Eglise Evangelique Des Amis Gitongo

Eglise Evangelique Des Amis Gitongo Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Eglise Evangelique Des Amis Gitongo, Evangelical church, Mutaho.

Amakoraniro yogusenga kuruyuwa 05/10/2025  Aho harumunezero mukwakira umukozi w'IMANA :JULES yari yavuye ingozi yadusang...
05/10/2025

Amakoraniro yogusenga kuruyuwa 05/10/2025 Aho harumunezero mukwakira umukozi w'IMANA :JULES yari yavuye ingozi yadusangije ijambo ry'IMANA rifise umutwe(thème) ivugako:

URUGAMBA TURIMWO SUGUYU MUBIRI

PASSAGE SANS LE BIBLE:

Ibirwanishwa vy'umukristo

10 h Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi. 11 i Mwambare ibirwanishwa vyose vy'Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n'ubugunge bga wa Murwanizi. 12 j K*kw abo tunigana atar' ab' inyama n'amaraso, ariko tunigana n'abakuru n'abafise ububasha n'abaganza iyi si y'umwiza, n'impwemu mbi z'ahantu ho mw ijuru. 13 k Kubg' ivyo mwabire ibirwanishwa vyose vy'Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye. 14 l Nuko rero mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk'icuma gikingira igikiriza, 15 m mwambaye inkweto z'ivyo ubutumwa bgiza bg'amahoro bibiteguza; 16 n kandi hamwe n'ivyo vyose mwabire inkinzo y'ukwizera, ni yo muzoshoboza ku*imisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro. 17 o Mwabire inkofero y'agakiza, bo n'inkota ya Mpwemu, ni yo jambo ry'Imana: 18

I
Yatwigishijeko nka bakristo urugamba turimwo si ugukurwanisha ibisasu canke amabombo k*ko abo turwana sababoneka kandi sabinyama namaraso ariko ko dukwiye kwambara ibirwanishwa Imana itango kugira tuneshe urworugamba
1. twambare ubwambere ukugororoka ata caha dutise
2. twambare inkweto z'ivyo ubutumwa bwiza mukubwira abandi ivya kristo mukubabwira ubutumwa bwiza
3. dufise inkizo yukwizera kugira tuneshe imyampi yawamubi
4. dufise inkofero yagakiza ni nkota yampemu yera.
Hama niryojambo nawe uribonye ugire icorikwigishije kandi habaye nakaryo keza ko gusengera imitwaro itandukanye murake rero mwese mugiye gushira mumgiro ico Ijambo ry'imana ritwigishije amen.

Amaho y-Imana mwese hama nagomba kubasangiza iyindirimbo kuri youtube ngo muyikurikirana mugufyonda kuri: S'ABONNER like...
03/10/2025

Amaho y-Imana mwese hama nagomba kubasangiza iyindirimbo kuri youtube ngo muyikurikirana mugufyonda kuri: S'ABONNER like ngiyo aho hepfo πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡ Murkoze kand ntimibagire na j'aime na partage

Enjoy the videos and music you love, upload original content, and share it all with friends, family, and the world on YouTube.

Harumunezero kwishengero ry'ABAGENZI MUGITONGO aho abana bari bamaze idwi  b**a VBC umutwe wayo ni: IGITABO KITAGIRA AMA...
29/07/2025

Harumunezero kwishengero ry'ABAGENZI MUGITONGO aho abana bari bamaze idwi b**a VBC umutwe wayo ni:

IGITABO KITAGIRA AMAJAMO

Abana bari banezerewe kand cane rer abaveyi mukwiye kureresha abana ijambo ry'Imana kugira bakurire mububtu bwayo!πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ˜€πŸ˜€πŸ˜πŸ˜

Warumunezero ntangere aho hariko harakirwa aba kritso mwisherero ryabagenzi MUGITONGO ubwa 1 nubwa 2 namwe nimuvyirabire...
26/07/2025

Warumunezero ntangere aho hariko harakirwa aba kritso mwisherero ryabagenzi MUGITONGO ubwa 1 nubwa 2 namwe nimuvyirabire hari igenekerezo rya 20/07/2025 πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ˜€πŸ˜€πŸ˜€πŸ˜€

Imana ifise umugambi mwiza kubu*ima bwaweMukundwa Yesu aragukundaπŸ‘‡Paster Joseph Ngendakumana Kurwana intambara kumukrist...
20/07/2025

Imana ifise umugambi mwiza kubu*ima bwawe
Mukundwa Yesu aragukundaπŸ‘‡
Paster Joseph Ngendakumana

Kurwana intambara kumukristo dutahura ko ivyago bishika kumukristo.rero ninaho arwana kugirango aneshe adataye urukiza.

