28/02/2022
Culte dominical du 27/02/2022.
Imisa yo kuwa 27/02/2022
____________________________________
ivyakozwe n'Intumwa 28:3-6
Umusiguzi : Pst Emmanuel
3.Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w'inkwi, arazikomanya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko.
4. abo badebaguzi babonye ico gikoko cenena ku kuboko kwiwe, baravuga bat' Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi ; kandi naho yakize ikiyaga , Idaca urwankunzi ntimukundiye kwabaho.
5.Arikw akunkumurira ico gikoko mu muriro, ntiyagira ic'aba.
6. Ba bandi barereka kw'avyimba, canke kw'agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye , barahindura, bati N'Imana.
Iyindwi dutanguye, Ndagusabiye Gukunkumura ivya kwizingiriyeko gukoroka mw'Izina rya Yesu KRISTO. Abagutez'imisi bitezeko bakubona umaramaye, upfuye, ko bokorwa n'isoni bagaruke bavuga ngo twaragusengeye.
.