Intambara Ihambaye Ministries

Intambara Ihambaye Ministries Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Intambara Ihambaye Ministries, Religious organisation, Bujumbura.

Iy'isi yozuyemwo ibisigabwenge,ibibazo ni vyinshi dushobora kwibaza:kuki abantu turwara,kuki abantu tubabara tukagira agahinda,hemwe kuki dupfa?Ikigeretseho kandi dufise Imana idukunda?Ivyo bibazo vyose n'ibindi vyinshi abantu bibazo nivyo ducaho hano.

06/04/2026
05/04/2026

Patiri umbabarire sindabitahura

Isano riri hagati ya Pasika ihimbazwa ubu n’ivyanditswe muri Bibiliya Yera1. IntangamararaMuri iki gihe, abakirisu bensh...
05/04/2026

Isano riri hagati ya Pasika ihimbazwa ubu n’ivyanditswe muri Bibiliya Yera

1. Intangamarara

Muri iki gihe, abakirisu benshi barahimbaza Pasika nk’umusi mukuru uhambaye cane. Ariko ikibazo gihambaye ni iki: iyo Pasika ihimbazwa ubu ifitaniye isano iyihe na Pasika yavugwa mu vyanditswe vyera?

2. Pasika yo mu Isezerano rya kera

Nk’uko tubisoma mu Kuvayo 12:21-28 no mu Balewi 23:5, Pasika y’Uhoraho yahimbazwa ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa Nisani mu kirangamisi c’Abayahudi. Iyo Pasika yari ifise insiguro yo “kujabuka”, aho Imana yakijije Abisirayeli ibakura mu Misiri.

Iyo Pasika kandi yagereranya Yesu Kristo, nk’uko vyanditswe mu 1 Ab’i Korinto 5:7, aho Pawulo avuga ko Kristo ari we Mwagazi w’intama wa Pasika.

3. Ihinduka ry’imihango mu Isezerano rishasha

Yesu, imbere yo kubabazwa, yashizeho umuhango mushasha witwa Ifunguro Ryera (Luka 22:14-19). Uwo ni wo muhango yasavye abayoboke biwe kwama bibuka.

Ariko nta na hamwe mu vyanditswe vyera hagaragaza ko Yesu canke intumwa ziwe bashizeho umusi mukuru wo kuninahaza izuka ryiwe.

4. Inkomoko ya Pasika ihimbazwa ubu

Nk’uko tubikesha Eusèbe de Césarée mu gitabo “Kahise k’Ishengero”, harabaye ukudahuza ku bijanye n’igihe co guhimbaza Pasika.

Mu mwaka wa 325, Inama Nkuru y’i Nikea yarafashe ingingo yo gutunganya iyo tariki. Hashinzwe uburyo bwo guharura Pasika buzwi nka Computus Paschalis.

5. Uburyo bwo guharura Pasika

Pasika ihimbazwa:

mu gihe c’urushana (spring)

inyuma y’ukwezi kwuzuye

ku musi wa mbere (Dimanche)

Ivyo bituma Pasika ishobora gushika mu kwezi kwa gatatu canke kwa kane.

6. Itandukaniro hagati y’amashengero

Amashengero y’i Burengero (Katorika n’Abaporoti) akoresha ikirangamisi ca Gregoriya, mu gihe ay’i Buseruko akoresha ikirangamisi ca Juliyani. Ivyo bituma Pasika idahurirana mu misi.

7. Ikibazo c’ishingiro

Naho Pasika ihimbazwa cane, ikibazo gikomeye gisigara ari iki: Ni hehe mu vyanditswe vyera tubona ibwirizwa risaba abakirisu kuninahaza izuka nk’umusi mukuru?

8. Umwanzuro

Biragaragara ko Pasika ihimbazwa ubu ifise inkomoko mu mateka y’ishengero ry'i Roma, ariko ikibazo c’ishingiro rya Bibiliya kiraguma gihari.

Kubw’ivyo, birakenewe ko abakirisu basubira gusuzuma ivyiyumviro vyabo bisunze Ijambo ry’Imana.

Maranata, Yesu araje!

28/03/2026

Urukundo rwihanganira vyose.Mbe nawe urafise urukundo rwihangana?