Vyukuri Imana nunyenkomezi k*ko iraturwanira mukutwigisa. Amajambo y'Imana mugitabo ca 1yohana 2:15-17

Ntimugakunde isi, cank' ibiri mw isi. Umuntu ni yakunda isi, ugukunda Data wa twese ntikuzoba kuri muri we. K*kw ikiri mw isi cose ar' ivyifuzo vy'umubiri, n'ivyifuzo vy'amaso, n'ubgibone bg'ubu bugingo, bitanduruka kuri Data wa twese, ariko vyanduruka mw isi. Kand' isi irikw irashirana n'ivyifuzo vyayo, arik' ukora ivy' Imana .
Ugusenga ni gukuru kudushikana kuri Data wa twese.
Shengero dusanguye urugendo rwokuja mw'ijuru turasabwa kuguma munzira Yesu kristo yadusezeranuye
Imigani4:25-27

Ijambo ry'Imana ritwereka ko atawundi dukwiye guhanga amaso. Abo twoyahanga ntahandi bitujana atari munzira yamahonero

Noneho iyo nzira ntawundi yoyitwereka atari wenyene k*ko ari inzira ipfunganye

Imigani2-18
Mbega twokwifatanya na maraya kandi inzu yiwe ihengamiye murupfu? Kandi n'inzira ziwe zija mumivyimba?

Nimuze shenfero ry'Imana twikoreze ingata yuwe itababaza nk'uko yavuze.Turwane n'umwasi Satani k*ko aho Imana yadusezeraniye kuzoba ,arazi ivyiza biriyo niyo mpamvu adashaka kotwoshikayo.
Rero ashaka ukuntu yotubuza kuzohabona .

Mwarahezagiwe ,Murabanyamugisha

Gutabga kuzana umugisha nguku uko BIBIRIYA ivuga kuvyo gutanga umushuzo(ivyeze vyamber)Ni mugitabo co :GUSUBIRA MUVYAGEZ...
02/07/2025

Gutabga kuzana umugisha nguku uko BIBIRIYA ivuga kuvyo gutanga umushuzo(ivyeze vyamber)

Ni mugitabo co :GUSUBIRA MUVYAGEZWE 26:1-11πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡

Ivy' ivyeze vy'umushuzo, n'ibindi bindi

1 Ni mwamara kwinjira igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kw ishamvu, mukacegukira, mukakibamwo
2 a muze mwabire ku vy'umushuzo vyo mu mirima yanyu, ivyo muzokwimburira mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, umuntu wese abishire mu gisimbo, abijane ha hantu Uhoraho Imana yanyu azoba yatoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe.
3 Az' ashikire umuherezi azoba ariho mur' ico gihe, amubarire, at' Uyu musi Uhoraho Imana yawe ndamwaturiye yuko nash*tse mu gihugu yarahiye ba sogokuruza bacu kw azokiduha.
4 Uwo muherezi amwakirire ico gisimbo, akijane agitereke imbere y'igicaniro c'Uhoraho Imana yanyu.
5 b Wa wundi akomeze kwaturira imbere y'Uhoraho Imana yiwe, ati Sogokuruza yar' Umwaramu w'inyererezi; aramanuka, aja muri Egiputa, babayo ar' imparurwa; bahindukirayo ihanga rinini rihambaye, ry'isinzi
6 c At' Abanyegiputa batugirira nabi, badutwaza ituntu, badushira mu buja bukomeye.
7 d Maze dutakambira Uhoraho Imana ya ba sogokuruza, Uhoraho yumva ugutakamba kwacu, abona amarushwa yacu, n'ubucumukure bgacu, n'agahahazo turimwo.
8 e Ati Maz' Uhoraho adukura muri Egiputa, adukuzayo ukuboko kw'inkomezi kandi kubanguye, n'ibiteye ubgoba bihambaye, n'ibimenyetso n'ibitangaza.
9 f Araheza atuzana ino, aduha iki gihugu, ar' igihugu gitemba amata n'ubuki.
10 Ati None nzanye ku vy'umushuzo vyo mu mirima wampaye, ewe Uhoraho. Ukw az' abe ari kw abitereka imbere y'Uhoraho Imana yiwe, amusenge.
11 g Aheze anezererwe ivyiza vyose Uhoraho Imana yiwe yamuhaye, anezeranwe n'abo mu rugo rwiwe, n'Umulewi n'inyambukira baba i wabo.

