05/10/2026
Dimanche le 04/10/2026
Yesaya 40 :27-31
uyumunsi twatewe intege n'Ijambo ry'Imana ritubwira Uhoraho ariwaha inkomezi abadendebukiwe kandi nuwutagira intege akamWOngeramwo inkomezi; ariko murivyo vyose duhamagarirwa kuba inkukuma.
inkukuma nikinyoni gikomeye kandi kinini iyo haje umuyaga mwinshi ugurura amazu, utahasi ibiti, ukonona ibintu, inyoni zitozito zirinyegeza, izindi zikawupfiramwo abantu bakihisha kubera uwo muyaga ariko inkukuma uwo muyaga uteyubwoba ibindi bintu vyose, irawuraba hama ikawucamwo ikawuja hejuru cane, ikawucamwo ntihagire iciba kandi ninyoni ishobora kumara Nuwanya munyini hejuru cane kndi ikabona kubirometero vyinshi umuyaga wahera Ikamanuka.
ivyo woburiko uracamwo vyose :
1.Imana iguhamagarira kudugisha amababa nk'inkukuma: inkukuma ntacitinya ibiza biraza ariko ibizi neza kwitegerezwa kubicamwo ikabija hejuru, ntiwemere guterwubwoba nimiyaga, Imana yaraguhaye amababa nkayinkukuma ikwitezeko kuduga kure cane wiruke nturuhe kndi ntudendebukirwe. ivyo wocamwo vyose menya kuri inkukuma
2.inkukuma irazi ryari imanuka ije gufata ikintu :
inkukuma ishaka gufata ikintu irazi ryari imanuka kndi ntihusha irazi ryari ifata .
akaryo canke amahirwe Imana igushira imbere utegerezwa kumenya ryari utegerezwa gu hushura (frapper). ntuhuruduke mugufata vyose , mukwiruka muri vyose bikumaringuvu ariko nivyiza kumenya ryari ukwiye guhushura (frapper) kugirango akaryo Imana iguhaye ntigapfubusa.
3.inkukuma ibona kure cane :
nkabana b'Imana dutegerezwa kugira vision nini cane ntugume ubona ibigukikuje gusa ariko utegerezwa kugira iyerekwa nindoto zikomeye kandi Uhoraho ariteguye kuzigushikanako .
Imana iguhe vision nkiyinkukuma kugira uve mutwurimwo dutoduto ubone binini kndi ubone kure cane .
Imana ibahezagire
UMWUNGERE: MUGISHA Diamond