26/02/2026
ISI UBONA NI YO UBAMWO
“Isi si nto nk’uko ubwenge bwawe bubitekereza.” — Shakespeare
Ni iki “Worldview”?
“Worldview” ni uburyo ubona kandi usobanura ukuri.
Ni ukwemera kwawe ku bijanye n’isi, ubuzima, Imana, abandi bantu, n’aho ejo hazaza herekeza.
Buri muntu wese afise “worldview” yiwe.
Naho twigishwa n’ishure, idini, abavyeyi, ibinyamakuru, n’abayobozi, umwe wese aratekereza mu buryo butandukanye.
Uburyo ubona isi ni bwo bugena uko uyibamwo.
Niwemera ko isi ari iy’ugutinya, yuzuyemwo intambara n’ukwikenya — uzobaho ugerageza kwirwanaho no kuganza abandi.
Niwemera ko isi ari iy’ubwinshi, ubufatanye n’iterambere — uzobaho wubaka, wita ku bandi kandi urinda ibidukikije.
Ivyo wemera bigena ivyo ubona bishoboka.
Ivyo ubona bishoboka bigena ivyo ukora.
Ivyo dukora twese hamwe bigena aho isi ija.
Niwemera ko uri igice c’ibinyabuzima vyose — uzovyitwararika nk’uko witwararika umubiri wawe.
Niwemera ko ejo hazoza ari ivyago gusa — ntuzoraba cane ku kurengera isi canke gufasha abandi.
---
Ni igiki girema “Worldview”?
Ivyo waciyemwo (ububabare canke urukundo)
Ivyo wigishijwe kuva ukiri muto
Amakuru uhabwa (media)
Amashure
Idini
Leta n’abafise ubutegetsi
Abafise ububasha bwo kugena amakuru ni bo kenshi bagena n’uburyo dutekereza.
Ivyo biheza bikagena uko twitwara.
---
Ibibazo wokwibaza kugira umenye “Worldview” yawe:
Ndi nde vy’ukuri?
Ndi umubiri gusa, canke hari ikindi kirenze umubiri?
Ubuzima bufise intumbero iyihe?
Umwidegemvyo ni iki?
Uburenganzira bwa muntu ni iki?
Isi ni iy’ugutinya canke ni iyokwizigira?
Hari iciza n’ikibi vy’ukuri?
Urukundo ni iki?
Ibibazo nk’ivyo ni vyo bigufasha kumenya lens ukoresha mu kubona isi.
---
Isi iri ku mahuriro abiri (Fork in the Road).
Hari inzira 3 zishoboka:
1. Gusubira inyuma mu mvururu n’uguhonyanga.
2. Isi igenzurwa n’abafise ubutegetsi bukomeye cane (global control).
3. Canke kuvuka kw’isi nshasha yubakiye ku kuri, ku burenganzira bwa buri muntu, no ku bufatanye.
Turenze kure cane abo bashaka kuganza — ariko ntibashobora kuduganza kiretse bagenzuye ivyiyumviro vyacu.
Nugenzura ivyiyumviro vyawe, urafise ububasha ku buzima bwawe.
---
“Si bihagije kuba maso. Ikibazo ni ico uba maso kuri co.”
Isi nshasha iriko iravuka.
Ariko izovuka gusa igihe abantu bazofungura imitima n’ubwenge, bakareka gutinya guhindura uko babona ukuri.
Isi utanguza iri mu mutima wawe.
Uko uyitekereza, ni ko uyirema.