Gospel Catholic TV

Gospel Catholic TV Des chants chrétiens vous sont ici présentés. Vous y trouverez aussi quelques messages d'évangélisation!

Cliquez sur Subscribe(s'abonner), Like(J'aime), Commentaires(Comment) et partager aux autres pour que notre message arrive le plus loin possible.

Ijambo ry’Umukama, indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années pairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma ...
26/08/2026

Ijambo ry’Umukama, indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années paires

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (3, 6-10. 16-18)

Benewacu, Turabategereje kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu: nimuhunge uwo muvukana wese yishinga kurera amaboko kandi adakurikiza ivyo twabigishije. Na kare, murazi neza ingene mwotwigana, kuko tutareze amaboko iwanyu, kandi ata we twaririye ivya gusa, ariko twama dukora ijoro n’umutaga, ata gikenurwa, ata buruhe twibanga, kugira ngo ntihagire uwo tugora muri mwebwe. Si uko tutari kubishobora, ariko twashatse kubabera akarorero ngo mutwigane. Na kare, aho twari tukiri iwanyu, ng’ibi ivyo twabategereza: nihagira umuntu yanka gukora, n’areke no kurya. Umukama w’amahoro we nyene ubwiwe n’abahe amahoro imisi yose no mu buryo bwose. Uko ni ko gutasha kwa jewe «Pawulo» kwanditswe n’ukuboko kwanje: ico ni co kizobamenyesha amakete yanje yose. Uko ni ko nandika. Umugisha w’Umukama wacu Yezu Kristu niwamane namwe mwese!

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

IZABURI 127 (128) 1-2, 4-5

Icit. Urahiriwe, wewe wubaha Umukama!

Hahiriwe umuntu wese yubaha Umukama, akagendera mu nzira yiwe! Uzotungwa n’ibikorwa ry’amaboko yawe, uzohirwa, uzonezerwa.

Ng’ivyo ivyiza bizoronkera umuhezagiro umuntu yubaha Umukama! Umukama ari kuri Siyoni n’aguhezagire, ubone Yeruzalemu iroraniwe mu misi yose y’ubuzima bwawe.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Rungikira umuco umusavyi wawe, Mukama; unyigishe ivyo ushaka.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (23, 27-32)

Muri irya misi, Yezu avugira imbere y’ishengero n’abigishwa biwe ati: «Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, musa n’imva zera inyuma; maze zigasayangana, ariko imbere zuzuye amagufa n’ibore ryose. Na mwebwe inyuma, mu maso y’abantu, mumeze nk’aberanda, ariko imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugome. Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, murubakira imva z’abahanuzi, mugashariza iz’aberanda, mukavuga ngo: lyo tuba kumwe na ba sogokuruza, ntitwari gufatanya kwica abahanuzi. Ni gutyo mwiyerekana mwiyagiriza ko muri abana b’abishe abahanuzi. Aho rero, nimwuzuze ingero ya ba so!»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama. Ijambo ry’Umukama, indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années paires

https://youtu.be/ixoqZqoivJs?list=PL18qudTM2isJCUsL0MjnS-mh-LgBlRVhL

Ijambo ry’Umukama, indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa gatatu, années pairesIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma ...
25/08/2026

IJAMBO RY'UMUKAMA🗓️ Indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, années paires📖 IGISOMWA CA MBERE📜 Ivyo du...
25/08/2026

IJAMBO RY'UMUKAMA

🗓️ Indwi ya 21 yo mu gihe gisanzwe co mu mwaka, ku wa kabiri, années paires

📖 IGISOMWA CA MBERE

📜 Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 1-3a.14.17)

Ncuti zanje, dushaka kubahanura ivyerekeye umuzo w’Umukama wacu Yezu Kristu n’ikoraniro ryacu hamwe na we: ntimushoke muhagarikwa umutima kandi ntimuterwe ubwoba n’ijambo bitirira Mutima be n’ijambo canke n’ikete batwitirira bemeza ko umusi w’Umukama uri mu gushika. Ntihagire uwubahenda no mu kantu na gatoyi. Imana yabahamagaye kubera Inkuru nziza twabigishije, kugira ngo mubashe gushikira ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu. Ni uko rero, benewacu, nimugumye umutima kandi muzigame neza za nyigisho twabashikirije imbonankubone canke mw’ikete ryacu. Na we Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana Data wa twese yadukunze akaduha uruhoza rudahera n’ukwizigira gushemeye ku buntu bwayo, nibabahoreze imishaha kandi babakomeze mu mvugo no mu ngiro nziza zose.

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

📖 IZABURI 95 (96) 10, 11-12a, 12b-13b

📜 Icit. Umukama ariko araza gucira urubanza isi.

Cire agace abanyamahanga muti: Umukama ari ku ngoma!» ni we yagize isi itayegayega; ni we acira urubanza ibihugu akurikije ubutungane.

Ijuru nirihimbarwe, isi na yo itārîke, ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo, imirima n’ivyamwa nibihimbarwe!

Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe, n’uko bibonye Umukama ariko araza, ngo acire urubanza isi.

