Paroisse Notre Dame de l'Assomption de Rumonge

Paroisse Notre Dame de l'Assomption de Rumonge La paroisse Notre Dame de l'Assomption de Rumonge a étè crée en 1950 ,situé au sud du Burundi au Diocèse catholique de Bururi dans la vicariat Imbo et Mirwa.

13/07/2026
13/07/2026

*_Ijambo ry’Umukama, indwi ya 15 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, années paires_*

*IGISOMWA CA MBERE*

_Ivyo dusoma mu gitabu Umuhanuzi Izaya (7, 1-9)_

Ku ngoma ya Akazi, umwami wa Yuda, Rakoni, umwami Siriya be n’umwami w’Israyeli baremesha inama, bagenda gutera Yeruzalemu; ariko ntibashobora gutwara igisagara. Ngo bumve mu ngoro ya Dawudi yuko ingabo z’Abasiriya zinjiye muri Efurayimu, umutima w’umwami urasimba, be n’imitima y’abantu biwe, nk’uko ibiti vyo mu kibira bihungabanywa n’umuyaga. Maze, Umukama abarira Izaya ati: «Genda kwa Akazi, uri kumwe n’umwana wawe yitwa Amasigarira azogaruka, umusanganire aho umugende w’igitanga co haruguru ugarukira, ku nzira ija mu murima w’umumeshi; maze, ubarire umwami uti: Gira amahoro, ntutinye, nturandurwe umutima n’ivyo bishirira bibiri bifumba, ari vyo birake umwami wa Siriya n’umwami w’Israyeli baguteye. Kuko Abasiriya, Abanyefurayimu n’umwami w’Israyeli baguhigiye imihigo, bavuga bati: Nimuze dutere ubwami bwa Yuda, tuzobutsinda kandi tuzokwiyimikira mwene Tabeli nk’umwami waho. Ng’iri rero iriyazwe n’Umukama: Iyo migabo yabo ntizorama kandi ntizoshika; kuko iremezo rya Siriya ari Damasi, kandi iremezo rya Damasi ari Rakoni; iremezo rya Efurayimu ni Samariya, nta myaka mirogo itandatu n’itanu izoshika Abanyefurayimu batatikiye, batakiri igihugu. Nimwanka kwemera, ntimuzohangama.» Ng’iryo iriyazwe n’Umukama.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 47 (48) 2-3a, 3b-4, 5-6, 7-8*

_Icit. Igisagara Umukama yiyubakiye, azogikoineza imyaka yose._

Umukama ni we mukuru kandi ni we akwiye gushimagizwa mu gisagara c’Imana yacu, ku musozi mweranda kandi uhimbaye, ari wo rweze rw’isi yose.

Uwo musozi wa Siyoni uri hagati y’isi yose, ni wo murwa w’Umwami akura abandi; Imana iravyagiye mu ngoro zaho, ikimenyesha Rutaganzwa.

Abami bari bakoranye ngo bawutere icarimwe; babaye bakiwuhumukako, barajumararirwa, ubwoba burabatekera, barata barahunga.

Bafatiwe icarimwe bahinda agash*tsi, barasusumira nk’umugore ari ku nda; amato yaturuka i Tarsi yamenaguwe n’igihuhusi c’umuyaga kivuye mu buseruko.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya._*

_Uyu musi, ntimugire agatimatare, nimwumvirize riho ijwi ry’Umukama._

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 20-24)_

*Yezu aja mu vyo gutuka ibisagara yari yagiriyemwo ibitangaro biruta ivyo yakoreye ahandi, kuko abantu baho batari bigaye: «Urahumiwe Korozini! Urahumiwe Betsayida! Kuko ibitangaro vyagiriwe iwanyu, iyo bigirirwa muri Tiri na Sidoni, abantu baho baba barigaye imyaka, bakipfuka amagunira kandi bakisukako umunyota. Ariko ndababibabwiye, ku musi w’urubanza, Tiri na Sidoni bizobona igihano kiri mu nyuma y’icanyu. Weho Kafaranawumi, nturi mu bicu? Uzocuba ushike kure; kuko ibitangaro vyagiriwe muri wewe, iyo bikorerwa muri Sodoma, ico gisagara kiba kigihagaze n’ubu. Kandi ndabikubwiye, ku musi w’urubanza, uzobona amabi aruta aya Sodoma.»*

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

Address

Rumonge
12345

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Paroisse Notre Dame de l'Assomption de Rumonge posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share