Servus Mariae

Servus Mariae Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Servus Mariae, Catholic Church, odranmuhoza5@gmail. com, Bujumbura.

AMASABO YA BIKIRA MARIYA3.Kubera ko yari yasavye Imana kumugumiza mu mwiherero, mu bworo no mu bwifate ruto, Imana yaras...
14/05/2023

AMASABO YA BIKIRA MARIYA
3.Kubera ko yari yasavye Imana kumugumiza mu mwiherero, mu bworo no mu bwifate ruto, Imana yarashatse kumunyegeza mu maso y'abantu nka bose maze ntibamenye iteka yatewe ry'ugusamwa ata gicumuro n'iry'ukuvuka ari Mweranda rwoae, ntibatangarire ubuzima bwiwe n'amabanga yiwe, ntibace n'ikanda ku vyerekeye izuka ryiwe n'ijanwa mw'ijuru ryiwe. N'abavyeyi biwe nyene ntibari bamuzi nka neza , mbere n'abamarayika bama babazanya bati:"mbega urya ni nde ?" Kuko uwo mw'ijuru yabamunyegeje rwose , cabure n'iyo yabamenyeshabimwe bimwe, yaguma abanyegeje ibisumbirije vy'agakura

AMASABO YA BIKIRA MARIYA2.Bikira Mariya yamye yigumira mu mw'iherero akiri hano kw'isi ; n'ico gituma Mutima Mweranda n'...
02/05/2023

AMASABO YA BIKIRA MARIYA
2.Bikira Mariya yamye yigumira mu mw'iherero akiri hano kw'isi ; n'ico gituma Mutima Mweranda n'Ekleziya bamutaziriye "Alma Mater" , ""Muvyeyi atekereza cane''. Yarifata rworo bimwe birangutse gushika mbere aho ata kindi kimushika kunyota atari ukuba intamenyekana mu maso y'abantu ngo amenywe n'Imana yonyene.

AMASEZERANO 15 BIKIRA MARIYA YASHIKIRIJE DOMINIKO MWERANDA NA ALAIN DE LA ROCHE KU BAZOKUNDA KUVUGA IGISABISHO C'IROZALI...
30/04/2023

AMASEZERANO 15 BIKIRA MARIYA YASHIKIRIJE DOMINIKO MWERANDA NA ALAIN DE LA ROCHE KU BAZOKUNDA KUVUGA IGISABISHO C'IROZALI NYERANDA UBUZIMA BWABO BWOSE
9.Nzobohora n'ingonga imitima iri mw'ipurugatori yaherezanya icubahiro i Rozari.
10.Abana ba Bikira Mariya bakunda i Rozari bazoronka ubuninahazwa bunini mw'ijuru
11.Ivyo musabisha Rozari nyeranda muzobironka.
12.Abakundisha Rozali nzobaremesha mu bibaremereye vyose.
13.Umwana yaranshinkirije ko abaremesha umuvukano wa Rozari nzobaremesha mu bibaremereye vyose.
14.Abakunda Rozari badahengeshanya n'abana mfise ku mutima, ni bene wabo ma bashiki ba yezu.
15.Gukunda gushishikara Rozari
n'ikimenyetso c'icese c'ubukiriro.

AMASEZERANO 15 BIKIRA MARIYA YASHIKIRIJE DOMINIKO MWERANDA NA ALAIN DE LA ROCHE KU BAZOKUNDA KUVUGA IGISABISHO C'IROZALI...
30/04/2023

AMASEZERANO 15 BIKIRA MARIYA YASHIKIRIJE DOMINIKO MWERANDA NA ALAIN DE LA ROCHE KU BAZOKUNDA KUVUGA IGISABISHO C'IROZALI NYERANDA UBUZIMA BWABO BWOSE
4.Rozari izotuma umutima wacu ushurika amashurwe y'ingeso nziza n'ibikorwa vyiza maze imitima yacu ibonereho uruhoza rwinshi rw'ikigongwe c'Imana maze ahahora umwina w'ivyisi hasubire umuco w'urukundo w'Imana ibakundisha kwama bahurumbira ivyiza vy'ijuru kandi vy'amaho.Imitima itari mike izoshikira ubweranda iciye kur'ubwo buryo.
5.Uwunyizigiye aciye kw'Irozari ntazotakara.
6.Uwuzovugana icubahiro i Rozari azirikana ivyibukiro, nta kabi kazomuca intenge. Niyaba ar'umucumuzi azohinduka, niyaba ar'intungane azobandanya gutera imbere mu bweranda aherwe n'impera y'ijuru
7.Abakunda i Rozari, mu kiringo c'ugupfa, ijuru rizobaterera agacumu k'ubumwe.
8.abavuga i Rozari bazoronka m'urubu buzima n'igihe co gupfa umuco w'Imana mu mishaha yabo, baronke n'umusesekara w'Inema ziwe, abashikane ku mpera y'ijuru

AMASEZERANO 15 BUKIRA MARIYA YASHIKIRIJE DOMINIKO MWERANDA NA ALAIN DE LA ROCHE KU BAZOKUNDA KUVUGA IGISABISHO C'IROZALI...
30/04/2023

AMASEZERANO 15 BUKIRA MARIYA YASHIKIRIJE DOMINIKO MWERANDA NA ALAIN DE LA ROCHE KU BAZOKUNDA KUVUGA IGISABISHO C'IROZALI NYERANDA UBUZIMA BWABO BWOSE.
1Ndemereye abazovugana icubahiro Rozari,kubakingira icese n'ukubahunda imigisha myinshi
2.Uwuzoshishikara kuvuga Rozari, imigisha ikomoka kur'ico gisabisho izomusaga
3.Rozari izotubera inkizo itananirwa idukingira umuliro udahera,itsinde ingeso mbi, idukize igicumuro yongere idukuremwo ubuhakanyi.

AMASABO NYAYO YA BIKIRA MARIYA1.BIkira Mariya Mweranda rwose niwe Yezu Kristu yaciyeko mu kuza mu bantu, niwe kandi yama...
28/04/2023

AMASABO NYAYO YA BIKIRA MARIYA

1.BIkira Mariya Mweranda rwose niwe Yezu Kristu yaciyeko mu kuza mu bantu, niwe kandi yama acako ngo ashinge Ubwami bwiwe mu bantu nyene

28/04/2023

Twizera tudashidikanya ko Rozari, iyo ikoreshejwe ubwitange itagomba kugirira akamaro umuntu ku giti cye gusa ndetse na sosiyete muri rusange.
- Papa Leo XIII

Address

Odranmuhoza5@gmail. Com
Bujumbura

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Servus Mariae posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share