12/04/2026
UMUSI MUKURU : TANGA IKIGONGWE NAYO UWASE KUKUREKURIRA URAMUSABIRA
Umusi w’Umukama ugira kabiri wa Pasika, muri Ekleziya Catholika duhimbaza umusi mukuru w’Ikigigwe c’Imana. Kuri uyu w’Imana w'igenekerezorya 12/4/2026 niho wahimbazwa muri Ekleziya yose.
Muri paroisse yaragijwe umweranda Papa Yohani Paulo wa kabiri mu bwibutsamana bukuru bw’igipolisi, uwo musi mukuru wahimbajwe mu kanyamuneza ntangere.
Mu nkuka ya misa yaherejwe igihe c’isaha 10h 30 na patiri Cyriaque SINDAYIGAYA arangurira ubutumwa muri Centre Jeune Kamenge, imbere yo gutangura kwitsa ijambo ry’Imana ry’uwo musi, yabanje kwipfuriza amahoro abakristu bose bari aho Ikigongwe c'Imana.
Munsiguro yiwe Patiri Cyriaque SINDAYIGAYA yagize ati :" izuka rya Yezu ritera akanyamuneza rigahanagura amarira kandi rigatanga inguvu mukurangura ubutumwa".
Ku musi w’ikigonwe c’Imana, yamenyesheje Kandi ko Yezu ariwe atumye abatumwa, ataribo bihaye ubutumwa ati ": n’abasacerdoti ni uko, sibo bituma ni Yezu abatuma nabo bagakora kw’izina ryiwe Yezu yagize ati: « Nimugende mwigishe abantu bose, abo muzorekurira ibicumuro bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako nabo bizobagumako.»
Munsiguro yiwe akaba yamenyesheje abakristu ko shetani yatsindiye ku giti, ariko Yezu nawe aca ashima kuza kuza gutsindira shetani ku giti c’Umusalaba. Ati rero Abasacerdotiti Imana yaduhaye, mugutanga ikigonwe c’Imana ntibabirekura kw’izina ryiwe,babirekura kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda. Aho rero niho hafatiye umusi mukuru turiko turahimbaza; umusi mukuru w’ikigonwe cImana.
Patiri Cyriaque akaba Yarangije ahamagirira abantu bose ko uwo wese yoba afise uwo yanse kurekurira yofata umwanya akamurekurira, ati :"tanga ikigongwe,niwaba ufise uwanse nawe kukurekurira, urama umusabira nawe azisanga mwarasubije hamwe".
Paroisse Saint J.Paul II Aumônerie de la PNB