22/08/2026
Urugendo rw’Abana mu bubwirirza bwa Gitega
Mu rugendo barimwo mu ntara ya Gitega abana bo kw’Iriba-Kamenge kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 22 myandagaro 2026 bagendeye ikirimba co mu Gishora aho umwami Mwezi Gisabo yahungiye mu gihe yariko arahirwa na Kilima na Maconco.
Muri ico kibanza abana biboneye ingoma Ruciteme na Murimirwa zavyaye izindi zikaba zavuzwa rimwe mu mwaka mu kwezi kwa 12 ku musi w’umuganuro.
Binjiye mu nzu umwami yabamwo barabona ibikoresho bitandukanye harimwo urubaya, icansi, imikuza, uburiri yararako, ingangura bicisha uwamenje n’ibindi bikoresho.
Abana bash*tse mu kigo i bwami. Aho naho hakaba hari igikoni abakevyi barondereramwo ibifungurwa vy’umwami, ubwiherero n’ubwogero yakoresha.
Muri ico kibanza nyene abana bash*tse ahashingiwe umwamikazi Inarukundo umugore wa Mwezi hamwe n’intatemwa ya Antime Baransakaje inararibonye mu murisho w’ingoma.
Bavuye aho abana baciye berekeza mu gisagara ca Gitega ahari ikigo c’iratiro ry’akaranga ku Burundi musée national aho babonye ingene abo hambere bari babayeho. Aho naho babonye ibicurarangisho vya kera, urwembe bakoresha mukumwa abantu, impuzu z’ibiti, ibihete, imiringa, urusato bahekamwo umwana, amasuka, imihoro, amaceri batwaramwo umwami, amabuye bakoresha nk’imbugita mu myaka yi 3000 Yesu ataravuka hamwe n’ishusho y’igisagara ca Bujumbura ku muzo w’abadagi.
Inyuma y’urwo rugendo baciye berekeza kuri Paruwasi Nyabugogo aho bakiranywe igishika na bagenzi babo.
Tubamenyeshe Kandi ko abo bana baherekejwe n’abigisha babo hamwe n’umwunganizi wa pasitori ,Pasteur Simon!