09/03/2022
Benedata,ndabipfurije kwiyumvira kur iri jambo kugira ngo mutahure neza ko twavuye kure,kuko kera nta bantu twarimwo :
1.Namwe yarabagize bazima hamwe mwari mugipfuye mwishwe n'ivyaha n'ibicumuro vyanyu.
2.Ivyo mwagenderamwo kera,nkuko ivy'iyi si bigenda, mwumvira umwami w'abaganza ikirere niwe mpwem'akorera mu bantu b'intabarirwa.
3.Kandi natwe twahora muri bo kera mu kwipfuza kw'imibiri yacu,tugakora ivy'imibiri n'imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu, twar'abo kurakirwa, nk'abandi bose.
4.Arikw'Imana, kukw'ar umutunzi w'ikigongwe, kubw'urukundo rwayo rwinshi yadukunze,
5.hamwe twari tugipfuye twishwe n'ibicumuro vyacu,yatugiranye bazima na Kristo - Ubuntu ni bwo bwabakijije.
6.yatuzuranye nawe, itwicarikana nawe ahantu ho mw'Ijuru turi muri Kristo Yesu.
7.kugira ngo mubihe bizoza ize yerekane itunga rihebuje ry'ubuntu bwayo mukutugirira neza muri Kristo Yesu.
8.Ubuntu nibwo bwabakijije kubwo kwizera: navyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, n'ingabire y'Imana.
9.ntivyavuye ku bikorwa kugira ngo hoye uwirarira.
10.Kuko tur ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu, ngo dukore ibikorwa vyiza, ivy'Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.
Abanyefeso 2:1-10
Mwene data, woba umaze kumenya ko Kristo Yesu yavuye mw'Ijuru kubw'ivyaha vyawe kugirango uhinduke umwana wiwe? Kuko kera ntabantu twarimwo, twahindutse abantu mumaraso yiwe.
Mpwemu Yera abafashe gutahura, murakoze.