28/03/2026

Mbe turabona mu maso y'abansi bacu kw'Imana ar'Urukundo?

Siga inyishu yanyu tuzoyisoma.


28/05/2023

Ni gute womenya ishengero ry’ukuri ?
________________________________________

Hariho ibibazo umuntu wese aba kw’isi kandi afise ubwenge bwiyumvira cane ategerezwa kwibaza rimwe na rimwe bigashobora kumuraza ishinga ndetse akanabura n’amahoro ariko ararondera inyishu yivyo bibazo.Kimwe mur’ivyo bibazo n’ukumenya idini n’ishengero ry’ukuri iryariryo.Hari umurwi w’abantu barajwe ishinga n’ukumenya ishengero ry’ukuri iryariryo uwumurwi ugizwe ahanini n’abantu vyitwa ko badasenga Imana abo twokwita abapani bababifuza kusenga ariko bakaba bagishakisha iryo shengero ry’ukuri.Uwundi murwi n’abibaza ico kibazo maze bagaca bagirako biha inyishu zimwe murizo ni nitwe shengero ry’ukuri canke ishengero ry’ukuri n’umutima w’umuntu canke amashengero yose n’ayukuri ahubwo Imana iraba ivyo ukora ntiyita kuvy’amashengero.
Uwu murwi ugizwe n’abitwa ko bemera Imana.

Ikibazo wokwibaza n’iki mbe ni ngombwa ko turonka inyishu kur’ico kibazo?Mbe amashengero yose n’ayukuri?Mbega Imana irafise ishengero ryayo rimwe kandi ry’ukuri?Tumenye ishengero ry’ukuri n’ikihe kintu twokora?

Ibi bibazo nivyo tuza kugerageza kwishura dukoresheje ivyanditswe vyeranda bibiliya kuko twizera yuko ariho Imana yatangiye inyishu z’ibibazo vyose abantu dufise vyerekeranye nayo.

Reka ubwa mbere na mbere tumanze dutahure ano majambo abiri akunda gukoreshwa kenshi rimwe mu kibanza c’irindi.

Ijambo “Idini” n’ijambo “Ishengero”
______________________________________
Ijambo “Idini” riratandukanye n’ijambo “Ishengero” reka turabe indangurakintu ryayo majambo uko ar’abiri.

Ijambo “Idini” rifise inkomoko mw’ijambo ry’icarabu اﻟدﻴن risomwa ad-din.Iri jambo risobanurwa umurwi w’abantu baba bahujwe n’ukugira ivyizerwa bimwe imigenzo imwe kandi bafise n’igitabo kimwe kirimwo ivyo bizera kandi kuntimatima y’imyizerere yabo baba bafise uwo bakurikira bakemera n’ivyo yavuzeMuzindi ndimi igifaransa canke icongereza bakoresha ijambo “Religion”.
Twobamenyesha yuko hariho amadini menshi kw’isi.
Hariho:
1. Abakristo
2. Abisiramu
3. Abahindu
4. Ababudiste
5. N’ayandi menshi tudashimye kuvuga.

Ijambo “Ishengero” n’ijambo ry’ikirundi rikwije amategeko kera kuri basokuru barikoresha bariko bavuga igugu ry’abantu benshi bakoraniye hamwe.Turamenyeye kumva amajambo nka “ibirori vyitabiriwe n’ishengero ryinshi” “afise ishengero ryinshi rimuri inyuma”.

Tugiye rero muvyiyobokamana iri jambo risigurwa mu buryo bubiri:
1. Inyubakwa abantu bahuriramwo bariko basenga Imana
2. Umurwi wa abantu bafise ivyo bizera bibatandukanya n’abandi.

Itandukaniro ririhagati y’idini n’ishengero nuko idini ari nk’ihuriro ry’amashengero menshi afise ico ahuriyeko.
Akarorero kugira dutahure:Hariho idini rya gikristo rigizwe n’amashengero menshi ariko ahuriye kukuba yizera Yesu kristo nk’Umwami n’Umukiza wabo.

