.

3. Imivumo n’ubucakara.

Bavuga ko mu gitabu co gusubira mu Vyagezwe 28:
Imana yabwiye Abisirayeli ko nibatayubaha bazohura n’imivumo:
kuba inyagano,
kugurishwa nk’abaja
kujanwa mu bihugu vya kure ivyo vyose vyashikiye Abanyafrika mu bucakara bw’i Buraya na Amerika, bityo abo bantu ni bo Bisirayeli.

4. Uburyo abazungu “bivye ubuheburayo”

Iyi ni yo ngingo nyamukuru muri ayo mayagwa.
Bavuga ko mu mateka, cane cane mu gihe c’ubukoloni n’ubucakara:
Abazungu bahinduye amateka
Bafashe amazina n’inkomoko y’Abisirayeli
Bemeza ko:
Abayahudi b’ubu (benshi b’i Israel) atari bo bakomoka kuri ba sekuruza ba Bibiliya
Ahubwo ngo “bambaye” uwo mwambaro w’amateka.
Bongerako ko:
Abirabure batakaje indimi zabo (nk’igiheburayo)
Batakaje amazina yabo
Batakaje ukwibuka ko ari abantu b’Imana.

5. Ukwibagira no gusubira kumenya ukuri.

Bavuga ko:
Abirabure bamaze igihe kinini bibagiye uwo bari bo kubera ubucakara
Ariko ubu hari “ugusubira kumenya ukuri”
Aho ni ho imigwi nka “Black Hebrew Israelites” ivuga ko iriko igarura ubwo bumenyi.

Sindagera ku rwego rwo guhakana ivyo canke kuvyemera.
Impamvu ni uko ivyo vyiyumviro bidashingiye ku bushakashatsi bwemewe n’abahinga mu mateka na siyansi.
Hari aho ivyo vyiyumviro bivangamwo ukwemera, agahinda k’amateka y’ubucakara, n’ugushaka kumenya inkomoko.
Hari n’imigwi iyisigura mu buryo bukaze.

Inkuru z’amateka zirakomeye, ariko zisaba gusomwa neza.
Abirabure bagize uruhara runini mu mateka y’isi — ivyo ntibikwiye kugirwa ibanga.
Ariko kandi, ukuri kurakomeye kuruta ivyiyumviro vy’abantu.
Dushaka ubushakashatsi bufadika butwemeza ibi vyiyumviro, jewe ndacashakashaka kuri iyi ngingo y’inkoramutima.

Hari itandukaniro rikomeye hagati y’amateka (history), ukwemera (faith) n’ivyiyumviro vy’abantu (identity narratives). Kenshi, iyo ibintu vyivanga, ni ho havuka impari zikomeye nk’izi.

Nico gituma ari ngombwa gukomeza ubushakashatsi bufatiye ku bimenyeshamakuru vyizewe, ariko kandi ntitwirengagize ko hari n’ibice vy’amateka vyagiye bipfukiranwa canke ntivyigishwe cane.

Nimba dushaka kumenya ukuri, bisaba kwumviriza impande zose: abahinga, abemera, n’abafise amateka yaciye mu mibabaro. Ukuri nyako ntigutinya ibibazo—kurabikunda.

Wewe ubibona gute?
Mbega ivyiyumviro nk’ibi woba ubifata gute—nk’ukuri, nk’ukwibaza, canke nk’ugushaka kumenya inkomoko?

Murakoze.

ABAYUDA NA IRAN: BAHURIYE HE KU MATEKA YA ABURAHAMU?Abatari bake  baribaza bati: “Mbega Abayuda n’Abanya-Irani boba bahu...
18/03/2026

ABAYUDA NA IRAN: BAHURIYE HE KU MATEKA YA ABURAHAMU?

Abatari bake baribaza bati: “Mbega Abayuda n’Abanya-Irani boba bahuriye he mu mateka? Mbega hari isano bafitaniye mu maraso y’ibisekuruza?”

Kugira twumve neza ico kibazo, dutegerezwa gusubira inyuma mu mateka y’umuntu akomeye cane mu mateka y’amadini: Aburahamu.

