12/11/2023
Dimanche Le12.11.2023
Culte Dominicale
Thème:"GUSHIKAMA MUGAKIZA"
Préd: Past. GAHUNGERE Antoine
Inter: NDAYISHIMIYE Evaliste
🔸Parole: Abaheburayo10:32-39
[Ariko mwibuke imisi ya mbere, hamwe mwari mumaze kwakirwa n'umuco, mwihanganira ibisinzikaza vy'indwano nyinshi: kimwe, mwacitse akabarore mutukwa mubabazwa; ikindi, mwafatanije n'abagirirwa bartyo.
Kuko mwababaranye n'ababoshwe, kandi mwemeye munezerewe kunyagwa ivyo mutunze, mumenya yuko mufise itunga riruta ivyo kuba ryiza, rikamaho. Nuko ntimute ubushizi bg'ubgoba bganyu, buri n'impera ikomeye. Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy' Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.
Kuko hasigaye igihe gito cane, Kand' ugira aze, azoza, ntazoteba.
Ariko, umugororotsi wanje azobeshwaho n'ukwizera, Na ho ni yiyonjorora ntazohimbara umutima wanje. Ariko tweho ntitur' abo mu biyonjorora bagahona, ariko tur' abo mu bizera, ubugingo bgabo bugakizwa.]