18/05/2026
Ibintu vyica abantu mu mpisho...
Ibikomere vyica cane nibiteye isoni,nibimwe umuntu yibwira KO avuze ivyamubayeko vyosambura umuryango,vyosambura ishengero,canke akibwira KO atawomutahura.
Bimwe murivyo :
1. Abana BA bakobwa benshi basambanijwe naba sewabo ( oncle ) ,kurya urungikira umwana mwene wanyu NGO yige ABA iwiwe Hama akamuhindura umugore.
ABA Bana ntibavuga bagenda barapfuye
2. Abana bafashwe kungumvu naba cousin babo bakuze bakabatera ubwoba,bagatinya kuvuga kugira badateranya umuryango.
3. Abakobwa canke abagore baryamana naba apasitori babo,bakanka kuvuga kugira badasambura ishengero.
4. Abagabo baryamana naba inabukwe babo,ugasanga umuntu yaragiye ngaho arapfa wenyene,inyifato yiwe ukabona yarahindutse,mugabo bikaba biva kubintu atokwubahuka kuvuga.
5. Abantu baryamana basangiye ibitsina mugabo umwe akaba yabikoreshejwe nuyundi,umuhungu akuze agafata kungumvu uwukiri muto canke akabikora atabishaka kubera amahera.
6.abantu bavyaye abana hanze vyanse ko babivuga kubera batinya kwahukana.
7. Abantu basambanye n'ibikoko.
8. Abantu baca inyuma abagabo canke abagore kubera ubukene atariko Ari ingeso.
Ubwo nuburorero ntanze buke muri vyinshi biba mubantu bigoye kuvuga.
Ukaba ufise ikintu kigoye kuvuga ariko wumva kiriko kirakwica kuko ushaka kwihana ariko utinya inkurikiza wokora ibi biintu bibiri.
1. Rondera umuntu wumwizigirwa vyukuri Kandi ubona afise ubushobozi bwo kugusengera,wature .
Ibi bintu biragoye gukora ariko nivyo bituma ukira
2. Ikindi wokora naco kitoroshe gukora,ninkomezi zo guceceka.
Ja mu masengesho usenge ,usabe uwo mutima adasanzwe,mugihe vyukuri ubona ko umuriro WO kwaka uvuze. ( Gupfa nk'umugabo).
Rondera ikibanza ujamwo utere induru,urire,uruhuke.
Ikindi wizere imbabazi z'Imana