24/08/2026
URUGENDO RW’IMIKANGARA Y’IMANA YO MURI PARUWASE MUKIZA MWERANDA YA NYAKABIGA MURI DIYOSEZE YA RUYIGI PARUWSE CANKUZO
Kuw’ Imana Igenekerezo rya 16/08/2026, Imikangara y’ Imana yo muri Paruwase ya Mukiza mweranda Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yaragize urugendo rugana muri Diyoseze ya Ruyigi neza na neza muri Paruwase yitiriwe Umweranda Tereziya w’ Umwana Yezu n’uwo mu maso heranda ya Cankuzo. Iyo mikangara y’Imana ifadikanije n’indemesha zabo, bagiwe imbere n’umwibutsamana w’ Imihari n’imigwi muri Paruwase ya Nyakabiga ari we Patiri Liévin NDAYISHIMIYE ikaba yahagurutse mu gaturuturu, isaha icumi n’imwe n’igice z’igitondo, bakaba bash*tse kuri Paruwase ya cankuzo isaha zine z’igitondo.
Bagishika, bakiriwe na Patiri mukuru wa Paruwase cankuzo Patiri Salvator NGENDABANYIKWA, imikangara y’Imana yo ngaho muri Paruwase nyene hamwe na Chorale Ingabire ya Mutima Mweranda.
Mu nsiguro y’ ijambo ry’ Imana ry’uwo musi yashikirijwe na Patiri Liévin NDAYISHIMIYE ari nawe yahereje iyo nkuka ya misa ahagatiwe n'abasaserdoti n’abadiyakoni barangurira ubutumwa muri iyo paruwase yaragarutse cane cane ko urukiza rw’ Imana rwagenewe abantu bose, ariko naho urwo rukiza rwagenewe bose, uwo ruheza rugashikira ari uwagaragaje ukwemera. Ngo ariko kandi, iyo umuntu ataravye neza,ukwemera kwiwe kuraheza kukabangamirwa n’abamukikije. Yaranamenyesheje ko abantu bose bafise ubutumwa bwo kumenyesha inkuru nziza ya Yezu, aca atangariza abari ngaho ko ari nabwo butumwa bwabazanye : kuremesha ukwemera no kuguhagararira mugihe abakristu ba kino gihe imbere y’uko bagaragaza ukwemera kwabo, babanza kuraba ko mu babakikije atabo badasangiye ukwemera barimwo ngo bahave babatwenga. Ati ʺturakwiye kugaragaza ukwemera kwacu mu tuntu dusanzwe kuko niho Umukama aheza akadusanga agaheza agakirurutsa imitima akongera agakiza benshi’’. Yabandanije avugako imikangara y’Imana ifise igikorwa co kumenyesha inkuru nziza,bakagaragaza ukwemera bakongera bakaguhagararira. Agirako ahamagarira abavyeyi kurungika abana babo mu murwi w’Imikangara y’Imana kuko biboneka ko abari muri ubwo butumwa ari bake cane ugereranije n’abana bari muri iyo paruwase.
Yahumurije aboba bibaza ko kuja mu mikangara y’Imana ari guta umwanya, abandi bakavuga ko ata mwana yavyawe n’abavyeyi bize yoja muri ivyo vy’ imikangara, ati ihibambewe ivy'imikangara y’Imana si ivy'abantu baciriritse gusa, kuko mu Nyakabiga nta barimyi bahari. Yamenyesheje ko kuba mu mikangara y’Imana bifasha mu kwungura ubumenyi bwiyongera kubwo baronka mw’ishure, bakamenyera kuba hamwe n’abandi ngo mbere birabafasha kumenya no kuvuga ijambo mu bantu bakuze, ubwoba bukabavamwo bagakura ari bazima. Yasavye abavyeyi kurungika abana babo kuko ubwo butumwa bwunganira Ekleziya mbere nabo bagakurira mu Mana.
