30/04/2026
Kuwa 29 Ndamukiza , mu gisata ca Rugari no mu mubano wa Gikombe uri mugisata ca Gitamo Aho akaba ari muri Paruwase ntoya ya Ceru Gitamo, baramutse bahimbaza abavunyi:
-Gatarina w'I siyenne Mweranda umuvunyi w'igisata ca Na
-Ludoviko Mariya w' Monforo Mweranda umuvunyi w'umubano wa Gikombe.
Bikaba vyabereye mu ngoro y'Imana yitiriwe Umushaha Mweranda wa Yezu mu nkuka y'imisa yatanguye 14h30 irongowe Na , Patiri mukuru wa Paruwase Bikinga : mu nsiguro y'ijambo ry'Imana yarasavye abakristu b'igisata ca Rugari guharanira ubumwe ,kunywanisha aba n'abandi no gukunda Ekleziya mu kuyisabira nk'uko biri muvyaranze Gatarina Mweranda w'i Siyenne.
Yaringeye asaba abakristu b'umubano wa Gikombe KO borangwa no gukunda gusenga no gukora utwigoro nk'uko Ludoviko Mariya w'imonforo Mweranda yabikoze akiri kw'isi.
Inyuma y'inkuka ya misa habandanirijwe Ku kwiginana mu gatutu kabereye mu nyubakwa y'imanza Aho muri Ceru-Gitamo.
Radio Maria Burundi
Following Love