Eglise Méthodiste Unie Paroisse Cankuzo

Eglise Méthodiste Unie Paroisse Cankuzo CANKUZO center

17/05/2026
Mbahe mwaramutse yemwe mwese ncuti z'uru rubuga!Iri ni rya sango ryo gushikana ishikanwa ridasanzwe!RYAGENZE !!!
17/05/2026

Mbahe mwaramutse yemwe mwese ncuti z'uru rubuga!
Iri ni rya sango ryo gushikana ishikanwa ridasanzwe!
RYAGENZE !!!

IYO SANGO UYIZIKO IKI MUNYESHENGERO WA E.M.U??INYISHU NI MURI COMMENTAIRE HASI👇👇
09/05/2026

IYO SANGO UYIZIKO IKI MUNYESHENGERO WA E.M.U??
INYISHU NI MURI COMMENTAIRE HASI👇👇

Amakuru yaranze ikoraniro ryo kuri uyu w'Imana  itariki ya 25 /4/2026 ryatanguye igihe c,isaha zisaha 9h00 nkuko bisanzw...
26/04/2026

Amakuru yaranze ikoraniro ryo kuri uyu w'Imana itariki ya 25 /4/2026 ryatanguye igihe c,isaha zisaha 9h00 nkuko bisanzwe muri paroisse nziza ya CANKUZO mu bubwiriza bwa CANKUZO.

Tukaba twari twatewe iteka numush*tsi adasanzwe Nyakubahwa Reverend pasteur Joas NSHIMIRIMANA akaba ari n,icegera ca Nyenicubahiro Musenyeri wa EMU Burundi_Rwanda;akaba yakiriwe n'abakozi b'Imana duhereye kuri Nyakubahwa Mubwiriza w'ububwiriza bwa CANKUZO;Revend pasteur HARERIMANA Venant wa paroisse CANKUZO ;Serges NIYIBIMENYA Diakone wa paroisse murore;Gratien Pasteur wa paroisse Gasenyi;Pascal TUYIKORERE pasteur wa paroisse Camazi.

Nayo mumatangazo yakubahwa mubwiriza wa cankuzo yatangarije abakristo ba paroise cankuzo yamenyesheje ko bokwitegurira igikorane C,Igihugu mw,ishengero rya methodiste unie kizobera mububwiriza bwa cankuzo muri paroisse cankuzo.
Akaba kandi yamenyesheje ishengero ko Inama Y'umwaka izobera muri paroisse CANKUZO.

Nayo Nyakubahwa Reverand pasteur JOas icegera c'uwuserukira ishengero imbere y,amategeko yashimangiye cane ahimiriza ishengero kwitegurira inama yumwaka hamwe nigikorane c,igihugu,
Akaba kandi yamenyesheje ishengero Ryaraho programme y'ishengero yo gutanga ituro ritubutse ryo gushigikira Amashure Ndoramana akababa ari intumbero yatanzwe na Nyenicubahiro Musenyeri wa EMU Burundi_ Rwanda iryo shikanwa rikazotangwa mumashengero ya Methodiste unie yose kwisi, ico gikorwa kikazoba igenekerezo rya17/5/2026

Nayo mwijambo ryImana ryashikirijwe numush*tsi iteka nyakubahwa Reveren Joas ryo muri YEREMIYA45:1_5 ryari rifise theme ivuga ngo:

"UMUKRISTO AKWIYE KWIHANNGANNIRA IBIMUGERAGEZA"

Yashikirije ko umuntu wese mugikorwa ajejwe mwishengero gifise ingaruka nziza canke zibi kuriwe.
Ati harigihe umuntu aja mukigeragezo ukorera Imana ukiheba ati ariko ntiba yagutaye namba igihe C'Imana kigeze uratabagwa ntakabuza .

19/04/2026
Ikoraniro ryo kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 19/4/2026 ryatanguye igihe c'isaha 9h00 nkuko bisanzwe bigenda muri paroi...
19/04/2026

Ikoraniro ryo kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 19/4/2026 ryatanguye igihe c'isaha 9h00 nkuko bisanzwe bigenda muri paroisse ya CANKUZO .

abaririmvyi bafashijwe n'Imana bahimbaje Imana muunezero mwishi!

MW,ijambo ry,Imana ryo muri Abifilipi3:7_16 ryashikirijwe na mwarimu w,itabariro rya nyakerera Leonard HATUNGIMA yashikirije ko umukristu yokwama ari umwizigirwa mugushira imbere ivy' ikimazi na cane cane ko intumbero nyamukuru y'uwakiriye Yesu Kristo ari ukuzoragwa ubwami bwo mw'Ijuru.

