19/08/2026
📸Amasanamu yaranze igikorane HAGURUKA UKAYANGANE co kuno w’Imana igenekerezo rya 16/8/2026.
Caritas Nugu, umwungere mukuru arongoye ishengero rya Vivante Rohero, mw’ijambo yashikirije yavuze ko iyerekwa ry’ishengero rya Vivante ari:
1. Kwamamaza Ubwami bw’Imana,
2. Kwerekana Ubwami bw’Imana mu bikorwa,
3. Kwigisha/Gutegura abantu kubw’ubwami bw’Imana.
Ijambo umwungere Jérôme Nibona arongoye ishengero Vivante ry’i Makamba yashikirije ryitwa: "Humura, ntutinye, ntibazogutsinda."
Muri ico gikorane, himitswe abadiyakoni 4, hatirwa n’umwungere umwe. Ico gikorane casozereye no gusengera abari bitavye ubutumire mu vyukuri hari ubwiza bw’Imana.
Ku bipfuza kuza mu makoraniro yacu, ng’uru urutonde rw’amakoraniro yacu yo mu ndwi uko rutunganije:
•Ku wa Kane: 10h-14h: amasengesho y’akarago
•Ku wa Kane: 17h-19h: Louange & ADORATION
•Ku w’Imana: 9h-12h: Culte dominical.
Adresse: Udugana ibarabara rija kw’i collège, ugakatira kw’i pavé y’i buryo aho bita kwa Kinigi, mu Rweza, Av. Juillet, Salle (Salle Ex Tagata). Murahawe ikaze mwese!