Aburahamu ni umwe mu bantu bubahwa cane mu madini atatu akomeye kw’isi. Abayuda(Judaisme) Abakristu(Christianisme) n’Aba-isilamu(Islam).Bose bemera Aburahamu ko yabaye umuntu yizera Imana cane kandi akayubaha. Ni co gituma akenshi yitwa “se w’abemera”.
Mu mateka y’Abayuda,na niko vyanditswe muri Bibilia, bavuga ko Aburahamu yavyaye umwana yitwa Isaka. Isaka na we yavyaye Yakobo, uwaje kwitwa Israeli. Abana ba Yakobo ni bo bakomokako ubwoko 12 bw’Abisirayeli.Tuvuze Abisirayeli ni nk'uko twoba tuvuze duti "Abayakobo",Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu.Ni co gituma Abayuda bavuga ko inkomoko yabo iva kuri Aburahamu biciye kuri Isaka.Tuzirikane kandi ko Abisirayeli bari imiryango 12 ikomoko ku bahungu 12 ba Yakobo.Ariko inyuma y'umwami Salomo iyo miryango yaje kwicamwo kabiri.Abakomoka ku bahungu 10 ba Yakobo bagumana izina ry'Abisirayeli. Abakomoka ku bahungu babiri ba Yakobo aribo Yuda na Binjamin bitwa Abayuda.
Rero abisirayeli muri make ntawuzi irengero ryabo uyu musi.Abayuda inyuma yo gusanzarira kw'isi kuva mu mwaka wa 70 Yerusalemu isambutse,hafi imyaka irenga 1800 benshi bari i Buraya,Amerika na Aziya,baje gukora ico bise Sionisme ngo basubire mu gihu,babifashijwemwo na ONU,mu 1948,Abayuda basubira kugira igihugu citwa Israël.

Tugaruke ku ntama yacu hano;

Aburahamu ntiyari afise Isaka gusa. Yari afise n’uwundi mwana yitwa Isimayeli yavyaye ku ncoreke,akaba yari mukuru wa Isaka. Mu mateka ya Islamu, bavuga ko Isimayeli ari we sekuruza w’Abarabu benshi. Ni muri uwo murongo w’ibisekuruza havuyemwo intumwa Muhammad yazanye idini rya Islamu.

Aha ni ho abantu benshi batangura kwibaza ico Iran ihuriyeko n’ivyo.

Ukuri ni uko Abanya-Irani atari Abarabu. Ni ubwoko bwa kera bwitwa Abaperesi (Persians)Ibi narabivuze hano. Mu bisanzwe rero, Abanya-Irani ntibakomoka ku murongo w’ibisekuruza vya Aburahamu nk’uko Abayuda babivuga kuri Isaka canke nk’uko Abarabu bamwe babivuga kuri Isimayeli.
Ariko naho batari bene wabo mu maraso y’ivyo bisekuruza, amateka yerekana ko Abanya-Irani n’Abayuda bigeze kugirana imigenderanire ikomeye cane,iyi nkuru narayishikirije hano.

Ibi vyose bitwereka ko naho Abayuda n’Abanya-Irani badakomoka ku muryango umwe w’amaraso y’ibisekuruza, amateka yabo yarigeze guhura kandi bakagirana imigenderanire ikomeye.

Rero Abayuda bahurira ku maraso y’ibisekuruza na bamwe mu Barabu biciye kuri Aburahamu. Abanya-Irani bo bakomoka ku bwoko bw’Abaperesi. Ariko mu mateka, Abanya-Irani barigeze no gufasha cane Abayuda mu gihe gikomeye c’ubunyagano.

Amateka rero arigisha ko n’aho abantu bashobora gutandukana mu moko no mu bisekuruza, imigenderanire n’ukwubahana bishobora kubahuza mu buryo butangaje.Turi busubire.

“Abana B’Ibanga ba Aburahamu: Uruvyaro rwa Ketura Ruri he Uyu Munsi? Ibihugu n’Amoko Bashobora Kuba Babayemwo muri kino ...
16/03/2026

“Abana B’Ibanga ba Aburahamu: Uruvyaro rwa Ketura Ruri he Uyu Munsi?

Ibihugu n’Amoko Bashobora Kuba Babayemwo muri kino Kinjana ca 21”

Iyo abantu bavuga ku ruvyaro rwa Aburahamu, benshi baca bibuka gusa Isaka canke Isimayeli.
Ariko hari ikindi gice c’amateka ya Bibiliya kitavugwa cane:
Aburahamu yari afise abandi bana 6 yavyaranye n’umugore yitwa Ketura.