Atagukekeranya rero twovuga yuko idini nyakuri ar’idini ry’ubukristo kubera yuko ariryo ryizera rikongera rigaca mu makanda ya Yesu kristo mugukora ibikorwa vy’ubugiraneza.
“Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y'ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo.”Ivyakozwe n'intumwa 4:12
“Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n'ukuri n'ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.”
Yohana 14:6
“dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg' umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg'intebe y'Imana.”
Abaheburayo 12:2
“Idini itunganye itagira agasembga imbere y'Imana Data wa twese, n'ukuraba impfuvyi n'abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n'ivy' isi.”
Yakobo 1:27
Ivyo twovuga vyerekana kw’idini rya gikristo ariryo ry’ukuri ni vyinshi cane ariko kuko atarivyo twagendereye kwiga reka tugarukirize ngaha.

Muri rero rya dini rya gikristo nkuko twabibonye rigizwe n’amashengero menshi twovuga ayamenyekana cane:

1. Abakatorika(Eglise catholique romaine)
2. Abaglicane(Eglise Anglicane)
3. Abametodiste(Église Méthodiste unie ou libre)
4. Abapentecoste(Eglise pentecôte)
5. Ababatiste(Eglise baptiste)
6. IZEBU
7. Abadventiste(Eglise adventiste du 7è Jour)
8. FECABU
9. IVyabona vya YEHOVA
N’ayandi menshi.

Bivurwa yuko muburundi amashengero yemewe n’amategeko arenga 600.
Tugarutse kukibazo cacu mbega ayo mashengero arenga 600 mu burundi gusa dushizeko n’ayandi menshi cane yo kw’isi yose,mbega yose Yesu arayazi ?Yose n’ayukuri ?
Inyishu ni oya oya oya kuber’iki rero.

Dusoma mw’ijambo ry’Imana ko Imana ifise ifise ishengero ryoyo kw’isi.

Mu majambo ya Paul ariko arasezera ubwanyu abakuru b’ishengero bo muri aziya nto yavuze « Mwirinde ubganyu, muzigame n'ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizemwo, ngo mube abo kubuzezwa, kugira ngo muragire ishengero ry'Imana, iryo yaguze amaraso yayo. »Ivyakozwe n'intumwa 20:28 bitwereka ko Imana ifise ishengero rimwe yaguze amaraso yiwe ahandi paul yongeye kuvuga yuko iryo shengero rimwe ryitegerezwa n’abamalayika bakaryigirako ubwenge. « kugira ngo noneh' abakuru n'abafise ububasha b'ahantu ho mw ijuru bamenyere kw ishengero ubgenge bg'Imana bg'uburyo bginshi, » Abanyefeso 3:10
Ego nivyo ishengero ry’Imana rigizwe n’abantu benshi bafise n’ingabiri zitandukanye ariko bose bagize umubiri umwe.
« Nk'uk' umubiri ar' umwe, ukagira ingingo nyinshi, kand' ingingo z'umubiri zose nah' ari nyinshi ar' umubiri umwe, ni ko na Kristo ari. Kuko muri Mpwemu umwe, twese ari ho twabatijwe ngo tube umubiri umwe, naho boba Abayuda cank' Abagiriki, naho boba abagurano cank' abidegemvya. Kandi twese twanyweshejwe Mpwemu umwe.

Ikirenge covuga, kiti Ko ntar' ikiganza sind' uwo ku mubiri; ivyo ntivyotuma kitaba ico ku mubiri. »
1 Ab'i Korinto 12:12-13, 15
Aba bantu bagize umubiri umwe birashoboka ko baba mu bibanza no muturere dutandukanye nico gituma rimwe na rimwe ubwo baba bariko baravuga umurwi w’abizera bo mu karere runaka baryita ishengero ry’Imana bagaca bongerako ikibanza caho yahantu.