Umwe mu rwaruka rw’ imikangara y’Imana yaserukiye abandi mw’ijambo ryiwe, yarashikirije indamutso kw’izina ryiwe, kw’izina ry’abo bagendanye no kw’izina rya benshi basigaye i Bujumbura bitakunze ko bashika mu Cankuzo kubera ingorane zo kwiyunguruza. Yaragaragaje akanyamuneza bafise ko kurenga imirambi baja kumenyesha inkuru nziza, bashimira Imana yo yashize mu ngiro icipfuzo bari bafise kuva kera ikanabayobora kuva i Bujumbura gushika mu Cankuzo. Yamenyesheje ko gasanzwe ari akamenyero kabo k’uko mu kiruhuko co mu ci, bama bagendera bagenzi babo, kakaba n’akaryo keza ko kuruhurira umutwe no kuruhuka gatoyi ubushuhe buba bubarembeje mu gisagara ca Bujumbura. Urwo rugendo rwababereye mbere akaryo keza ko kubona ibidukikije bishasha batari bazi nk’ibitoke bahora babona biza kw’ikinga, canke bakabibona ku munzane babipima, mbere bakibaza ko bimera mw’i butike, canke ko ari amashurwe manini manini. Baratangariye ikirere co mu cankuzo kuko co ata bushuhe bukirangwamwo nk’uko iwabo mu Nyakabiga bimeze.
Ngo nk’uko baca umugani mu kirundi ngo Inyoni iguruka yisunga igiti, ngo bahisemwo kugendera iyo paruwase kuberako Patiri mukuru wayo yakoreye ivyiza vyinshi imikangara yo mu Nyakabiga ngo ni akaryo keza ko kumushimira aca agirako asaba Imana ngo imuhezagire, imuhe kuramba yongere azokwame abona ivyiza. Yamenyesheje imikangara yo muri paroisse cankuzo ko bahiriwe ko bafise umuvyeyi akunda iterambere ry’umutima n’umubiri ku rwaruka.
Barasavye abasaserdoti ko bokwisunga wa mugani wa ba sokuru ngo agafuni kabagara ubumwe ni akarenge, maze bakabarungikira bagenzi babo bo mu cankuzo bakaza kubaramutsa i Bujumbura.
Ku bavyeyi nabo barereye mu mikangara y’Imana ngo barahiriwe kuko bareresheje uwabagabiye ariwe atanga ubuzima, agatanga ubwenge, akarera akigisha, agahanura, akagorora akongera akaba isoko rya ya ndero rukristu na runtu ari navyo nkenerwa mu rwaruka rwa paruwase.
Nayo Patiri Mukuru wa Paruwase Cankuzo, Patiri Salvator NGENDABANYIKWA yarakengurukiye Paruwase ya Mukiza Mweranda ya Nyakabiga yashimye kubarungikira imikangara y’Imana ngo baze kugiraho urugendo rw’ab' amisiyonari.Ngo yanezerewe kubw’urwo rugendo kuko ngo rwerekana ko kumenyesha inkuru nziza bishoboka kuri buri muntu wese mbere n’uwufise imyaka mike cane.
Yamenyesheje ko kahise afitaniye n’abana b’Imikangara y’Imana mu Nyakabiga kadasanzwe ngo kuko ngo kuva aronkejwe ubutumwa bwo kuba indemesha y'imikangara y'Imana ku rwego rwa Ekleziya y’ i Burundi mu mwaka wa 2013, ngo urwo rwaruka ni rwo yikozeko bategura indirimbo nyinshi zo kumenyesha inkuru nziza, kumwe n’ibikino vyiza vyatanzwe mu gihugu ca Canada kugira bifashe abandi bana batasenga, ngo bararemesheje kandi n’ibiganiro mu congereza bifasha abana bo muri Amerika, ngo bararemesheje ibiteramo vyinshi mu gihugu c’Uburundi, bagira n’ ingendo nyeranda nyinshi. Yabasavye kutarambirwa ngo Umukama Yezu yabatoye azobaha impera ibakwiye. Yagiriyeko abemerera ko nabo bazoza kubaramutsa.
Yarangije abashimira ku rugendo bagize yongera abasabira ko Imana yobaja imbere bagashika amahoro iyo baje bava.