Pst Egide Nsengiyumva ministry

Pst Egide Nsengiyumva ministry Maran Atha :JESUS is comming

25/12/2024
30/09/2022

Shalom Shalom bakundwa dusangiye agakiza n'ubuntu twahawe nokwiza Umwami wacu Yesu Kristo.

Ijambo ry'Imana

Yesaya 43:19

Ehe ngira nkore ikintu gisha mbega ntimuzokibona? Nzocinzira no mubugaragwa
Ntembeshe amazi nahagadutse.

Ndasenze mwizina rya Yesu Imana ikore ikintu gishasha mubuzima bwawe aho ubona ko ntanzira ishoboka kuhaboneka Imana iyihace
Aho ubona ko humye ataciza cobonekaho Imana ihasuke amazi y'umugisha

Yobu 42:1-2
Maze yobu yishura Uhoraho ati nziyuka ushobora vyose kandi ko atacobuza gusohora imigambi yawe.

Ivyo Imana yagusezeranije vyose bizoshika uyizere kandi urushirize kugororoka nayo izobikora .Amen

09/02/2022

Ndabaramukije bakunda dusangiye urugendo ruja mw'Ijuru Ubuntu namahoro vy'Umwami YESU KRISTO bibane namwe.

Ijambo ry'Imana

Ivyahishuriwe Yohana 13:8

Kandi ababa mw'isi bose bazogisenga Umuntu wese atanditswe izina mugitabo cubugingo c'umwagazi w'intama yatanzwe kw'ikimwzi uhereye kukuremwa kw'isi.

16 Kigera ko bose aboroshe nabahambaye nabatunzi naboro nabidegemvya nabagurano bashigwako ikimenyetso kukiganza ciburyo canke muruhanga
17kandi ko hatagira umuntu yemeregwa kugira ico agura canke agurisha atari uwufise ico kimenyetso nicozina rya cagikoko canke igitigiri cizina ryaco.

Benedata nagomba ndabibutse ko turi mubihe vyanyuma tube maso twame tugavye umwami wacu arihafi kugaruka.
Twiyeze twitunganye azasange tutagira agasembwa canke irabaga

Wewe utaramwizera iyandikishe mugitabo ciwe uyumusi mukwatura no mukwizera ko Yesu Krito arumwami numukiza wubugingo bwawe
Abaroma 10:9-11
Imana yamahoro ibarinda wamubi Amen.

09/02/2022

Shalom shalom

30/03/2021

Shalom Shalom Shalom

Narinifuje ko twosangira Ijambo ry'Imana ubugira kandi kuko kiyivugira bitantera isoni.

Yobu 8:5-7

5. Ariko weho ni waronderana Imana umwete, Ukinginga Ishobora vyose,
6. Niwatungana ukagororoka,
Nukuri ntiyobura kwikangurira kugutabara, Nogutuma ikiganza c'ubugororotsi bwawe kiroranirwa.
7. Kandi naho itangura ryawe ryari ritoya ,Ariko amaherezo yawe wokwunguka cane

Ncuti mukundwa ndakwifurije kurondera Uhoraho no,
Kugororoka utitaye mubuzima urimwo kuko naho itangura ryawe woba ubona ko aririto iherezo rishobora kuba rinini cane.

Imana nyenamahoro ibahe iherezo ryiza mwizina rya YESU Amen.

28/03/2021

Shalom shalom Ndabaramukije mwizina ry'Umwami wacu Yesu Kristo.

Nari nifuje ko twosangira Ijambo Ry'Imana riri 2Ngoma 20:15

15.aravuga ati nimutege amatwi yemwe Bayuda mwese namwe abana i Yerusalemu nawe Mwami Yehoshafati:uku ni k'Uhoraho agize :ati ntaco mutinya canke ngo muranduke imitima kubwayo masinzi y'Ingabo Kukwintambara atariyanyu ariko niy'Imana

Sinzi isinzi ryibibazo ufise
Sinzi intambara uriko uragwana

Ariko nagomba ndagutangarize
Niwizera Yesu intambara nibibazo biguhanamiye biracika ubusa.

Ikibazo sivyuhanganye navyo
Ikibazo nivyuhanze amaso.
Garuka kumukiza Yesu nawe araza
Azanwe nokugukiza.

Imana nyenamahoro igukomeze yongere ikugwanire mwizina rya YESU Amen.

Address

Kayole
Kilimani

Telephone

+254796614481

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Pst Egide Nsengiyumva ministry posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share