11/05/2026
Dimanche le 10/5/2026
IGITABO CA NEHEMIYA igice ca gatatu
KWUBAKA AMAREMBO KU BUZIMA BWAWE
Igitabo ca Nehemiya nigitabo kivuga ku gusanurwa kwamarembo yi yerusalemu yari yarabomotse hamwe ninzitiro zaho
1.Inzitiro(cloture) zasobanura kwikingira (protection) abanyamahanga ntibabatere
2. Inzitiro kandi zasobanura gutandukanya (abo hanze ntibaze kwivanga nabindani imico ntihinduke) .
Hariho impome warukwiye kubaka mu buzima bwawe .Uruzitiro Nehemiya yariko arubaka rwafasha gukingira abisirayeli kugirango abakingire ibintu vyose bitandukanye nimico yabo hamwe nâIMANA basenga.
Hariho imigisha myinshi Imana yaguteguriye ariko hariho impome utarubaka uracareka ibintu vyose bikinjira ibivuye hanze vyose ariko Imana irakeneye ko witandukanya ; nimba bizogusaba kwitandukanya nabakwegereye ; abagenzi, umuryango, akazi nibindi ubona kuri wewe kwari vyiza biryoshe bitandukanye ariko ukubaka inzitiro kugira ugume mu kugororoka kwâImana wanke imico yose itava ku Mana
Akamaro kamarembo
1. Kwinjiza :umugisha, umuvumo, abantu, ibintu
2. Gusohora : umugisha, umuvumo, abantu, ibintu
Hari infunguruzo wahawe nkâumwana wâImana icukeneye nukuzikoresha kugira wugurure amarembo
a.Irembo ryâintama :barivcishako intama batangako ikimazi ryasobanura agakiza, ikimazi kandi ryasobanura ko Yesu ariwe ntama
b. Irembo ryâamafi : bahacisha amafi barovye ryasobanura ivugabutumwa, gukorera Imana
c. Irembo rya kera : imico nâivyagezwe vyaba sokuru ryasobanura gusubira mu rukundo rwa mbere
d. Irembo ryo kumwonga : imibabaro , kugeragezwa, gucishwa bugufi ,ukagaruka aho witega Imana
e. Irembo ryâumwavu : bahacisha iyarara bakuye mu gisagara ryasobanura kwihana, kwezwa, kuva mu caha hagakurikira ikanguro
f. Irembo ryo kwâiriba : ryerekana Mpwemu Yera, kunaguka, kwuzura Mpwemu
g. Irembo ryâamazi : bahasomera ijambo ryâImana , inyigisho nâihishurirwa ryâijambo ryâImana, havamwo kwezwa
h. Irembo ryâamafarasi : amafarasi yâ intambaraniho yaca ryasobanura intambara yâ impwemu, kuba maso,inkomezi, kunesha
I. Irembo rigana iburasirazuba : ryasobanura ivyizigiro, ubwiza hamwe nukugaruka kwa Yesu Kristo
J. Irembo ryo gusuzuma : ryasobanurwa ubwizigirwa, guca Imana hamwe no kwisuzuma
Dukomeze gukurikiranira hamwe iki gitabo kuko kivuga uko utegerezwa kwubaka inzitiro namarembo yubuzima bwawe ukomeze guteramira ubuzima bwawe.
MUKOMEZE GUHEZAGIRWA
Umwungere Eric MANIRAMBONA