12/08/2026
FUNGURA... URUGENDO RURACARI RURERURE
----------
Imana irongora isi mw'iyerekwa, kandi na twebwe abo yaremye yaduhaye ubushobozi bwo gutegura no gushika ku ntumbero kanaka z'ubuzima bwacu.
Hari ubwoko butatu bw'abantu :
1) Abatagira ico bashaka gushikako mu buzima bwabo, bajana n'ibije vyose. Abo, ntaco baba bashuhiye gushikako, kandi nta n'inguvu bashiramwo kugira hagire impinduka ziba mu buzima bwabo.
2) Abafise intumbero y'ubuzima bwabo, ariko iyo bayish*tseko ibazanira umunezero w'akanya gato. Ivyo, bibaviramwo ubuzima bubishe, n'ubwo ku bigaragara tubona ko baroraniwe ku bw'intumbero bash*tseko.
3) Abafise iyerekwa ry'Imana ku buzima bwabo.
Abacamanza 6 : 12-15
Umuhamagaro wacu, akatari gake uba winyegeje mu bihe bitoroshe ducamwo. Ariko, ivyo bihe sivyo bikwiye kuba insiguro y'ubuzima bwacu, kuko Satani ashobora kuvyifashisha kugira ngo atuburabuze. Ariko, Imana yoyo ifatiye ku bihe turimwo, iturabira mu co yageze ko tuzoba.
Abacamanza 6 : 25-27 & 7 : 2-3
Umwete tugira mu kuja mw'iyerekwa Imana yashize ku buzima bwacu, utuma turengera ubwoba n'intege nke vyotuzibira kurishikamwo. Ivyo, bizana muri twebwe ukwipfuza guhinduka. Kandi, Imana ihindura imbere muri twebwe, kugira ngo dushobore kuyikorera uko bibereye twongere dush*tse ibiboneka ko bidashoboka mu maso y'abantu, kuko iyerekwa Imana iduha ni rinini, riraturuta.
Ntidushobora kwipfuza guhinduka, kurimbura ku buremere bw'ibitunanije no gushaka ko biguma vyoroha bituvako, mu gihe tutazi neza ico Imana yaduhamagariye kuba mu buzima bwacu.
Mu kwitaba umuhamagaro w'Imana, dutegerezwa kugumiza amaso kuri yo, kugira ntiturwe mu mutego w'ubwishime, twibwira ko ivyo twakoze vyavuye mu nkomezi zacu. Ni mu kuguma kuri yo tuzobona ibitangaza bikoreka mw'ishirwa mu ngiro ry'umugambi ifise ku buzima bwacu.
1 Abami 19 : 7-8
Intumbero iratuma dukura. Imana irihagije mu bubasha kandi niyo ifise iyerekwa ku bintu vyose. Iraduhishurira ibikenewe, ikatugaburira imfungurwa zikenewe mu rugendo rwacu, kugira ngo bitume tudatinya kurwana intambara.
Nico gituma bikenewe cane ko twama dusaba inkomezi ubudasiba, kugira ngo ntidutsindwe ubu no mu bihe bizoza.
Nimba intumbero yacu yotosekazwa n'ivyo twipfuza, birakwiye ko tugira urutonde kanaka kugira dushike kuri izo ntumbero, ntidutakaze inzira. Ni mu gukura mu Mpwemu dushobora kubaho dush*tsa intumbero y'Imana ku buzima bwacu.
Yosuwa 14 : 9-12
Iyerekwa ry'Imana rishika ku runganwe rwisnhi, ni naco gituma bihambaye ko kuyisangiza abandi kugira ngo ishikire benshi.
Ukubaho neza, ukuroranirwa n'ugutekana biva mu gukorera Imana, ivyo biratubako gushika no mu busaza. Ubuzima bucometswe mu Mana buratuma tutanyiganyiga, tutagira ubwoba gushika igihe amasezerano y'Imana adush*tseko.
Ivyakozwe n'intumwa 20 : 24
Intumbero ni isoko ry'ubuzima rirengeye ibishobisho vyacu, kandi umwete wacu uva mu buntu butuma twitanga kugira iyo ntumbero ishike ku buzima bwacu.
Rero twibaze : mbega ni igiki kirongoye ubuzima bwacu be n'ingingo dufata ?
Kubaho urongowe n'intumbero y'Imana nirwo rufunguruzo ruhambaye rw'umunezero. Iyo bitameze gutyo, dusa n'abahemukiwe, bikazana umururazi n'amagorwa muri twebwe.
Muhezagirwe !
Umwungere Marc Kagisye.