Yahamagariye ishengero ko bokwifatanya n'Intumwa Paul muguheba ivyo vyose vyobatandukanya n,urukundo rw'Imana bakamenya ko Yesu kristo ariwe munezero wacu.

Yahamagariye ishengero kandi ko batosubira mungeso mbi bahozemwo bakabandanira ubwami bw,Imana.

Muba Roma8:24_25;
Yibukije ishengero ko ryakijijwe mukugira ico ryiteze ;ko ishengero ryokwama ryiteguriye ukugaruka k'umwami Yesu kristo.

Mugusozera yahamagariye ishengero kugumya agakiza no kutaja muvyakera bitagira ikimazi!

Ikoraniro ryo kuri uyu w,IMANA igenekerezo rya 12/4/2026 ryatanguye igihe c,isaha 9h00 nkuko bisanzwe muri paroisse cank...
12/04/2026

Ikoraniro ryo kuri uyu w,IMANA igenekerezo rya 12/4/2026 ryatanguye igihe c,isaha 9h00 nkuko bisanzwe muri paroisse cankuzo.

Hambavu yubutumwa bwashikirijwe n'ama korare hamwe n,imihari itandukanye ,
Umwungere w,ishengero rya cankuzo, Révérend pasteur HARERIMANA Venant yagaburiye ishengero ijambo ry,Imana ryo mugitabo ca 2ABAMI 4:1_7.

Muri ubwo butumwa hari umupfazi yarafise ideni yasigiwe mugabo wiwe ariko kuriha bimubera umutwaro ukomeye cane ariko Imana iramutabara biciye kumukozi W,Imana Elisa.
Umukozi W,Imana yigishije ko kwizera yesu biremesha atampamvu yokwiganyira mubibazo vyose umuntu yoba arimwo.

ABAROMA8:31_34 yashikikirije ko urukundo rw,Imana ari akabura rugero kuri kiremwa muntu guko yesu yaje ngaha kw,isi arapfa kugira ducungurwe aho hose rwari urukundo yadukunze.

Umukozi W,Imana yasozereye amiga yuno musi asengera ishengero yipfuriza ishengero ko ryotabarwa mubibazo barimwo.

Mugatondo kuno musi itariki ya5/4/2026 niho twibuka ukuzuka kumwami wacu yesu kristo ariyo pasika .ijambo ry,Imana ryigi...
05/04/2026

Mugatondo kuno musi itariki ya5/4/2026 niho twibuka ukuzuka kumwami wacu yesu kristo ariyo pasika .ijambo ry,Imana ryigishijwe num ukozi WIMaNa Roger Bakundukize ryo muri matayo 28:1_10. Yasiguriye ishengero ko pasika bisigura kurengana.muri yo nyigisho nyene yigishije ko umugororotsi ntapfa ahubwo arasinzira ati arico gituma yesu ataheze mumva ahubwo yazutse kuko icari camuzanye ari ukuducungura. Mu nyigisho yatanze kandi yavuze ko hari bamwe bibaza ko Imana izogira deliberation kuvyaha bakoze, ati deliberation yesu yarayikoze kumusalaba .ati ariko harabatavyizeye ngo bategereje iyindi deliberation ati abo bazogira ingorane nibarenguka imbere y'Imana batizeye ico Yesu yakoze kumusalaba. Muba Roma8:1-8 yigishije ko abari muri kristo yesu atarubanza ruzobatsinda kuko yesu yaje kudukiza ivyo ivyagezwe bitabashoboye kudukiza. Yasozereye atanga impanuro zitandukanye zidukangurira gusenga mukwegera Yesu aho kwizera ibindi bitagira ikimazi. Ati iyo witwararitse ivyumubiri gusumba ivyimpwemu ati uwo muntu ntahimbara Imana nagato. Yasozereye yibutsa ishengero ko yesu yazutse kandi ari mwijuru adusigira umwitsa ati ariko agiye kugaruka. Yaciy asozera kukabazo ati ishengero ati azosanga bacizeye?? Murakoze!!!

04/04/2026

Mention spéciale à mes nouveaux(elles) super fans ! Nestor Niyomwungere

Mama na watoto Mungu awape maisha marefu
01/04/2026

Mama na watoto Mungu awape maisha marefu

Address

Route Nationale 13
Cankuzo

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Eglise Méthodiste Unie Paroisse Cankuzo posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Eglise Méthodiste Unie Paroisse Cankuzo:

Share