Abantu twameny Imana ntidukwiye kuguma dukora ivya nk*ko tubibona mwijambo ry'Imana: 1YOHANA 3:4_12 πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡Gukora ivyaha n...
16/06/2025

Abantu twameny Imana ntidukwiye kuguma dukora ivya nk*ko tubibona mwijambo ry'Imana: 1YOHANA 3:4_12 πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡πŸ‘‡

Gukora ivyaha ntikubereye abana b'Imana

4 c Umuntu wese akora icaha akora ivy' ubugarariji; kand' icaha ni co mugararizo. 5 d Kandi murazi yuk' uwo yahishuwe kugira ngw akureh' ivyaha, kand' ata caha kiri muri we. 6 e Umuntu wese aguma muri we ntakora ivyaha; ukora ivyaha wese ntiyamubonye kandi ntiyamumenye. 7 f Bana bato, ntihakagire ubazimiza: ukora ibigororotse ni we agororoka, nk'uk' uwo agororoka. 8 g Ukora ivyaha n'uwa wa murwanizi, k*k' uhereye ubga mbere na mbere uwo Murwanizi yamye akora ivyaha. Icatumye Umwana w'Imana ahishurwa ngiki: n'ukugira ngw asangangure ibikorwa vy'Umurwanizi. 9 h Umuntu wese yavyawe n'Imana ntakora ivyaha, k*kw imbuto yayo iguma muri we; kandi ntashobora gukora ivyaha, k*ko yavyawe n'Imana. 10 Iki ni co kimenyekanisha abana b'Imana n'abana b'Umurwanizi: udakora ibigororotse wese s'uw' Imana, cank' udakunda mwene Data wundi.
11 i K*k' ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane; 12 j ntiduse na Kayini, yar' uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand' icatumye amwica n'iki? N'ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.

Twese tugiy kubikirikiza ivyo irijambo ry'Imana ritubwiye: tumenye ko ugukora ivyaha kandi twaramenye Imana biyabereye Amen.

Theme:KUBA UMUHIRWE Passage dans le bible:MAYAYO 5:1-12YESU YEREKANA ABAHIRWE AB'ARI BO1.Abonye iryo shengero, aduga umu...
26/05/2025