« turabandikiye mwebge abo mw ishengero ry'Imana ry'i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bahamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry'Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n'uwacu. »
1 Ab'i Korinto 1:2
« Kand' iki cete ni mwaheza kugisomerwa, muze mwitwaririke ko gisomerwa ishengero ry'i Lawodikiya; kandi namwe muze musome ikizova i Lawodikiya nyene. »
Ab'i Kolosayi 4:16
« Ishengero ry'i Babuloni ry'abatoranijwe nkamwe rirabatasha, bo na Mariko, umwana wanje. »
1 Petero 5:13
Ariko ayo mashengero nubwo abari mu bibanza bitandukanya yitwa Ishengero rimwe ry’Imana.Abakorera hamwe abafise ivyizerwa bimwe ikirushirije nuko abo mukarere kamwe barifadikanya n’abo mu kandi karere muvyiza no mu bibi.

« Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk'uko nageze amashengero y'i Galatiya, abe ari ko namwe mukora. Ku wa mbere wose w'imisi ndwi, umuntu wese muri mwebge abike i we ibimuhaye uburyo, nk'ukw atunze, kugira ngw aho nzozira ntihabe ari ho amashikanwa azokoranirizwa. Kand' aho nzoshikira, abo muzoshima, nzobatuma mbahaye ivyete, kugira ngo bajane ivy' ubuntu bganyu i Yerusalemu.»
1 Ab'i Korinto 16:1-3

Iri shengero ry’Imana rero niryo Yesu ahamagarira yuko abantu bose bamwe mera bategerezwa kubamwo maze bagasiga amashengero yandi amwitirirwa.

Nk’uko rero duhejeje kubona ko hariho Ishengero rimwe gusa ryemerwa n’Imana biragaragara yuko ayandi mashengero atariryo abamashengero y’ivyitiriro.

Uwavugishwa n’Imana Yesaya niwe yigeze kwerekwa ivyayo mashengero y’ivyitiriro ayagereranije n’abigeme indwi. « Uwo musi » ivyugo yerekeza mu misi y’iherezo « abakobga ndwi bazofata umugabo umwe, bamubgire, bati Tuzokwirira ivyo kurya vyacu, tuzokwiyambika impuzu zacu: kimwe gusa, uduhe kukwitirirwa izina ryawe, nawe uduteturure. »Yesaya 4:1

Iyi mvugo y’ibigereranyo yakoreshejwe twoyitahura dukoresheje bibiliya ikayidusobanurira.Muri bibiliya rimwe na rimwe na cane cane muvyubuhanuzi umugore canke umukobwa agereranwa n’ishengero . « Mbafuhira ifuhe ryo kubg'Imana, kuko nabahaye umugabo umwe, ni we Kristo, ngo ndabamushingire mumeze nk'inkumi itunganye. »2 Ab'i Korinto 11:2 hano paul yagereranije ishengero n’inkumi hama Yesu amugereranya nk’umukwe.
Irindi somo « Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen' ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w'Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y'isi yose. Kuko jewe Uhoraho nguhamagaye nk'umugore w'intabga afise intuntu mu mutima, ngucuye nk'umugore wo mu bucance yari yarirukanywe, ni jewe Imana yawe mbivuze. »

Yesaya 54:5-6
Kubwivyo ababakobwa indwi bavurwa bagereranya amashengero yo mugihe c’iherezo akakajombo indwi gasigura igiharuro gish*tse canke cuzuye bisigurango n’amashengero yose hano ariko aravurwa havuyemwo ishengero rimwe gusa twabonye ryitwa ishengero ry’Imana.Ibifungurwa bazokwigaburira bigereranya n’ijambo kuko muri bibiliya ijambo ry’Imana rigereranwa n’ingaburo . « Amajambo yawe yarabonetse, ndayarya; kand' amajambo yawe yambereye akanyamuneza n'ibihimbaro vy'umutima wanje: kuko nitiriwe izina ryawe, Uhoraho Mana Nyen' ingabo. »Yeremiya 15:16
Imyamboro nayo igereranwa n’ubugororotsi mubusobanuro bwa bibiliya « Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y'agakiza, akansesa hejuru umutamana w'ubugororotsi, nk'uk' umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk'uk' umugeni ashazisha utugenegene twiwe. »Yesaya 61:10

Kubwivyo tubona yuko mu misi y’iherezo amashengero azobari menshi mu kuba menshi kwayo azogeragezwa kurondera kwitirirwa Yesu we mugabo umwe ariko agasaba Yesu ko atarota yemera inyigisho n’ijambo ryiwe ahubwo ko ivyo bazokwigisha bazomenya iyo babikura kandi azongera bamusabe ko batanakeneye n’ubugororotsi bwiwe ico bakeneye gusa n’ukwitwa abakristo gusa nico gituma idini rya gikristo niryo rifise amashengero canke imirwi myinshi irigize.

