31/10/2022
DUHIMBAZE UMUSI MUKURU W’ABERANDA BOSE, ABAMENYEKANYE N’ABO TUTAZI
_________________________
Bavukanyi dusangiye ukwemera, kuri uyu musi wa kabiri igenekerezo rya 01 Munyonyo, duhimbaza umusi mukuru w’aberanda bose, umusi tubibukako uko umwaka utashe. Tuzirikane ingene twokomeza imigenderanire hagati ya za Ekleziya zitatu (Ekleziya ikiri ku rugendo ng’aha kw’isi, Ekleziya ibabarira mw’ipurugatori, na Ekleziya yo mw’ijuru).
ABERANDA BARI MW’IJURU NI ABACIYE NGAHA KW’ISI NKATWE
Aberanda ni abo Imana yo nyene yahaye gushikira wa muhango yo nyene yatwemerera. Umweranda ni umucumuzi yigaye. Kugira ngo umuntu ashikire ubweranda si we abwiha, ni ingabirano y’Imana. Ni iteka nta ngere aba aronse.
Twese duhamagariwe kuba beranda. «Nimube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda». Abo beranda bari kumwe n’Imana mw’ijuru, baratwambariza, kuko bo bamaze kubona Imana, kandi baba kumwe na Yo.
Aberanda bari mw’ijuru ni abaciye ngaha kw’isi nkatwe. Umukristu wese aho ari akore ibikorwa vyiza bizomushikana mw’ijuru. Aberanda bari mw’ijuru ni abaciye ngaha kw’isi nkatwe, ariko ubuzima bwabo bwagenzwa n’Imana mu kuyikorera ubudahengeshanya.
ABACU IMANA YARENGUKIJE NA BO TUBEREKEZEKO IGISABISHO CACU, TUBASABIRE
Ku musi wa gatatu na ho, kw’igenekerezo rya 02 Munyonyo, tuzokwibuka abakristu bose bapfuye. Ekleziya isaba abakristu kuwuhimbaza bivuye inyuma, bakaja mu misa aho Yezu yama asubira kutwitangira.
Ekleziya iradutumirira ku buryo budasanzwe ngo twibuke abacu Imana yarengukije. Ekleziya iraberekezako igisabisho, ikatwibutsa kubasabira. Iradufasha kwibuka ko dukikijwe n’isinzi ry’abavukanyi tutabona, ariko badutera akamo mu gacerere ngo tubasabire.
Ekleziya yabahariye ukwezi kwa 11 kwose. Muri uku kwezi kwa 11, Ekleziya iradutumiririra kandi kugenda ku ntatemwa z’abacu bapfuye ngo tubibuke, tubahereze Imana. Tubahereze Imana tubavuga n’amazina.
Ukunywana n’abacu bapfuye gukomerera mu Mana. Ibisabisho duhereza ku bwabo birabanezereza, kandi biragira ico biterereye kw’ibohoka ryabo. Erega uwacu apfuye, tumugumanira ideni ry’urukundo, ridutuma kwama tumusabira. Ibisabisho vyacu na vyo, nta na rimwe bipfa ubusa.
Ekleziya yama isabira abitavye Imana, kugira ngo utunenge twababujije kwipfuza n’ugukunda Imana n’umutima wabo wose bakiri kw’isi, ibatugirireko ikigongwe, batyororwe n’urukundo rw’Imana, babone kuyihweza n’ukunezerwa na Yo.
Ico gisabisho rero kidufasha kwibuka abacu canke abandi bitavye Imana, kikaduha akaryo ko kubakandira ku Mana, tukababera mu ngoro mu vyo bakoze bidahesha icubahiro Imana; ariko bakarenguka i Bukama batari bwabisabire imbabazi.
Igenekerezo nk’iri, riduha akaryo ko gusabira imitima yose yarengutse i Bukama, tukaboneraho no gusabira abatagira ababasabira kugira ngo Imana ibatoranye kuri ca gikombe c’ubugingo nk’uko yabibaraganiye kuva bakiremwa. Turaheza tukabatabariza n’ijwi rirenga.
NEMERA ISANGIRA RY’ABERANDA, IZUKA RY’ABAPFUYE, N’UBUHIRWE BUZOKURIKIRA…!
Hari abibaza ko gusabira abacu bitavye Imana ari uguta umwanya canke guhuba, kuko bibaza ko agapfuye kabazwa ivu. Ihi bambe we! Ahubwo kabazwa Imana, kuko gasubira ku wakaremye.
Ni na ho rero Ekleziya ifatira mu kurondera kwama itagatifuza abana bayo. Ntishaka ko hari n’umwe yozimira. Ntitunganya ico gisabisho nk’umuhamuro canke nk’ugukura umwuga, ibigira nyabuna mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire (isangira ry’aberanda) ibwirizwa gufatanya za Ekleziya zitatu (Ekleziya ikiri ku rugendo ng’aha kw’isi, Ekleziya ibabarira mw’ipurugatori, na Ekleziya yo mw’ijuru). Ni co gituma ku musi nk’uyu hategekanywa igisabisho mw’itongo ry’abapfuye.
Twame twibuka kandi twitwararika gusabira abacu, abo tuzi n’abo tutazi eka mbere dusabire n’imitima yose ikiri mw’ipurugatori ngo baronswe ubuhirwe budashira.
Abamaze gushika mw’ijuru na bo tubasabe badusabire, kugira ngo badufashe kugira intumbero y’ubweranda: na kare ntitwobushikira Imana itadufashije. Kubw’intsinzi ya Yezu Kristu no kubw’izuka ryiwe, turemera ko tuzosubira kubonana n’abacu. Ivyo twifuriza abacu bapfuye natwe biraturaba. Urupfu ni intango y’ubundi buzima. Kristu yarizuye mu bapfuye, yatweretse natwe ko tuzozuka.
Aberanda mwese muri mw’ijuru ni mudusabire! Bamarayika barinzi bacu ni muduhagarikire!
________________________
Marie Rose Ngendakumana, CEDICOM (https://archidiocesedebujumbura.bi/ik/at1850/)