13/08/2026
kuwa kane ige 13/8/2026 (UBUNTU N, Ukuri) yohana 1: 17 Kukwโ ivyagezwe vyazanywe na Mose, UBUNTU N, UKURI vyazanywe na YESU KRISTOโ.* _Ijambo ry'umwaka : KWUBAKA UBUCUTI N'IMANA_.
*Shalom Shalom Mwene Data, Kaze dusangire ijambo ry'Imana ๐๐พ๐๐พ๐๐พ*
_Thรจme : Kurongorwa na Mpwemu yera.
_๐ฅYohana 16:๐ฅ_
7 Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n'uko jewe ngenda; k*ko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira.
๐ตYesu nashimwe mukundwa. Ijambo ry'Imana riravuga ngo : *Ndavuga nti Mugendeshwe na Mpwemu, ni ho mutazosh*tsa ivy' akameremere kanyu kipfuza.* Ab'i Galatiya 5:16. Aha turiko duhamagarirwa kugendeshwa na Mpwemu. Nimba rero tutarongorwa na Mpwemu yera, turongorwa nande? *N'ibintu bibiri mumbabarire cane ndabivuge. Nimba utarongorwa na Mpwemu yera, urongorwa na Mpwemu yirabura, uwo ni dayimoni.* N'ibintu bibiri, umuntu atari mu mwiza ari mu muco. hari abuvuga ngo ndi mu muco gato, no mu mwiza gato. Uwo ijambo ry'Imana riramubwira ngo : *ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk' udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank' ukabira! Nuko rero k*k' ur' akazuyazi, udakonje ntubire, ngira nkudahwe.* Ivyahishuriwe Yohana 3: 15-16. Umuntu adafise aho ahagaze burundu, uyo Imana Izomudahwa pe. Uyo muntu wakazuyazi n'umuntu ari mu mwiza ariko wewe abona kwari mu muco. *uwo, Ntashobora kurongorwa na Mpwemu Yera.* Nashaka k*kubaza, mugihe utariko urongorwa na Mpwemu yera, uba uriko urongorwa n'iki? *Tube maso k*ko iyo tutariko turongorwa na Mpwemu yera, satani aratwitiza neza maze nawe akadukoresha. Birateye ubwoba.*