Igitandukanya ayo mashengero n’Ishengero ry’Imana nuko ishengero ry’Imana ryoryo bibiliya utubwira ko ryishimikirije ku kuri « ariko ni naba ngitevye n'ukugira ng' uz' umenye uko bikwiye kugenzwa mu ngoro y'Imana, ni yo shengero ry'Imana nzima, vyongeye ni yo nkingi ishigikiye ukuri.»1 Timoteyo 3:15
Ishengero ry’Imana rero niryo risigaye ryonye kenena kandi ryishigikiza ukuri mugihe ayandi mashengero yoyo yataye ukuri.
Ikibazo n’ubu kigisigaye n’iki iryo Shengero nirihe ?

Bibiliya itubwira yuko ishengero rizosigara ryubamye kukuri azoba ar’ishengero rifise ibibintu bikurikira :
1. Ivyagezwe n’Imana(vyose kwari cumi)
2. Kwizera Yesu
3. Ibishingira Yesu intahe(Mpwemu w’ubuvugishwa)
« Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirigira ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n'Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe. »Ivyahishuriwe Yohana 12:17
« Aho ni ho ukwihangana kw'abera guserukira, bitondera ivyagezwe n'Imana n'ukwizera Yesu. »Ivyahishuriwe Yohana 14:12
Kubwivyo rero ishengero uzobona bemera ivyagezwe cumi vyose harimwo n’ici sabato ico amashengero menshi yirengagiza maze bakongera bakizera Yesu bagatako bakagira mpwemu w’ubuhanuzi,iryo azoba ar’ishengero ry’ukuri.

Ico Yesu arindiriye ino musi n’abantu biwe batataniye hirya y’ishengero ryiwe kubera ukutamenye ariko arabahamagara bamaze kumenya ukuri kugirango basige amashengero yose yataye ukwera akirengagiza ivyagezwe vyiwe ko yokwifatanya n’ishengero ryiwe.Yesu yavuze ati: «Kandi mfise n'izindi ntama zitar' izo mur' uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe(ishengero) n'umwungere umwe.
» Yohana 10:16

21/05/2023

INKOMOKO YA KURE Y'ISHENGERO RY'ABADVENTISTE B'UMUSI W'INDWI.
________________________________________

Ishengero ry'abadventiste b'umusi ugira indwi rifise inkomoko yaryo ya kure cane irengeye iyo benshi bibaza ko bazi.

Inkomoko y'ishengero ry'abadventiste b'umusi w'indwi rifise imizi ishoka kure cane gose.

Mbere yuko dushobora gutahura ivyo reka tumanze turabe amajambo abiri nyamukuru agize iri zina "abadventiste b'umusi w' indwi".

1.Ijambo "adventiste" rivuye mw'ijambo ry'ikiratini "adventus" iryo niryo rikomokako ijambo "advent" mu congereza n'ijambo "advenir" mu gifaransa.Iri jambo "adventus" barikoresha mu bwami bwa Roma ya kera igihe Umwami w'abami yabagomba kuza mu gisagara ca Roma mu birori canke umusi mukuru canke mu yindi mihango.Iri jambo rero mu kirundi risigurwa "kuza".

2."Umusi w'indwi":muri bibiliya tuhasanga inkuru ivuga ivy'irema mu gitabo ca mbere(Itang 1:1-31,2:2-3) tuhabona ko Imana ubwoyo kwariyo ubwoya yatondekesheje imisi igize indwi gukera ku musi wa mbere gushika ku musi ugira indwi.Mu gitabo ca kuvayo niho hatubwira izina ridasanzwe ryahawe umusi umwe muri ya misi indwi.Iryo zina n'Isabato ryiswe gusa umusi w'indwi(Kuvayo 20:8-11).