📖 INKURU NZIZA

🎼 Aleluya, aleluya.

📑 Tegurira umutima wacu imihango yawe, Mukama, ku buntu bwawe unyereke amategeko yawe.

🎼 Aleluya.

📖 Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (23, 23-26)

Muri irya misi, Yezu avugira imbere y’ishengero n’abigishwa biwe ati: «Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mushikana ituro ry’imenta, iry’ineta n’iry’ikumina, mukirengagiza amabwirizwa ahambaye, ubutungane, impuhwe n’ukwemera, ivyo ari vyo mutegerezwa kugira, mutaretse n’ibindi. Mwa ndongozi z’impumyi, mumimina ubutuku mukamira ingamiya. Muragowe, mwa banditsi mwe n’Abafarizayo mwiyorobeka, mwoza urwato n’inkoko inyuma gusa, na ho imbere mwuzuye ubusuma, mbere butagira urugero. Bafarizayo, mwa mpumyi mwe, nimubanze kwoza imbere mu nkoko, n’inyuma zizoheza zibe nziza.»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

Izaburi y'Uw'Imana uza, tuyigumize hagufi yacu
24/08/2026

Ijambo ry’Umukama, ku wa 24 Myandagaro, umweranda Barutolomeyo, umutumwaUmusi mukuruIGISOMWA CA MBEREIvyo dusoma mu gita...
24/08/2026

Ijambo ry’Umukama, ku wa 24 Myandagaro, umweranda Barutolomeyo, umutumwa

Umusi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Yohani (21, 9b-14)

Jewe Yohani, mbona umumarayika ambwira ati: «Ngw’ino nkwereke Umugeni, ari we mugeni w’Umwagazi.» Araheza aranjana, mu vyiyumviro, ku musozi munini kandi muremure, anyereka igisagara ceranda Yeruzalemu kimanuka kiva mw’ijuru ku Mana, kirimwo ubuninahazwa bw’Imana. Ubusayangane bwaco bwasa n’ubw’ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro ntangere.nk’akabuyenge gaca ibibatsi kitwa iyasipi. Cari gifise urugo runini kandi rurerure, inzugi icumi na zibiri n’iruhande y’izo nzugi hakaba Abamarayika icumi na babiri, n’amazina yanditsweko ari yo mazina y’imiryango icumi n’ibiri y’Abanyisrayeli: mu buseruko inzugi zitatu, mu buraruko inzugi zitatu, mu bumanuko inzugi zitatu no mu burengero inzugi zitatu nyene. Urugo rw’igisagara rwari rufise amashimikiro icumi n’abiri, kuri yo handitswe amazina icumi n’abiri y’abatumwa b’Umwagazi.

```Iryo ni Ijambo ry’Umukama.```

*IZABURI 144 (145) 10-11, 12-13ab, 17-18*

_Icit. Abakunzi bawe nibaririmbire ubuninahazwa bw’ubwami bwawe._

Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze, abakunzi bawe nibaguhezagire! Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe, nibigane hose ubutwari bwawe!

Kugira ngo bamenyeshe abantu ibitangaza wakoze n’ubuninahazwa buhimbaye bw’ubwami bwawe, ubwami bwawe ni ubwami bw’intahava, ingoma yawe izohangama imyaka n’imayaka!

Umukama aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose, ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose, ntiyikumira abamwitura, yama hafi y’abamusaba mu kuri.

*INKURU NZIZA*

*_Aleluya, aleluya._*

_Rabbi, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!_

*_Aleluya._*

_Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 43-51)_

*Muri irya misi, Yezu yashatse kuja mu Bugalile; ahura na Filipo, amubwira ati: «Nkurikira!» Filipo yaturuka i Betsayida, igisagara ca Petero na Andreya. Filipo ahura na Natanayeli, amubwira ati: «Umwe Musa yanditse mu mategeko kandi yanditswe n’abahanuzi, twamubonye! Ni Yezu, mwene Yozefu, w’i Nazareti.» Natanaeli na we aramwishura ati: «Hari iciza cova i Nazareti?» Filipo aramwishura ati: «Ingo, wirabire!» Yezu abona Natanayeli aje amugana, amubwira ati: «Ng’uyu umunyisrayeli w’ukuri, azira ikinyoma.» Natanayeli aramubwira ati: «Wamenyeye hehe?» Yezu aramubwira ati: «Hamwe Filipo atari bwaguhamagare, aho wari munsi y’umutenahi, nakubona.» Natanayeli aramwishura ati: «Mwigisha, uri Umwana w’Imana, uri Umwami w’Israyeli!» Yezu aramwishura ati: «Wemejwe n’uko nkubwiye nti: Nakubonye munsi y’umutenahi! Hinge, uzobona ibiruta ivyo.» Arongera amubwira ati: «Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: muzobona ijuru ryuguruye n’abamarayika b’Imana burira bongera bamanuka aho Umwana w’umuntu ari.»

Iryo ni Ijambo ry’Umukama.

Address

Bujumbura
BUJUMBURA

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Gospel Catholic TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Shortcuts

Share