23/05/2026
🔴“Igikorwa c’ubwungere kirenze kwitwararika imitima y’abizera gusa, kirimwo no kwitwararika imibereho yabo yose.”
🏥✝️Aya majambo yashikirijwe na Pasitori Emmanuel Ndikumana, umuhinga mu vyigwa ndoramana akaba n’umwungere mw’ishengero PTI Church, mu ruganda rwateguwe n’ishirahamwe BCMDA (Burundi Christian Medical and Dentists Association), ishirahamwe rukristo ry’abaganga n’abavura amenyo.
📍Urwo ruganda rwari rugenewe abarongozi b’amashengero, rwabereye ku rusengero El Shadai i Bujumbura ku wa 23 Rusama 2026, rufise icivugo kivuga ngo:
🗣️ “Uruhara rw’ishengero mu guteza imbere amagara y’abantu, na cane cane abanyeshengero.”
🤝📖Mu nyigisho yashikirije, Pasitori Emmanuel Ndikumana yagarutse ku ruhara rw’umwungere mu buzima bw’abizera, yibutsa ko ubwungere butarangukira ku kwigisha Ijambo ry’Imana gusa , ahubwo burimwo no kwitwararika imibereho myiza y’abo Imana yabaragije.
🙏Na we Pasitori Athanase Ngendakuriyo, umuhinga mu bijanye n’amagara yo mu mutwe , yibukije ko mu gihe abantu basenga bakwiye no kwitwararika umubiri hamwe n’umushaha. Yavuze ko iyo ivyo bice bitameze neza, bishobora kubangamira ubuzima bw’impwemu.
✨Yashimangiye ko Imana iduhamagarira kwitwararika umuntu wese mu bice vyose : impwemu, ubugingo n’umubiri kugira tuzosangwe turi bazima kandi tudafise umugayo igihe Umwami Yesu azogarukira.
📖 “Kand’ Imana Nyene amahoro ibe ari yo ibeza rwose; kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo aho Umwami wacu Yesu Kristo azozira.” 1 Ab’i Tesalonike 5:23
👨⚕️⛪Dr Yves Niyonkuru, yaserukiye ishirahamwe BCMDA , yavuze ko intumbero y’urwo ruganda ari uguhimiriza abarongozi b’amashengero kwibuka ko kwitwararika amagara y’abanyeshengero na vyo biri mu bikorwa Imana ibahamagarira gukora.
Yongeyeko ko muri urwo ruganda, abitavye bahawe akaryo ko gupimisha indwara zimwe zimwe zirimo umuvuduko w’amaraso (HTA) ❤️ hamwe n’indwara y’igisukari (Diabète) 🩸, mu ntumbero yo gukomeza ugukingira amagara y’abantu.
Burundi Christian Medical and Dental Association