Gutahura ivyo biduha uburengazira bwo kuvugako inkomoko y'ishengero ry'abadventiste iva nyuma gato ya k***a ku muntu.Igihe adamu n'eva barya kugiti Imana yari yarababujije barirukanwe mw'itongo rya edeni maze bagenda hanze ya edeni.Tubona ko hariho ibintu bibiri Adamu yakuye muri Edeni: ica mbere n'ubugeni(Itang 1:28) ica kabiri n'ikiruhuko gishika k'umusi ugira indwi ariwo twabonye witwa isabato(Itang 2:2-3).
Hambavu yivyo bibiliya itubwira bakuyeyo kandi isezerano ribaha ivyizigiro ko umusi ur'izina bazoronka umucunguzi akaba ari nawe azotuma basubira kuba mur'iryo tongo ryiza bakunda cane(Itang 3:15).Adamu n'Eva hamwe n'abakurambere bakera babayeho biteze kuza kuwo mucunguzi(Luka 2:25-26).
Mu gitabo ca daniyeli uwo mucunguzi yiswe Mesiya segaba(Dan9:25) ,mugitabo ca yesaya yiswe "emaneri"(Yes7:14) ,Yeremiya yamise "Shami rya David"(Yer 23:6).Uwo abakurambere bose bipfuza kumubona nuko yoza mu gihe cabo.Mesiya ubwiwe yabwiye abayuda bataha agaciro kuba babayeho mu gihe ciwe abamenyesha uburyo aburahamu yipfuje kumubona no kubaho mugihe ciwe.(Yoh8:56).

Rero kuva mu gihe ca Adamu gushika mu gihe ca Yohana umubatizi twovuga ko bari bagize Ishengero ry'adventist b'umusi w'indwi kuko ryar'ishengero riroreye "Kuza"=adventus k'umucunguzi ubwa mbere kandi bakaba barubahiriza bakongera bakanaruhuka umusi w'indwi witwa isabato.(Luka 4:16).

Twomenya kandi tugatahura yuko ivyizigiro hamwe n'idini vyari vyubakiye kur'uko "kuza" k'umucunguzi ariko kandi bakama baterana intenge n'ivyizigiro ku musi ugira indwi witwa isabato.

Nyuma y'urupfu rwa Mesiya Segaba mu 31 ap.jc turazi ko yazutse maze araduga mw'ijuru. Mu kuduga mw'ijuru yasize atanze isezerano ryuko azogaruka (Yoh 14:1-3).
Iri sezerano ryo kuza kwa 2 kwa Mesiya segaba nico cahindutse urufatiro rw'ivyizigiro kw'abakurikiye Yesu.
Petero,Yohana,Yakobo, Pawulo n'abandi ntakindi bari bafise kibahoza usivye ukuza kwa kabiri kwa Yesu.Pawulo we yizera ubwa mbere ko Yesu azoza mugihe ciwe(1Tes 4:13-16).Nubwo munyuma ivyo vyizigiro vyagiye birayoyoka ariko yapfuye afise ivyizigiro k'umusi ur'izina Yesu azogaruka(2Temoteyo 4:7-8).

Tubona kandi ko izintumwa zari zirorereye ukuza kwa Yesu kristo ko zararuhuka umusi ugira indwi witwa isabato (Ivyakozw 13:13-14,44;17:3)

Twovuga yuko n'intumwa za Yesu nazo hamwe n'abakristo ba mbere bar'adventiste b'umusi w'indwi kuko bari baroreye "kuza" kwa Yesu kwa kabiri kandi bakaba bararuhuka umusi ugira indwi.