Theme:KUBA UMUHIRWE

Passage dans le bible:MAYAYO 5:1-12

YESU YEREKANA ABAHIRWE AB'ARI BO

1.Abonye iryo shengero, aduga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwegera. 2 Yanzika kuvuga, arabigisha,
3 b ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, k*k' ubgami bgo mw ijuru ar' ubgabo.
4 c Hahirwa abatuntuye, k*kw ari bo bazokwirurwa.
5 d Hahirwa abatekereza, k*kw ari bo bazoragwa isi.
6 Hahirwa abafise inzara n'inyota vyo kugororoka, k*kw ari bo bazohazwa.
7 e Hahirwa abagira imbabazi, k*kw ari bo bazozigirirwa.
8 f Hahirwa abafise imitima itanduye, k*kw ari bo bazobona Imana.
9 g Hahirwa ababanguranya, k*kw ari bo bazokwitwa abana b'Imana.
10 h Hahirwa abahamwa bahorwa ukugororoka, k*k' ubgami bgo mw ijuru ar' ubgabo.
11 i Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampoye. 12 j Munezerwe, muhimbarwe, k*kw impera zanyu ari nyinshi mw ijuru: k*kw ari ko bahama abavugishwa n'Imana ba mbere. kwicara, abigishwa biwe baramwegera. 2 Yanzika kuvuga, arabigisha,
3 b ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, k*k' ubgami bgo mw ijuru ar' ubgabo.
4 c Hahirwa abatuntuye, k*kw ari bo bazokwirurwa.
5 d Hahirwa abatekereza, k*kw ari bo bazoragwa isi.
6 Hahirwa abafise inzara n'inyota vyo kugororoka, k*kw ari bo bazohazwa.
7 e Hahirwa abagira imbabazi, k*kw ari bo bazozigirirwa.
8 f Hahirwa abafise imitima itanduye, k*kw ari bo bazobona Imana.
9 g Hahirwa ababanguranya, k*kw ari bo bazokwitwa abana b'Imana.
10 h Hahirwa abahamwa bahorwa ukugororoka, k*k' ubgami bgo mw ijuru ar' ubgabo.
11 i Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampoye. 12 j Munezerwe, muhimbarwe, k*kw impera zanyu ari nyinshi mw ijuru: k*kw ari ko bahama abavugishwa n'Imana ba mbere.

Iryojambo ry'IMANA ritubwira abahirwe abaribo ,Yesu abwira iryoshengero abahirwe abaribo ko hahirwa abafise inzara niryota vyukugororoka k*kwaribo bazohazwa namwe ndabipfurije kugira iyonzar niryota vyokugororokera Imana kand muzohabw impera nyishi mwijuru Amen!

[20/05 05:47] Iranyumva Nelly: THEME:AGAKIZA NI URUGUNGURUZO RUTUB9HORApassage dans le bible: YOHANA4:1-43Yesu avugana n...
20/05/2025

[20/05 05:47] Iranyumva Nelly: THEME:AGAKIZA NI URUGUNGURUZO
RUTUB9HORA

passage dans le bible: YOHANA4:1-43

Yesu avugana
n'Umusamariyakazi

1 a Umwami Yesu amenye kw Abafarisayo bumvise yukw aronka abigishwa benshi, kand' abatiza benshi, arusha Yohana, 2 b (ariko Yesu ubgiwe si we yabatiza, bar' abigishwa biwe), 3 ava i Yudaya, asubira i Galilaya. 4 c Yumva akwiye guca i Samariya. 5 d Nukw ashika ku gisagara c'i Samariya citwa Sukara, hafi y'umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe, 6 kand' aho har' iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n'urugendo apfa kwicara kw iriba, hari nk'isaha zitandatu.
7 Haza umugore w'Umusamariyakazi kuvoma: Yesu aramubgira, at' Umpe utwo kunywa. 8 K*kw abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura indya. 9 e Uno Musamariyakazi aramubaza, ati Wewe ur' Umuyuda, non' unsaba amazi ute, jewe nd' Umusamariyakazi? (Ni k*kw Abayuda n'Abasamariya banenana.) 10 f Yesu aramwishura, at' Iy' uba war' u*i ingabire y'Imana, ukamenya n'ugusavye ngo Mpa utwo kunywa uw' ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y'ubugingo. 11 Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand' iriba rikaba ari rirerire, non' ayo mazi y'ubugingo uyakura hehe? 12 g Mbeg' uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n'abana biwe, n'amasho yiwe? 13 h Yesu aramwishura, at' Unywa kur' ayo mazi wese azosubira kugira inyota; 14 i arik' unywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gush*tsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y'amazi yiburuka azana ubugingo budashira. 15 Uwo mugore aramubgira, ati Mugenzi, mpa se ayo mazi, sinze ngire inyota, kandi sinze ngaruke kuvoma ino hose.
16 Yesu aramubgira, ati Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino. 17 Uwo mugore aramwishura, ati Nta mugabo mfise. Yesu aramubgira, at' Uvuze ko, k'ugize ngo nta mugabo ufise, 18 k*ko war' ufise abagabo batanu, arik' uwo ufise ubu s'umugabo wawe; ivyo ubivuze ukuri. 19 j Uno mugore aramubgira, ati Mugenzi, ndabona k'ur

Address

Mutaho

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Eglise Evangelique Des Amis Gitongo posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share