05/05/2026
Ivyaranze ikoraniro ryo ku wa 3 Rusama 2026
Insiguro: Ni gute twohangana n’ibihe bigoye mu muhamagaro?
Itanguriro 37-50
Kabaye akaryo ko kwiga ku bu*ima bwa Yozefu hamwe na Adoniram Judson, tubona ko umuhamagaro w’Imana atari inzira yoroshe… ariko ni inzira ifise intumbero ikomeye.
Yozefu:Yaranswe , aragurishijwe, arageragezwa, aribagirwa… ariko amaherezo arashika ku co Imana yamuhamagariye.
Nkako, umujanabutumwa Adoniram Judson, yabaye ubwambere yashize Bibiliya mu rurimi rwo muri Myanmar ( Burma): yarabuze abo akunda, aca mu mibabaro n’ingorane zikomeye mu bu*ima bwiwe… ariko ntiyigeze ava ku muhamagaro wiwe.
None rero,ni gute twohangana n’ibihe bigoye mu muhamagaro?
1️⃣ Menya umuhamagaro wawe
Iyo utazi ico Imana yaguhamagariye, ibihe bigoye biba umu*igo ukomeye kuri wewe. Ariko iyo ubizi, urashobora kwihangana kuko u*i aho uja.
2️⃣ Ba umwizigirwa ku Jambo ry’Imana
Si uko ibintu vyoroshe, ahubwo ni uko wiyemeza kuguma ku kuri kw’Imana naho ibintu vyogora gute.
3️⃣ Izere Imana muri vyose
N’aho woba ubona nk’aho wibagiwe canke ibintu vyatevye kuba vyiza, Imana ntiyigera ita uwayo.
4️⃣ Gendereza uturyo Imana izana (Be sensitive to the Holy Spirit)
Imana ivugana nawe no mu bihe bigoye. Iyo uyumvirije, irakurongora .....Menya uturyo , abana canke Imana iriko irazana munzira yawe ngo bakubere inzira yo kuja aho igomba.
5️⃣ Bona ibintu uko Imana ibibona
Ico ubona nk’ikibazo, Imana ishobora kuba iriko igikoresha nk’intambwe igushikana ku mugambi wayo.
Twarangije dusaba Imana iduhe gukomera no kugendana nayo mu muhamagaro w'umwe wese muri twebwe .
Egide Ntakirutimana