Mu vy'iyobokamana n'ivy'ubumenyi haraciyeho igihe muri kahise ciswe igihe c'umwiza.Mu vyiyobokamana ico gihe cabayeho guhera mu 538 Ap Jc gushika 1798 Ap jc.Mur'ico kiringo ishengero rya kristo ryarasubiye inyuma cane.Imigirwa n'imigezo vy'abakristo bo hambere barakuweho.Ivyagezwe vy'Imana vyarateshejwe agaciro,bibiliya ntiyar'ikiri igitabo co gusoma,imigenzo yagipagani yahora itinywa cane kera hose yahawe ikaze mw'ishengero.Ico gihe nico uwavugishwa n'Imana daniyeli yari yareretswe mu mayerekwa aho yabonye ukuri gusiribangwa maze hakabaho ubwami bukora ivyo bwigombeye(Dan 8:1-14).Yohana ipatimo we yabibonye nk'igisagara cera gisiribarwa(Ivyah 11:2).Mur'ico kigereranyo c'inyubakwa twovuga yuko igisagara cera casenyuwe gushika kumishenge yaco yari igifashe.Ishengero ry'ukuri ntiryariho mubryo bugaragara,ivyizigiro vyo kuza kwa Yesu vyari vyarayoyotse mu masinzi yabapfa bapfiriye muvyaha.Isabato y'Imana ntiyar'icubahirizwa na benshi.Twovugango ishengero ry'abadventiste b'umusi w'indwi ntiryari rikiriho.

Ariko abahanuzi bompi(Daniyeli na Yohana) bari bareretswe ko ikiringo c'umwijima kizogira iherezo.Imana ishimwe cane vyagenze uko.
Nk'uko iyo intambara iteye harabaho igihe co kubomora ariko iyo intambara iheze harabaho igihe c'ugusanura.Nk'uko Daniyeli yari yaravyeretswe ko igihe co gusanura kizoba nyuma y'imisi 2300(Dan 8:14) biragaragara yuko iyi misi itar'imisi isanzwe ahubwo yari imyaka nkuko ijambo ry'Imana rikunda kugereranya Umusi n'umwaka(Ezek 4:6).Iyi myaka twisunze ivyo daniyeli yeretswe muri (Dan 9:25) bigaragara ko yatanguye mu 457 av.jc maze igenda kurangira mu 1844.Mur'uwo mwaka niho tubona gusubira gusanurwa kwayanyubakwa yasambuwe.Yesaya we yavyeretse yuko abazokora ico gikorwa bazoba bariko barasubira kubakwa ahar'imisaka(yazanye n'igihe c'umwiza)(Yesaya 58:12).Yongeyeko ko bazokubaka k'umatanguriro yahozeho.Ibi bigaragaza kongira kubaho kw'ishengero rifise ivyizigiro vyo kuza kwa Yesu ubwa kabiri kandi baruhuka k'umusi ugira indwi.

Nyuma yo gucika intege mu 1844 uwo murwi warabayeho wa bantu atakindi bari bateze ko amakiriro atari kuza kwa Yesu kwa kabiri hama munyuma baratahuye yuko abarindiriye Yesu mw'isezerano rya kera na rishasha baruhuka k'umusi w'indwi.Vyabaye ngumbwa ko nabo batangura kuruhuka kur'uwo musi ugira indwi.

Mu mwaka 1860 itari 1 niho uwo murwi wiyise izina rifataniriza hamwe vyabintu bibiri vyaranze ishengero ry'Imana guhera mw'isezerano rya kera:"kuza canke kugaruka" hamwe "umusi w'indwi".Niho yavuye izina kuncuro ya mbere ry'abadventiste b'umusi w'indwi.

Mu mwaka 1863 itari 21 z'ukwagatanu niho uwo murwi wemererwa gukorera kumugaragaro n'amategeko ya leta kuko ijambo ry'Imana ridusaba kubaha abaganza(Abaroma 13:1).

Ino musi ishengero ry'abadventiste b'umusi w'indwi riri mubihugu nka vyose.

Mukurangiza twobamenyesha yuko kuva kuri Adamu gushika 1860 ishengero ry'Imana ritari rifise iryo zina ry'abadventiste b'umusi w'indwi muburyo bw'inyuguti ariko bari barifise mu kamere kabo ariko kurore "kuza" kwa Mesiya n'ukuruhuka "umusi w'indwi(isabato)".

Twurabinginga musagize abandi.
Ifise ikibazo twandikire kuri 68 07 21 05 Itangishaka John Esterique

Maranatha maranatha maranatha!

18/09/2022

Turabinginze muntumbero yo kudutera umwete mu kunde/j'aimes/like iyi page mwongere musangize n'abandi.
Turabashimiye kukigoro kanyu.

Address

Bujumbura

Telephone

+25768072105

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Intambara Ihambaye Ministries posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Share