Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga

Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga, Religious organisation, Avenue de la Jeunesse, Nyakabiga/Kigwati, Bujumbura.

La Chorale Saint Vincent de Paul de Nyakabiga est une communauté des chrétiens catholiques engagés dans l'évangélisation par le chant liturgique à la Paroisse Saint Sauveur de Nyakabiga-Bujumbura

18/08/2026

Laudate Dominum 🎤🎺🎶🎵🎼

Indirimbo nziza cane yo guhayagiza Umukama iri mu rurimi rw' ikilatini yaririmbwe mu giteramo ca Pasika itariki 04/04/2026

Solistes: Grâce UWIMANA na Kévine MANISHIMWE

Indirimbo yose muyirabe muciye kuri iyo lien👇👇👇👇👇

https://youtu.be/2nAIHmY0Hio?si=2IYzR7IbbOPXVXzj

🎼🎵🎤Bikira Mariya Nyange yo mw' ijuru, turiko turahimbaza iyurizwa ryawe mw'ijuru, turagusavye ngo udusabire natwe tuzoje...
14/08/2026

🎼🎵🎤Bikira Mariya Nyange yo mw' ijuru, turiko turahimbaza iyurizwa ryawe mw'ijuru, turagusavye ngo udusabire natwe tuzoje mw'ijuru🎶🎹🎺

Tuzirikane kandi ko iwacu atari ngaha kw'isi ariko ko iwacu ari mw'ijuru. Dusabe n' inema yo gukora ibikorwa vyiza bishimisha Imana ari navyob bizodushoboza kuvyagira iruhande yayo mu buninahazwa bw'imyaka yose mw'ijuru.

Umusi mukuru mwiza w'iyurizwa mw'ijuru rya Bikira Mariya kuri Twese abana biwe.

Ata foto ntacabaye. Ng'iyi ifoto y'amateka yerekana ubumwe n'umuvukano hagati ya Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga...
10/08/2026

Ata foto ntacabaye. Ng'iyi ifoto y'amateka yerekana ubumwe n'umuvukano hagati ya Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga na la Merveille inyuma y'inkuka ya misa yo kuri uyu w' Imana itariki 09/08/2026.

"Ariko hejuru ya vyose nimwambare urukundo kuko arirwo mukanda upfundikanya ubweranda".

Abanyakolosi 3: 14

Ntivyari bimenyerewe aho abavukana kandi bari kumwe  bagenderanira. Ariko ng'ivyo birabaye. Ni kuri uyu w'Imana itariki ...
07/08/2026

Ntivyari bimenyerewe aho abavukana kandi bari kumwe bagenderanira. Ariko ng'ivyo birabaye.

Ni kuri uyu w'Imana itariki 9/08/2026 aho tuzoba turamutse tugenderwa na Chorale La Merveille isanzwe irangurira ubutumwa muri Paroisse yacu ya Nyakabiga nyene. Ku batayizi neza, ni Chorale iririmba mu misa y'igifaransa yama iba ku musi wa mbere.

Tuzoshira hamwe amajwi yacu duhimbaze Iyaduhaye ubuzima kandi ikama ibutuzigamira mu nkuka ya misa y'isaha zine n'igice (10h30), inyuma yaho duce tuja gusangira neza ivyo Imana iduha.

Musomyi wacu, uvyumva gute? Gira akajambo utubwiye basi😊😊😊

30/07/2026

Komeza intambwe zanjye Nyagasani

Iyi ndirimbo yaririmbwe mu giteramo ca Pasika itariki 04/04/2026 none ibahimbare kandi ibabere igisabisho mutura Imana.

Indirimbo yose muyikurikirane muciye kuri iyi link👇👇👇👇

https://youtu.be/vnS7meg3I1M?si=xl8GrMYCGCoETfFA

Amwe mu masanamu yaranze umwiherero w'abagize Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga wo kuri uyu w' Imana itariki 26/07...
28/07/2026

Amwe mu masanamu yaranze umwiherero w'abagize Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga wo kuri uyu w' Imana itariki 26/07/2026. Uwo mwiherero wayobowe na Patiri Mukuru wa Paroisse Saint Sauveur Nyakabiga Nyakwubahwa Patiri Eddy KWIZERA waranzwe n'inyigisho, ukuzirikana ( méditation personnelle) no gushengerera Yezu m' Ukaristiya.

Ese Umukama yobandanya anagura abaririmbiramana biwe, gutyo bakamuririmbira mu no mu kuri.

"Imbere y'uko duhanika amajwi tuninahaza Imana, birabereye ko imitima yacu ibanza guca bugufi."Ni co gituma kuri uyu w' ...
23/07/2026

"Imbere y'uko duhanika amajwi tuninahaza Imana, birabereye ko imitima yacu ibanza guca bugufi."

Ni co gituma kuri uyu w' Imana itariki 26/07/2026, Chorale yacu izofata akanya ko gutekana kugira ngo isubire kunagurwa n' Umukama. Ni umwiherero, wo gusenga no kwumviriza Ico Imana idushakako kugira ngo inota ryose turirimvye ribe na ntaryo icamwa c'ukwemera gush*tse.

Nk'ako ugusamiriza neza ururirimbo bishoboka iyo ufise umutima wama ukirurutse , werekeye ku Mana.

Ni mudusabire rero.

05/07/2026

Uyu musi turigina Urukundo rutaraba imbibe, rugasasagara kubw'isezerano ryeranda.

Turakeje cane Umuririmbiramana wacu Belyse UWERA n'umushingantahe wiwe Aimable DUSHIREHAMWE bo baraye bashinze urwabo kuri uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 04/07/2026.

Umukama n'abe inkingi y'urugo rwanyu, abahe amahoro, ubudahemuka, akanyamuneza n'amahoro.

"Nico gituma Umugabo azoheba se na nyina akibanira n'umugore wiwe
,bose bagacika umubiri umwe"
(Amamuko2: 24
)

01/07/2026

🎼🎵🎶🎹🎺 Sagamba Burundi🇧🇮🇧🇮🇧🇮🔥

🇧🇮 Uburundi bwacu, ni ingabire Imana yaduhaye.

Umunsi mukuru mwiza w'Ukwikukira ku Barundi bose! Imana ihezagire Uburundi n'Abarundi, ibwuzuze amahoro, urukundo n'iterambere. 🇧🇮🙏


"Hahiriwe igihugu gifise Uhoraho nk'Imana yaco." (Zaburi 33:12)

 "Twubake Ekleziya muryango, mukugiriranira ubumwe n'urukundo, no mu gusangira neza ivyo Imana iduha"Muri Chorale Saint ...
24/06/2026



"Twubake Ekleziya muryango, mukugiriranira ubumwe n'urukundo, no mu gusangira neza ivyo Imana iduha"

Muri Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga, icivugo ca Diocèse yacu, twakigize icacu bwite. Ubumwe, urukundo, akanyamuneza, ugusangira ivyo twaronse nivyo bituranga. Ibi vyose biva ku Mana kandi tukabikesha inema y'Imana.

Aha hari muri pique-nique yabaye itariki 30 Rusama 2026, i Bugarama mu ntara ya Gitega.

Les amis, mubibona guteeeeee?

Address

Avenue De La Jeunesse, Nyakabiga/Kigwati
Bujumbura

Opening Hours

Monday 17:30 - 19:00
Wednesday 17:00 - 18:00
Friday 17:30 - 19:00
Saturday 06:00 - 19:30
Sunday 06:00 - 19:30

Telephone

+25779958989

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Place Of Worship

Send a message to Chorale Saint Vincent de Paul Nyakabiga:

Shortcuts

Share