10/01/2026
INSIGIRO YA SATANU Y'ISABATO Y'UWA 10/1/2026.
Umuvugabutumwa : ISINTIHEZWA Melanie
Umwe w'icirwa : TWAGEZWE GUKUND'ABANSI BACU( KUND'UMWANSI WAWE)
Indirimbo: 24. NI TWIGUMANIRE
I need thee every hour
Amasomo Y'urufatiro :
- Luka 6:27-28
- Matayo 5: 43-
-1 Samweli 24:1- ; 26:1-
- Abaroma 12:17-
-
Turazu ko Umwansi wacu Duhuriyeko ari Satani ariko kandi,aho Tugenda Tubaye,Turafis'Abansi Bacu mber'Akugumyeko Agashobora n'Ukukwica.Umwansi Yaguhaguru'iye ariko Turi m'uruhande rw'Imana,ntaco Dushobora kuba kuk'Iman'Igend'Idusimbutsa mpaka Dutsinz'Umwansi Bagenzi.
Tub'agahore rero kumw'Iman'Ikund'Ababi n'Abeza,
Ikaduh'imvura maze Twese Tukarima kandi Tukeza k'urugero rumwe.Natwe Turarikigwa Kumeny'ukwo Tugenderez'Abansi Bacu m'Ukubagirira neza gutyo bikabaha Guhindugwa n'Ukubakayanganira Tukabereka ko Twese Fuhamagarigwa Kub'Abana b'Isumba vyose. Dukund'Abansi Bacu,
Twese Turafis'Abansi ariko Turarikigwa Kubakunda kandi Tubasabire,Bahinduke gose,impera zacu zizoba nyinshi,Tugir'Imbabazi Bagenzi,Iman'Ifitiy'imbabaz'Abantu Bose.
Bagiz'ingorane,Tubasange m'Ukubaremesha,Ntitwihorane kuko Uguhor'ar'ukw'Imana Bagenzi. Turundek'amakara kumitw'Abansi Bacu,Tumere nk'Aba Kirisitu gutyo Dutandukane nk'Abatamenya Yesu maze intambwe kuyindi Tugaragarir'ivyiz'imbere y'Abantu Bose Bagenzi.
Uy'umunsi,
Twigire kubirenge vya Kirisitu ko Yasabiy'Abamugiriye nabi maze Twuzure n'Abantu Bose maze Dutebuts'Ukugaruka k'Umukiza. Amen
Inkomoko : Eglise Advantiste du Septieme jour de Bumbiri