Bibiliya ivuga ko abo bana baciye baja mu buseruko, bakwiragira mu bihugu bitandukanye (Itanguriro 25).

Mu nyuma y’imyaka ibihumbi, imiryango yabo yarabaye amoko n’ibihugu tubona uyu munsi.

Aho abakomoka kuri Ketura bashobora kuboneka uyu munsi.

Imiryango ya Ketura yakwiragiye cane mu Buseruko bwo hagati no mu karere k’Abarabu.

1.Abakomoka kuri Midiyani

Umwana azwi cane mu bana ba Ketura ni Midiyani.
Mu mateka ya Bibiliya, Abamidiyani babaye mu bice vya:
Arabie Saoudite
Jordanie
Israël

Uruvyaro rwabo uyu musi,ruri mu moko y’Abarabu aba muri:

●Arabia yo mu buraruko
●Jordanie
●Negev desert

Hari imiryango y’Abarabu ifise amateka ajana n’Abamidiyani.

2. Abakomoka kuri Yokishani

Yokishani yavyaye Seba na Dedani, amazina azwi cane mu mateka ya kera y’ubudandaji.

Abo bantu babaye abacuruzi bakomeye hagati ya Africa n’Arabia.

Uyu munsi imiryango yabo iboneka mu bihugu nka:
●Yémen
●Oman
●ibice vya Arabie Saoudite vyo mu majyepfo

Aha ni ho hari amoko y’Abarabu ya kera yakomotse ku miryango y’abacuruzi.

3.Abakomoka kuri Zimrani

Zimrani na we nyene yarimukiye hafi ya Mer Rouge.
Imiryango yiwe yarivanze n’abantu baba muri:

●Arabie Saoudite
●Soudan
●Érythrée

Aha ni ho hari inzira za kera z’ubudandaji hagati ya Arabia na Africa.

● 4.Abakomoka kuri Medani na Yishibaki

Abana babiri:
Medani na Yishibaki,imiryango yabo yaragiye mu bice vya:

●Syrie
●Irak
●ubuseruko bwa Arabie Saoudite

Aha ni ho havuye amoko menshi y’Abarabu yo mu karere ko mu bugaragwa.

5. Abakomoka kuri Shuwa.

Umwana wa nyuma wa Ketura muka Aburahamu ni Shuwa.

Muri Bibiliya havugwa umuntu yitwa Bildadi Umunyeshuwa mu gitabo ca Yobu.
Abashakashatsi bavuga ko igihugu ca Shuwa cari mu bice vya:
●Irak
●Syrie

Uyu munsi imiryango yaho yarahindutse amoko y’Abarabu aba muri ako karere.

Wihweje neza amateka,
Abayahudi benshi bavuga ko bakomoka kuri Isaka,
Abarabu benshi bavuga ko bakomoka kuri Isimayeli,
Imiryango myinshi yo mu buseruko bwo hagati(Moyen-Orient)ifise imizi ku bana ba Ketura
Ivyo bituma Aburahamu aba umwe mu bantu bake cane mu mateka bashobora kwitwa:
“Sogokuru w’ibihugu vyinshi vy’isi.”

Ariko hari ikibazo gikomeye,
Nimba amahanga menshi akomoka ku muntu umwe,
niba Abayahudi, Abarabu n’abandi bose bashobora kuba bafise inkomoko imwe,
ni kuki aya mahanga mu mateka y’isi yagiye arwana canke ntiyumvikane na n'uyu musi agikomeza?

Mwebwe tugumane.

________________________________________________
“Références: Bibiliya (Itanguriro 16; 21; 25), Josephus – Antiquities of the Jews, Roland de Vaux – Ancient Israel"...

14/03/2026

Ikibi caragerageje kugerageza Yesu, ariko ntiyanyiganyiga.

Igihe ikibi camutera, Yesu yagumye ahagaze ashikamye kandi ari mu mahoro.
Nta kintu gishobora gutsinda ukwizera kw’ukuri

13/03/2026

Ubugwaneza burahindura vyose.
Umugabo umwe w’umukene arondera mu mwanda kugira aronke ico afungura.

Ubuzima bwaramugoye cane, kandi icizere kirasa n’icari kure.

Amaherezo aronka utwo kurya duke, aca adushikana i muhira kugira asangire n’umuryango wiwe.

