08/05/2026
Kuri uno mugoroba wo ku wa 08 Rusama 2026, Umukozi w'Imana Pasteur NDIKUMANA Patrick yabandanije kwigisha icigwa gifise urufatiro " " .
⭕Umukozi w'Imana yateye intege ishengero arihamagarira gusoma Bibiriya kuko kuyisoma we ubwiwe vyamufashije kwihanganira ibigeragezo yacamwo kandi akabinesha.
✍️Ukomukozi w'Imana yibukije ishengero ibitabo vyanditswe muri Bibiriya n'abavyanditse. Yasiguye ingero zakoreshejwe muri Bibiriya z'uburemere nk'italanto,idenariyo,... hamwe n'izuburebure nk'uburebure ukuboko uciriye mu nkokora, , ..., izubiseseka nka , , , ,... ariko kandi hariho n'ingero zikoreshwa mu gupima amahera nka , , ido n'ido y'izo ngero ushobora gikurikirana icigwa kuri ya YouTube ya Eglise Emmanuel Kigobe.
🩸Umukozi w'Imana yavuzeko Yesu kugira yigishe agakiza yakoresheje akarorero k' (Matayo 7:13-14). Muri Isirayeri hari hasazwe amarembo menshi atandukanye (iry'intama, iry'umwavu,...), ariko Yesu yigishije kw'irembo ripfunganye n'iryagutse. Yesu ubwiwe niwe rembo ripfunganye ntawushika mw'ijuru adaciye kuri we (Yohana10:9). Nta kindi codushikana mw'ijuru uretse kwizera Yesu ukamukurikira (Luka18:18-27).
✍️Umukozi w'Imana yahamagariye ishengero ko rikwiye kwizigira Imana gusa kandi ko abaca mw'irembo ripfunganye ko ari abantu biyorosha. Gutyo yaciye abwira ishengero kwigira kuri Yesu Kristo (Matayo 11:29).
👉Umukozi w'Imana Pasteur NDIKUMANA yavuzeko abantu uko turemwe twama twirinderera umuti w'ingorane yadutse; rimwe na rimwe hari igihe twirinderera inyishu zinyuranye n'ivyo Imana ishaka (Itanguriro 4:6-7, 1Timoteyo2:9, 1Petero3:3-5)
📌Umukozi w'Imana yasozereye ahamagarira ishengero kwigira kuri Yesu Kristo kandi avugako tutiganza dukwiye kwemerera Imana tugaca mw'irembo ripfunganye kandi ivyo dukora vyose tukabikorera gushimisha Imana (1korinto10:31,1Korinto6:19-20)
📸