28/01/2026
💘Umugenzi wa Montfort yokwirinda ibikorwa bibi bisubiza Yezu ku musaraba.
🙋🏼♂️Umukuru w'umuhari muri Paroisse ya Muberure yatumiriye abagenzi ba Montfort kwihatira cane kutababaza Yezu Kristu yabambwe ngo abacungure. Hari kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 25 Nzero 2026 mu nzu y'inama kuri Paroisse Muberure.
📜Ku civugo "twitwararike guhoza umushaha wa Kristu yitanze ngo dukire", yibukije ko ukurenga amabwirizwa ari kumusubiza ku musaraba.
👩🍼Yaboneyeho akaryo ko gutumirira abagenzi ba Montfort kwiyegereza gose Bikira Mariya kugira ngo yame abafasha kugendera amabwirizwa no gukunda Yezu bimwe bish*tse.
👨🎤Tubamenyeshe ko mu batonze harimwo abaheruka mu muhari kera, bakaba bakiriye iyo nyigisho nk'iyabo.
🎤 Communication Paroissiale des Ami(e)s de Montfort de la Paroisse St Pierre Apôtre de Muberure.
🖊️Nadège IRADUKUNDA