Ariko igihe bari bagiye gutangura kurya, imbwa ishonje ica irahasesekara.

Iyo mbwa yari inanutse kandi ishonje cane.
Ata kwibaza kabiri, uwo mugabo aha imbwa ivyo kurya, ahitamwo kuguma ashonje kugira ngo iyo mbwa ishobore kurya.

Cari igikorwa gito c’impuhwe n’urukundo.
Ariko ineza igira uburyo igaruka.

Ivyabaye hanyuma vyerekanye ko n’igikorwa gito c’ineza gishobora guhindura vyose.

13/03/2026

Abagabo batatu bari bafashe ku nkengero z’urutare, hafi cane yo k***a.
Umwe wese afise umutwaro uremereye afashe.

Hejuru yabo hariho umugabo ariko aragerageza kubakurura(kubakwega) ngo abashire hejuru, abacungure.
Ariko hariho ingorane.

Ntibashobora kuduga bagifise uwo mutwaro uremereye.

Kugira ngo bacungurwe, bategerezwa kurekura iyo mitwaro yabo.

Ubu rero umwe wese ategerezwa gufata ingingo.
Mbega bazohitamwo ubuzima…
canke ibintu badashaka kurekura?
Kuko rimwe na rimwe,
ibintu twumirako cane
ni vyo bitubuza gukira canke gucungurwa.

ABARI AHO BITA MURI ISRAEL SI  ABAYAHUDU B'UKURI?        Hari impari zadutse ku nkuru nanditse ivuga ivy'Ubwami bw'Abape...
06/03/2026

ABARI AHO BITA MURI ISRAEL SI ABAYAHUDU B'UKURI?

Hari impari zadutse ku nkuru nanditse ivuga ivy'Ubwami bw'Abaperesi na cane cane ku Bayahudi.Benshi ntibavuga rumwe ku Bayahudi b'Ukuri,mbere barya bari muri Israël uyu musi barwana na Iran ngo sibo.

Iyi ngingo irimwo amateka,idini n'ivyiyumviro vya politike bikunze gutuma abantu benshi bayoberwa.

Reka mbisigure uko nabisomye nkanabitahura kandi ata guhengama.

1️⃣ Abayahudi b’ukuri bakomoka hehe?
Mu mateka, Abayahudi (Jewish people) bakomoka mu karere ka:

"Ancient Israël"
(aho ubu hari Israel, Palestina n’ibice vy’Uburasirazuba bwo Hagati).
Bakomoka ku ruvyaro rwa:
Aburahamu,
Isaka,
Yakobo ari we yiswe Israel
Nk’uko Bibiliya ibivuga, ni bo bagize ubwoko bwa Isirayeli ya kera.

Mu nyuma y’aho:
bamwe bajanywe i Babuloni mu bucakara (587 BC),
abandi barasanzara kw’isi yose (Diaspora).
Ni ho havuye ubwoko bwinshi bw’Abayahudi tubona uno munsi.

2️⃣ Abatahudi bose si bamwe.

Hari imiryango minini 3 y’Abayahudi:
1. Abayahudi ba Mizrahi
Abagumye mu Burasirazuba bwo Hagati
Irak, Iran, Yemen, Syria…
2. Abayahudi ba Sephardi
Bavuye muri Espagne na Portugal
Barirukanwe mu 1492
3. Abayahudi ba Ashkenazi
Benshi baba i Buraya (Germany, Poland, Russia…)

Benjamin Netanyahu akomoka muri aba Ashkenazi Jews.

Imvo zitatu 3 zikomeye zituma bamwe bavuga ko Netanyahu atari umuyahudi:
(1) Ivyiyumviro vya politike

Abantu benshi batandukanya:
Ubuyahudi (Judaism) → idini n’ubwoko,Zionism → umugambi wa politike wo gushinga igihugu ca Israel.
Hari Abayahudi benshi ubwabo badashigikira politike ya Netanyahu canke leta ya Israel.
Hari n’amashirahamwe y’Abayahudi nka: "Neturei Karta"
avuga ko igihugu ca Israel kitari gikwiye kubaho imbere y’igihe ca Mesiya.
Ni co gituma bamwe bavuga bati:
“Netanyahu ntaserukira Abayahudi bose.”

