28/08/2026
🔥 INTEGURO Z’URWARUKA | KWITEGURIRA VENDREDI SPECIAL 🔥
Ejo, mu nteguro z’urwaruka rwo muri JA Gihosha, habaye akaryo kadasanzwe ko kwakira no kubonana n’umwe mu bayobozi bahoze bayobora uwo muhari mu kiringo c’imyaka 3, SYL Mechack Lwamba, yaje ava mu gihugu kibanyi ca Congo. 🇨🇩🤝🇧🇮
Urwaruka rwa Gihosha rwagize akamwemwe kenshi mu kongera guhura n’umuyobozi bakunda cane, akaba yakiriwe n’Umukuru wa JA muri District ya Gihosha, SYL Severin Yesaya MANIRAKIZA.
Mu majambo yiwe, SYL Mechack Lwamba yibukije urwaruka ati:
“Igikorwa c’Imana si ic’Umukuru wa JA hano, ni icacu twese.”
Yongera ati:
“Nimba utari uwutuma urwaruka rutera imbere, ntukabe intambamyi ituma urwaruka rudatera imbere canke rusubira inyuma.”
🔥 Aya majambo yabaye umuhamagaro ukomeye ku barongoye urwaruka bose wo gukorera hamwe, guteza imbere urwaruka no kutaba intambamyi y’iterambere ry’igikorwa c’Imana.
🎶 Integuro zarangiye mu munezero ntangere, haca hakurikira inama y’abayoboye ibisata bitandukanye vy’urwaruka, aho barabiye hamwe aho iterambere ry’ibisata rigeze, ivyakozwe n’ibikwiye gukorwa kugira ngo umurimo urushirize gutera imbere.
🙏 Inyuma y’iyo nama, bose basozereye n’isengesho, basaba Imana kubayobora no kubaha inkomezi zo kubandanya umurimo wayo.
Urwaruka rumwe. Umurimo umwe. Intumbero imwe: gukorera Imana no guteza imbere igikorwa cayo. ✝️🔥