08/04/2023
Umusi mukuru wa Pasika.
```Umusi mukuru cane```
IZABURI 117 (118) 1-2, 16-17, 22-23
Icit.: Ng’uyu umusi Umukama yagize, turanezerewe, turahimbawe.
Shemeza Umukama kuko ari mwiza, kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose! Umuryango w’Israyeli n’uvuge uti: Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose!
Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza, ukuboko kwiwe kwaratsinze. Sinzopfa, nzohoraho, kandi nzohayagiza ibikorwa vy’Imana.
Rya buye batora bagashibura, ni ryo ryabaye iremezo. Ivyo bitangaza twabonye, vyabonetse ku bw’Umukama.
URURIRIMBO RUKURIKIRA
Uwutubera Inkuka ya Pasika, abakristu nibamushikanire amashemezo yabo.
Umwagazi nyakuri wacunguye intama; Kristu Mweranda yuzurije Se wiwe n’abanyabicumuro.
Urupfu n’ubu*ima vyarwanye, biragwa inzura; mu gupfa, Nyenubu*ima aratsinda ari mu*ima.
«Tubwire, Mariya, ico wabonye mu nzira.»
«Nabonye uruhafu rwa Kristu mu*ima, mbona n’ubuninahazwa bw’Uwazutse.
Nabonye abamarayika bamubera ivyabona, mbona ikiremo bamufubishije be n’ivymbarwa.
Kristu, Mizero yanje, yazutse; azotanga abiwe mu Bugalile.»
Ni ivy’ukuri, turabizi: Kristu yarazutse ava mu bapfuye.
Wewe, Mwami w’inganji, n’utugirire ikigongwe. Amen.