(2) Ikibazo c’inkomoko (ethnicity debate):

Hari abantu bavuga ko Abayahudi ba Ashkenazi bakomoka cane ku Banyaburaya, si ku Bisirayeli ba kera gusa.
Hari ivyiyumviro vyitwa "Khazar theory"
bivuga ko bamwe bahindutse Abayahudi mu Buraya bwo hagati.
Ariko abashakashatsi benshi mu vya genetics bavuga ko: Abayahudi benshi (harimwo Ashkenazi) bafise inkomoko ihuriye ku Burasirazuba bwo Hagati.

(3) Ugukoresha ijambo “Umuyahudi w’ukuri”
Mu Buyahudi ubwabwo:

Umuntu aba Umuyahudi iyo:
yavutse ku mumama w’Umuyahudi, canke
yinjiye mu Buyahudi mu buryo bwemewe.
●Kuri iri tegeko ry’idini, Benjamin Netanyahu ni Umuyahudi yuzuye.

Rero,Abayahudi bakomoka muri Israel ya kera.
Barasanzaye kw’isi yose imyaka irenga 2000.
Netanyahu ni Umuyahudi wo mu muryango wa Ashkenazi.
Abavuga ko atari Umuyahudi w’ukuri akenshi baba bavuga ivya politike, si amategeko y’idini canke amateka.

Nagerageje gupfunyapfunya ariko ndaza kugaruka ku ba Ashkenazi.

IRAN (P***E) NA ISRAEL: INCUTI ZA KERA ZAHINDUTSE ABANSI(Inkuru y’amateka isa n’iy’igitangaza).Hari ikintu abantu benshi...
05/03/2026

IRAN (P***E) NA ISRAEL: INCUTI ZA KERA ZAHINDUTSE ABANSI
(Inkuru y’amateka isa n’iy’igitangaza).

Hari ikintu abantu benshi batari bazi:
Irani ya kera ni yo yakijije Israel.
Ariko uno musi, Irani ni umwe mu bansi bakomeye ba Israel. None vyagenze gute?

Reka dusubire inyuma mu mateka,ni inkuru itari ngufi ariko ndagerageza gupfunyapfunya.
Mu mwaka wa 587 imbere ya Yesu Kristu, ubwami bwa Israel bwarasenyutse. Umwami wa Babuloni, Nebukadineza, yarasambuye Yeruzalemu, araturira urusengero rwera, maze Abayahudi bajanwa inyagano i Babuloni. Igihugu cabo cari kirangiye,casigaye ari umusaka gusa.
Ariko mu 539 BC (Ni kuvuga,imbere ya Yesu)haza umwami mushasha akomeye cane: Cyrus Mukuru, ari we Kuro,umwami w’Ubwami bw'Abaperesi (Iran ya kera).
Amaze gutsinda Babuloni, yakoze ikintu kitigeze kibaho mu mateka y’ico gihe:
●Yarekuye Abayahudi bose
● Arabemerera gusubira iwabo
● Abafasha gusubira kwubaka Yerusalemu n’urusengero rwabo.
Muri Bibiliya, Cyrus yiswe “uwarobanuwe n’Imana”,nk'uko vyanditswe na Yesaya45 naho atari Umuyahudi. Ni bwo bwa mbere umwami w’umunyamahanga ahabwa icubahiro nk’ico.
Abayahudi benshi bamufata nk’umucunguzi wabo — umuntu Imana yakoresheje kugira igihugu cabo gisubire kubaho.
Kuva ico gihe, Ubuperesi bwabaye igihugu kirinda Abayahudi.
Ubucuti bwamaze imyaka myinshi mu gihe c’ingoma y'Abaperesi;
Abayahudi bararonse amahoro,
barasubiye kwubaka igihugu,
idini ryabo rirakingirwa
Abami nka:
Darius wa I (Dariyo umu-Medi) canke
Artaxerxes wa I
barabashigikiye.
Ibitabu vya:
Ezira,
Nehemiya na
Esiteri
vyose bivuga igihe Ubuperesi bwarinda Abayahudi.

Mu mateka ya Bibiliya, Iran ya kera yari incuti ya mbere ya Israel.

No mu gihe ca none barigeze kuba incuti
N’inyuma y’ishingwa rya Israel (1948)
Iran ntiyari umwansi,kuko ku ngoma ya Shah:
Mohammad Reza Pahlavi,Iran ntiyatereranye Israel,
barakorana mu butunzi,
mu gisirikare,
mu vya pétrole n’ubutasi.
Israel na Iran bari abafatanyabikorwa bakomeye cane gushika 1979...

Vyaje gute?

Ubwansi bwa Iran na Israël butangurana n'impinduramatwara ikomeye muri Iran. Ubutegetsi bwa Shah burak***aho,mvuze "Shah" wumve ko mba mvuze mu giperesi,bisigura Umwami w'abami.Ni izina ry'ubwami abami ba Irani bakorerako hafi imyaka irenga ibihumbi bibiri gushika mu 1979,igihe ca révolution Iraniènne.

Ubutegetsi bw'ingoma ya "Shah" bwa nyuma bwatanguye mu mwaka w'1925 burangizwa n'impinduramatwara yo 1979.Ingoma ya nyuma ya Shah ninayo yahinduye izina ry'ubwami,buva ku Buperesi gurtyo kuva mu 1925 bwitwa Iran,habaho gutandukanya idini na Leta,biri mu vyatumye abari bakaze cane mw'idini rya Islam bagumuka.Ingoma ya Shah ya nyuma yarateje imbere igihugu,ishiraho amabarabara agezweho n'amahinguriro, igihugu gitera kiba ica kijambere.Ariko bakagiriza iyo ntwaro ya Cami "Shah" gutwaza amanyama no gutitura ukwemera kw'igihugu.Iyo ngoma ya "Shah"ni yo yari akadasohoka na Israël,mbere na Leta zunze ubumwe za Amerika n'abo bicuditse.

Révolution ni yo yakuyeho ingoma ya Shah, igihugu gihinduka Repubulika ya Islamu iyobowe na Ayatollah Khomeini.
Ubutegetsi bushasha bwaciye buvuga ko Israel ari igihugu gikandamiza Abanyepalestina. Ubucuti burahagarara ubwo nyene.
Kuva uwo munsi: — Iran ishigikira abarwanya Israel
— Israel itinya ububasha bwa Iran mu karere
— Incuti zo hambere zihinduka abansi.

Ruhollah Khomeini ni nde?

Ruhollah Khomeini
Ni we yayoboye Revolution ya Iran yo mu 1979
Ni we yakuyeho ubutegetsi bwa Shah.
Ni we yashinze Repubulika ya Islamu ya Iran.
Yabaye Umuyobozi Mukuru wa mbere (Supreme Leader) wa Iran
Yavutse: 1902
Yapfuye: 1989
Yapfuye azize indwara

Ali Khamenei yishwe muri iyi ndwi ni we yasubiriye Khomeini kuva 1989 gushika ubu nk'umuyobozi w'ikirenga wa Irani.Turi busubire.

Intambara iriko ibera muri Iran si intambara isanzwe hagati y’ibihugu gusa, ahubwo ni ikimenyetso c’uko isi iriko yinjir...
03/03/2026

Intambara iriko ibera muri Iran si intambara isanzwe hagati y’ibihugu gusa, ahubwo ni ikimenyetso c’uko isi iriko yinjira mu gihe gishasha c’ukutizerana hagati y’ibihugu bikomeye. Igitero cakozwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Israël ku butaka bwa Iran, kikaba cahitanye n’umukuru w’ikirenga wa Iran, Ayatollah Ali Khamenei, catumye akarere kose k’Uburasirazuba bwo Hagati kijamwo umutekano muke cane.

Ibi vyerekana ukuri gukomeye: iyo diplomasi inaniwe, intambara ni yo ifata ijambo, ariko akenshi abayibabariramwo si abanyepolitike ahubwo ni abasivile : abana, imiryango n’abanyagihugu basanzwe.

Iran na yo yishuye irungika ibisasu ku birindiro vya Amerika n’ibihugu bifatanije na yo, ibintu bituma haboneka akaga ko kwaguka kw’intambara ishobora gufata akarere kose canke mbere isi yose.

Mu vy’ukuri, iyi ntambara ntivuga gusa kuri Iran canke Israël;
ivuga ku ntambara y’inyungu za geopolitique,
ubwoba bw’ibirwanisho vya nucléaire,
hamwe n’uguhiganwa kw’ubutegetsi bw’isi.

Amateka atwigisha ko intambara itangura yoroshe, ariko kuyihagarika bigorana cane. Iyo amaraso atanguye guseseka, ukwihora gusubirira ibiganiro.

Ikibabaje kuruta vyose ni uko amahoro ahora aronderwa inyuma y’aho ubuzima bwinshi bumariye gutakara.
Isi irakeneye ubwenge buruta inguvu, kuko intsinzi nyayo si gutsinda umwansi, ahubwo ni gukingira ubuzima bw’abantu.
Uyu musi,naho na twe tutari muri iyo ntambara mu buryo bweruye ingaruka yayo ni ngombwa idushikeko mu buryo ubu canke buriya.

UBWAMI BW'ABAPERESI,IRANI Y'UNO MUSI.Ubwami bwa Iran ya kera muri Bibiliya bwitwa Ubuperesi,ni bumwe mu bwami bwa mbere ...
03/03/2026

UBWAMI BW'ABAPERESI,IRANI Y'UNO MUSI.

Ubwami bwa Iran ya kera muri Bibiliya bwitwa Ubuperesi,ni bumwe mu bwami bwa mbere bukomeye cane bwigeze kubaho kw’isi.

Isi yabanje iyoborwa n'Ubwami bwiganjije cane bwa Babuloni bwaganjije hafi imyaka 1500,bugira abami hafi 40 ariko bukomera cane kuri Nebukadineza.Umwami Nebukadineza wa kabiri ni we yatsinze Israël abajana mu bucakara i Babuloni kumara imyaka 70.

Kuri Belushaza ni ho ubwami bwa Babuloni bwak***aho n'umwami w'Abaperesi Cyrus the Great canke Kuro,na niwe yaje guha ukwidegemvya Abisirayeli ngo basubire mu gihugu cabo basanure ivyasambutse.

Ubwami bwa P***e (Ubuperesi) bwatanguye nk’imiryango y’abimukira b’aba Indo-Iranian tribes yabaye ku misozi ya Iran Plateau hagati ya Asia yo hagati n’Uburasirazuba bwo Hagati.
Abo bantu:
bari aborozi n’abarimyi,
baba mu moko mato mato,
ata bwami bunini bari bafise mu ntango.
Bari bitwa Abaperesi (Persians).

Ubwami nyakuri bw'Abaperesi bwatanguye igihe c’umwami:
Cyrus the Great,uyu muri Bibiliya yitwa Kuro mu mwaka wa 550 imbere ya Yesu Kristu (550 BC)
Ni we:
yatsinze ubwami bw’Abamedi (Media),
ahuza amoko yose y’Abaperesi,buba ubwami bukomeye cane Medo-P***e,ariko uruhande rukomeye rwari uru rwa P***e na cane cane mu gihe ca Kuro.Uyu, aca ashinga Ubwami bwa mbere bw'Ubuperesi bwitwa:
Ubwami bw’Achaemenid.

Ubwami bw'Abaperesi bwaciye buba igihangange
Mu gihe gito cane:
Cyrus(canke Kuro)yafashe Babuloni
yigarurira Mesopotamia
igihugu caciye kiba "puissance mondiale".
Ubwami bwarash*tse:
muri Egiputa,
muri Turkiya,
gushika mu Buhindi bwa kera,
no mu Burayi bwo mu buseruko.

Ubu bwami bwaje gutsindwa na Alexandre mukuru w'Ubuguriki.

Ikintu gihambaye (no muri Bibiliya),nk'uko nari nakivuze aho hejuru,
Kuro ni we yemereye Abayahudi kuva mu buja bwa Babiloni,
gusubira kwubaka Yerusalemu (Ezira 1).
Ni co gituma Irani (P***e) ifise uruhara runini cane mu mateka ya Israël.Abami bakomeye bavugwa mu bwami bw'Abaperesi ar i yo Irani ya none ni:
- Cyrus The Great,(Kuro),
- Darius wa I (Dario),
- Xerxes wa I ari we Ahasuwerusi yarongoye umuyahudikazi Esiteri mu gihe ca Morodekayi na Hamani.

Ibihe vyinshi,Ubuperesi bwararokoye Abayahudi,kuki uyu musi Abayahudi badacana uwaka na Irani?
Kumbure iyi nkuru tuzoyikomeza.

Address

`Ajman

Telephone

+25769061797

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Yves Jospin Irakoze posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Yves Jospin Irakoze:

Share